YouVersion Logo
تلاش

Luka 9

9
Yesu atuma abigishwa cumi na babiri kwigisha
1 # Mat 10:1, 7, 9-14; Mrk 6:7-13. Akoranya bamwe cumi na babiri, abaha ubushobozi n’ububasha ku badayimoni bose no gukiza indwara. 2Abatuma kubarira abantu ivy’ ubgami bg’Imana, no gukiza abarwaye: 3arababarira, ati Ntimugire ico mujana ku nzira, ar’inkoni cank’ isaho, cank’ impamba, cank’ amahera: kandi ntimugire amapfundo abiri. 4#Luk 10:5-7.Kand’ inzu yose muzokwinjiramwo, abe ari yo mugumamwo, kugeza aho muzovira aho hantu. 5#Luk 10:11.Abazokwanka bose kubākīra, mukiva mur’ ico gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona. 6Baragenda, bagendagenda mu mihana, bavuga ubutumwa bgiza, bakiriza abarwaye hose.
Herode azazanirwa n’ivya Yesu
7 # Mat 14:1, 2; Mrk 6:14-16. Maz’ umwami Herode, yumvise ivyābaye vyose, arazazanirwa, kuko bamwe bāvuga, bati Yohana yazutse mu bapfuye; 8abandi bati Ni Eliya yiseruye; abandi bati N’umwe mu bāvugishwa n’Imana ba kera yazutse. 9#Luk 23:8.Herode aravuga, ati Yohana ni jewe namwiciriye izosi; mbeg’ uwo ni nde, numvakw ibimeze birtyo? Arondera uko yomubona.
Yesu ahāza abantu ibihumbi bitanu
10 # Mat 14:13-21; Mrk 6:30-44; Yoh 6:1-13. Za ntumwa zigarutse zidondera Yesu ivyo zākoze vyose. Arabajana, abīhererana mu gisagara citwa Betsayida. 11Maz’ ishengero ribimenye riramukurikira: arabākīra, ababgira ivy’ ubgami bg’Imana, kand’ abāgomba kuvūrwa arabakiza. 12Umusi ukuze, bamwe cumi na babiri baramwēgēra, bati Sezera abantu, baje mu mihana no mu misozi impande zose bāke indāro, baronke ivyo kurya, kuko hano turi mu gahinga. 13Arababarira, ati Mube ari mwebge mubagaburira. Baramubgira, bati Nta kindi dufise, atar’ udutsima dutanu n’udufi tubiri, shiti tugiye gusumira aba bantu bose. 14Kuko bār’ abagabo nk’ibihumbi bitanu. Abarira abigishwa biwe, ati Ni mubicarike bīcīye intēko z’abantu nka mirongwitanu‐mirongwitanu. 15Babigira bartyo, barabīcarika bose. 16Yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira, arabimanyagura, abiha abigishwa ngo babishire imbere y’abantu. 17#2 Abam 4:44.Bararya, barahāga bose, batororokanya utumanyagu tw’ imisigazwa, twuzura ibisimbo cumi na bibiri.
Petero ashinga intahe yuko Yesu ari Kristo
18 # Mat 16:13-28; Mrk 8:27—9:1. Maze yarikw arasenga yiherereye, abigishwa biwe bāri kumwe na we; arababaza, at’ Abantu bagira ngo ndi nde? 19#Luk 9:7.Baramwishura, bati Bagira ng’ uri Yohana Umubatizi; abandi ng’ uri Eliya; abandi ng’ ur’ umwe mu bāvugishwa n’Imana ba kera yazutse. 20#Yoh 6:69.Arababaza, at’ Ariko mweho mugira ngo ndi nde? Petero aramwishura, at’ Uri Kristo w’Imana. 21Arabihanikiriza, ababarira kutagira umuntu babgira ivyo; 22#Luk 9:44; 18:32, 33.at’ Umwana w’umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bginshi, no kuzokwankwa n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.
Ugukurikira Yesu mu nzira y’umusaraba
23Abgira bose, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe uko bukeye, ankurikire. 24#Luk 17:33; Mat 10:39; Yoh 12:25.Kuk’ ūgomba gukiza ubugingo bgiwe azobubura; arik’ ūzoheba ubugingo bgiwe kubganje azobukiza. 25Kand’ umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose, ni yabura ubugingo bgiwe, canke ni yabgakwa kw icīru? 26#Mat 10:33.Kuk’ umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’ azozira afise ubgiza bgiwe n’ubga Se n’ubg’ abamarayika bera. 27Ariko ndababgire ukuri: Mur’ aba bahagaze hano, harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera ubgami bg’Imana.
Ugukayangana kwa Yesu
28 # Mat 17:1-9; Mrk 9:2-9. Hanyuma y’ayo majambo, hashize imisi nka munani, ajana Petero na Yohana na Yakobo, adūga igisozi, aja gusenga. 29Arikw arasenga, ishusho yo mu maso hiwe ihinduka ukundi, imyambaro yiwe yera derere, irakayangana. 30Abagabo babiri bavugana na we, yari Mose na Eliya, 31#Luk 9:22.baboneka bafise ubgiza, bavuga ivyo kuzotāmbūra kwiwe, agira anonosorere i Yerusalemu. 32#2 Pet 1:16-18; Yoh 1:14.Petero n’abāri kumwe na we bāri baremerewe n’itiro, bikanguye rwose babona ubgiza bgiwe na ba bagabo babiri bahagararanye na we. 33Bagira batandukane na we, Petero abgira Yesu, ati Mwigisha, bitubereye vyiza ko turi hano; nuko duce insago zitatu, rumwe rwawe, urundi rwa Mose, urundi rwa Eliya. Ntiyar’ azi ico avuga. 34Akibivuga, igicu c’igipfungu kiraza, kibatera igitūtu; ico gipfungu kikibashikako, baratinya. 35#Luk 3:22.Ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje natoranije, ni mumwumve. 36Iryo jwi rishize, Yesu aboneka ar’ umwe. Barabihora, ntihāgira umuntu mur’ iyo misi babgira na kimwe mu vyo bābonye.
Yesu akiza umuhungu arwaye intandara
37 # Mat 17:14-23; Mrk 9:14-32. Bukeye bg’aho bamanutse ico gisozi, ishengero ryinshi riramusanganira. 38Kand’ umugabo wo muri bo avuga n’ijwi rirenga, ati Mwigisha ndakwinginze, ndābira umwana, kuko namuvyaye ar’ ikinege, 39kandi har’ impwemu imufata, agatura akaborogo, ikamujegeza, akabimba ifuro, kand’ ihejeje kumukungagura ikagora cane kumuvamwo. 40Nanje ninginze abigishwa bawe kuyisenda, irabananira. 41Yesu arishura, ati Yemwe ab’iki gihe mutizera b’ibidambidambi, nzogeza ryari kubana namwe no kubihanganira? Zana hano umwana wawe. 42#Luk 7:15.Arikw araza, dayimoni amutūra hasi, aramujegeza cane; Yesu akankamira iyo mpwemu ihumanye, akiza uwo muhungu, amusubiza se. 43Bose batangazwa n’icubahiro gihambaye c’Imana.
Yesu avuga urupfu rwiwe
Ariko bose bagitangarira ivyo yakoze vyose, abarira abigishwa biwe, 44#Luk 9:22.ati Mushire aya majambo mu matwi yanyu: Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu. 45#Luk 18:34; Mrk 9:32.Bayoberwa iryo jambo, kandi bararihishwa ngo ntibarimenye, batinya kurimubaza iry’ ari ryo.
Yesu ahana abigishwa biwe ngo ntibarwanire ubukuru
46 # Mat 18:1-5; Mrk 9:33-40. Kandi havyuka ibihāri muri bo, vy’umukuru wabo uw’ ari we. 47Ariko Yesu abonye ivyo bihāri vyo mu mitima yabo, yābīra akana, agahagarika i ruhande yiwe, 48#Mat 10:40.arababgira, at’ Ūzokwākīra aka kana mw izina ryanje, azoba anyakiriye; kand’ ūnyakīra aba yākiriye uwantumye: kuk’ umuto muri mwebge hanyuma ya mwese ari we mukuru.
Yesu yihaniza Yohana
49Yohana aramwishura, ati Mwigisha, twabonye umuntu asenda abadayimoni mw izina ryawe, turamubuza, kukw atadukurikira. 50#Luk 11:23; Flp 1:18.Yesu aramubgira, ati Ntimumubuze, kuk’ ūtar’ umwansi wanyu ari mu ruhande rwanyu.
Abasamariya bima Yesu indāro
51 # Mrk 10:32; Yoh 7:1. Maz’ imisi yiwe yo kudūzwa mw ijuru igira ishike, yerekeza i Yerusalemu amaramaje kujayo, 52#Yoh 4:4.atuma integuza imbere yiwe. Ziragenda, zija mu mihana y’Abasamariya kumuteguriza. 53#Yoh 4:9.Ntibāmwākīra, kuko yerekeje i Yerusalemu. 54#2 Abam 1:10, 12.Abigishwa biwe Yakobo na Yohana, babibonye, baramubaza, bati Mugenzi, ugomba ko tubarira umuriro ng’ utibuke uve mw ijuru, ubayigize, nk’uko Eliya yakoze? 55Maz’ arahindukira, arabakankamira, at’ Erega ntimuzi umutima wanyu uk’ usa; kuk’ Umwana w’umuntu ataje guhonnya ubugingo bg’abantu, ariko yaje kubukiza. 56Nuko baja mu yindi mihana.
Gukurikira Yesu
57 # Mat 8:19-22. Bariko baragenda mu nzira, umuntu aramubgira, ati Ndagukurikira ah’ uja hose. 58Yesu aramubgira, at’ Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyāri; arik’ Umwana w’umuntu we ntagira ah’ arambika umusaya. 59Maz’ abarira uwundi muntu, ati Nkurikira. Na we, ati Mugenzi, banza undekure ngende mpambe data. 60Ariko Yesu aramubarira, ati Reka abāpfuye bahambe abāpfuye babo, ariko weho genda, ukwize ivy’ ubgami bg’Imana. 61#1 Abam 19:20.Uwundi muntu aramubgira, ati Mugenzi, ndagukurikira, ariko banza undekure, nje gusezera abo mu rugo i wanje. 62Ariko Yesu aramubgira, ati Nta muntu afashe isuka irimishwa n’inka, arāba inyuma, abereye ubgami bg’Imana.

موجودہ انتخاب:

Luka 9: RUN1967

سرخی

شئیر

کاپی

None

کیا آپ جاہتے ہیں کہ آپ کی سرکیاں آپ کی devices پر محفوظ ہوں؟ Sign up or sign in