YouVersion Logo
تلاش

Luka 24

24
Kuzuka kwa Yesu
1 # Mat 28:1-8; Mrk 16:1-8; Yoh 20:1-13. Ku wa mbere w’imisi ndwi kare mu mutwenzi baja kuri ya mva, bajanye vya bimota neza bāteguye. 2Basanga ikibuye gitembagajwe kivuye ku mva; 3binjirayo ntibāsangamw’ ikiziga c’Umwami Yesu. 4Ivyo bikibazazaniye, abagabo babiri bahagarara i ruhande yabo, bambaye impuzu zikayangana. 5Bagitinye, bunamitse amaso hasi, barababaza, bati N’iki gitumye muronderera ūriho, ahantu h’abāpfūye? 6Ntari hano, ariko yāzutse. Mwibuke uko yababgiye, akir’ i Galilaya, 7#Mat 17:22, 23.at’ Umwana w’umuntu akwiye gushirwa mu maboko y’abanyavyaha, no kubambga, no kuzuka ku musi ugira gatatu. 8Bibuka ya majambo yiwe, 9bava mu mva, basubira inyuma, ivyo vyose babibarira bamwe cumi n’umwe n’abandi bose. 10#Luk 8:2, 3.Abo bagore ni Mariya Magadalene na Yowana na Mariya nyina wa Yakobo: kandi n’abandi bagore bāri kumwe na bo, babarira intumwa ivyo. 11Ayo majambo ababera nk’umuyaga, ntibābemera. 12Ariko Petero ava hasi, yirukira ku mva, arunama, arungurukamwo, abona impuzu zera ziri zonyene: asubira i we, atangajwe n’ibibaye.
Yesu yiyerekera abigishwa babiri mu nzira ija Emawusi
13 # Mrk 16:12, 13. Uwo musi nyene babiri muri bo bari mu nzira baja mu mihana ahītwa Emawusi, ni kure y’i Yerusalemu nk’urugendo rwa stadiyo mirongwitandatu,#24:13 stadiyo 60 ni nk’ibilometero 11. 14bavugana ivyabaye vyose. 15#Mat 18:20.Bakivugana babazanya, Yesu ubgiwe arabēgēra, ajana na bo. 16Arikw amaso yabo atabgamw’ uruhuni ngo ntibamumenye. 17Arababaza, ati Mbeg’ ivyo mugenda murabazanya n’ibiki? Barahagarara, bijiriwe. 18Umwe muri bo yitwa Kileyopa aramwishura, ati Mbega ni wewe gusa watse indāro i Yerusalemu, utazi ivyabayeyo mur’ iyi misi? 19#Mat 21:11.Arababaza, ati N’ibiki? Baramwishura, bati N’ivya Yesu Umunyanazareti, yar’ umuntu avugishwa n’Imana, akaba umunyabushobozi bginshi mu vyo yakora no mu vyo yavuga, imbere y’Imana n’imbere y’abantu bose: 20n’ivy’ ukw abaherezi bakuru n’abashingantahe bacu bāmutanze ngw acirwe urubanza rwo gupfa, bakamubamba. 21#Luk 1:68; 2:38; 19:11; Ivyak 1:6.Kandi twari twishimiye yukw ari we azocungura Abisirayeli. Kand’ ikigeretseko, uyu n’umusi ugira gatatu uhereye ah’ ivyo vyabereye. 22#Luk 24:1-11.Kandi n’abagore bo muri twebge badutangaje, bazindutse baja ku mva; 23babuze ikiziga ciwe, baraza batubarira yukw abamarayika babiyeretse bavuga yukw ariho. 24#Luk 24:12; Yoh 20:3-10.Kandi na bamwe mu bari kumwe natwe bagiye ku mva basanga ari ko biri, ukw abo bagore batubariye; ariko we ntibamubona. 25Arababgira, ati Yemwe mwa mburabgenge, imitima yanyu itevye cane kwizera ivyo abāvugishwa n’Imana bāvuze vyose! 26Mbega Kristo ntiyar’ akwiye kubabazwa artyo ngw abone kuja mu bgiza bgiwe? 27#Gus 18:15; Zab 22:1-21; Yes 53:1-12.Atangurira kuri Mose no ku bāvugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.
28Bashitse hafi y’umuhana bajako, amera nk’ūgomba kuwurēngāna. 29Baramugōbēra, bati Gumana natwe, kuko bugira bgire kand’ umusi ukuze cane. Arinjira ngw agumane na bo. 30#Luk 22:19.Yicaye ngw asangire na bo, yābīra umutsima, arawuhezagira, arawumanyagura, arawubaha. 31Uruhuni rubava ku maso, baramumenya: maz’ arakamangana, ntibāba bakimubona. 32Baravugana, bati Mbeg’ imitima yacu ko yarikw iragurugumba, aho yarikw aravugana natwe mu nzira, aduhishurira ivyanditswe! 33Ako kanya barīkora, basubira i Yerusalemu, basanga bamwe cumi n’umwe bakoranye, bo n’abāri kumwe na bo, 34#1 Kor 15:4, 5.kandi bavuga, bati N’ukuri Umwami Yesu yāzutse, kandi yabonywe na Simoni. 35Na bo babadondera vya bindi vyo mu nzira, kandi yuko bamumenyeshejwe n’uko yamanyaguye umutsima.
Yesu yiyereka abigishwa biwe
36 # Mrk 16:14-18; Yoh 20:19-23; 1 Kor 15:5. Bariko baravuga ivyo, Yesu ubgiwe ahagarara hagati muri bo, arababgira, at’ Amahoro abe muri mwebge. 37#Mat 14:26.Ariko bafatwa n’ubgoba bacika ivutu, bagira ngo n’umuzimu babonye. 38Arababaza, at’ Ikibahagaritse imitima n’iki? Kandi n’iki gitumye mubūranisha imitima? 39Ni murābe ibiganza vyanje n’ibirenge vyanje, mumenye kw ari jewe ubganje: ni munkorakore, murābe, kuk’ umuzimu utagira inyama n’amagufa, nk’ivyo mumbonana. 40Avuze ivyo, abereka ibiganza vyiwe n’ibirenge. 41#Yoh 21:5, 10.Akanyamuneza kakibabujije kuvyemera, bariko baratangara, arababaza, ati Har’ utwo kurya mufise hano? 42Bamuha igihimba c’ifi yokeje, 43aracābīra, akirīra imbere yabo.
Yesu asezera abigishwa biwe, adūzwa mw ijuru
44 # Luk 9:22, 45; 18:31-33. Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika. 45Maz’ abungura ubgenge ngo batahure ivyanditswe. 46#1 Tim 3:16.Arababgira, ati Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bāpfuye ku musi ugira gatatu, 47kandi yuk’ ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu. 48Namwe mur’ ivyabona vyo kuvuga ivyo. 49#Yoh 15:26; 16:7; Ivyak 1:4.Umve, ngira mbarungikire ico Data yasezeranye; ariko mugume mu gisagara, kugeza aho muzokwambikirwa ubushobozi buvuye mw ijuru.
50 # Mrk 16:19; Ivyak 1:4-14. Abavanaho, abashitsa aharābana n’i Betaniya, aterura amaboko, arabahezagira. 51Akibahezagira, atandukanywa na bo, adūzwa mw ijuru. 52#Yoh 16:22; 14:28.Na bo baramusenga, basubira i Yerusalemu bafise akanyamuneza kenshi, 53bama mu rusengero ubudasība bashima Imana.

موجودہ انتخاب:

Luka 24: RUN1967

سرخی

شئیر

کاپی

None

کیا آپ جاہتے ہیں کہ آپ کی سرکیاں آپ کی devices پر محفوظ ہوں؟ Sign up or sign in