Luka 21
21
Umupfakazi w’umworo
1 #
Mrk 12:41-44. Yunamura amaso, abona abatunzi bashikana, baterera amashikanwa yabo mu masandugu y’amahera. 2Abona umupfakazi w’umworo ateramw’ amasenge abiri. 3#2 Kor 8:12.Arababgira, ati Ndababgire ukuri, Uyu mupfakazi w’umworo ashikanye ibirengeye ivy’ abandi bose: 4kukw abo bose batereye mu mashikanwa ku bibasāgutse, ariko we ku bgoro bgiwe ashikanye ibimutunze vyose.
Uguhona kw’i Yerusalemu n’ukugaruka kwa Yesu
5 #
Mat 24:1-21; Mrk 13:1-19. Kandi bamwe bavuga urusengero, ingene rwasharijwe amabuye meza n’amashikanwa; arababgira, 6#Luk 19:44.at’ Ivyo mubona ivyo, mu misi izoza ntihazosigara ibuye rigeretse ku rindi ridasamburiwe hasi. 7Baramubaza, bati Mwigisha, non’ ivyo bizobaho ryari? Ikimenyetso kizoba iki c’igihe ivyo bizogira bishike? 8#Dan 7:22.Arababarira ati Mwirinde ntimuzimizwe: kuko benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ndi we; kandi bat’ Igihe kiri hafi: ntimuze mubakurikire. 9#Dan 2:28.Kandi ni mwumva intambara n’imivurungano, ntimuze mucike ivutu; kukw ivyo bitazobura kubanza kubaho, arik’ umuhero ntuzoca ushika.
10 #
Yes 19:2; 2 Ngo 15:6. Maz’ arababgira, at’ Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami. 11Kand’ isi izonyiganyiga cane henshi, kandi hamwe‐hamwe hazotera amapfa, hatere n’ikīza, habeho n’ibiteye ubgoba n’ibimenyetso bihambaye biva mw ijuru. 12#Luk 12:11.Arikw ivyo vyose bitarabaho bazobashōrerakw amaboko, babahame, babashengerane mu masinagogi, babashirishe mu mabohero, babashengeze ku bami no ku baganza, babahōra izina ryanje: 13bicike ikimenyetso kibere mwebge icabona. 14#Mat 10:19.Nukw ibi mubishirekw imitima, yuko mudakwiye kubanza kwiyumvira ivyo muzokwireguza: 15#Ivyak 6:10.kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza. 16Ariko muzoshengezwa n’abavyeyi banyu na bo, na bene nyoko n’incuti n’abakunzi, bamwe muri mwebge bazobicisha. 17#Mat 10:21, 22.Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje. 18#Luk 12:7; 1 Sam 14:45.Kandi ntihazohara agashatsi na kamwe ko mu mitwe yanyu. 19#2 Ngo 15:7; Heb 10:36.Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubugingo bganyu.
20Ariko ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ ubuyobe bgaho bugira bushike. 21Ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, kand’ abazoba bari hagati muri Yerusalemu baze bahasokoroke, kand’ abazoba bari mu misozi ntibaze baje i Yerusalemu. 22#Gus 32:35; Hos 9:7; Yer 5:29.Kukw iyo misi izoba iyo guhōra, kugira ngw ivyanditswe vyose bishike. 23#1 Kor 7:26.Mur’ iyo misi abazoba batwaye inda n’abonsa bazobona ibara; kuko hazoba umubabaro mwinshi mu gihugu, kand’ uburake buzoba kur’ ubu bgoko. 24#Gus 28:64; Zek 12:3; Yes 63:18; Zab 79:1; Dan 8:10; Rom 11:25; Ivyah 11:2.Bazokwicwa n’ubugi bg’inkota, bazojanwa mu mahanga yose ar’inyagano: kand’ i Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ ibihe vy’abanyamahanga bizoshirira.
25 #
Zab 65:7. Kandi hazoba ibimenyetso ku zuba no ku kwezi no ku nyenyeri, kandi no mw isi hazoba imibabaro mu mahanga, bazotegekanishwa n’ukubomborana kw’ikiyaga n’imipfunda;#Mat 24:29, 30; Mrk 13:24-26. 26#Yes 34:4.kand’ abantu bazogwishwa igihūmura n’ubgoba no kwitega ibigira bibe mw isi; kukw ivy’ inkomezi vyo mw ijuru bizonyiganyizwa. 27#Dan 7:13; Mat 26:64.Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu gicu, ari n’ububasha n’ubgiza bginshi. 28#Flp 4:4, 5.Arikw ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike.
29 #
Mat 24:32-35; Mrk 13:28-31. Kand’ abacira umugani, ati Ni murābe umusukoni n’ibiti vyose. 30Iyo bitoshe, murabibona, mukamenya ubganyu yukw agatāsi kari hafi: 31nuko namwe ni mwabona ivyo bibaye, muze mumenye yuk’ ubgami bg’Imana buri hafi. 32Ndababgire ukuri: Ab’ iki gihe ntibazorangira, ivyo vyose bitarashika. 33#Luk 16:17.Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.
34 #
Luk 17:27; Mrk 4:19; Mat 24:49. Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego: 35#Yes 24:17; 1 Tes 5:3.kukw ari k’uzoshika ku bantu bose bashagaje mw isi yose. 36#Mrk 13:33; Ivyah 6:17.Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.
37 #
Luk 19:47; Yoh 8:1. Imisi yose Yesu yirirwa mu rusengero yigisha, ariko bgira, agasohoka, akaja kurāra ku musozi witwa Elayono. 38Abantu bose bakazindukira kuri we mu rusengero kumwumva.
موجودہ انتخاب:
Luka 21: RUN1967
سرخی
شئیر
کاپی
کیا آپ جاہتے ہیں کہ آپ کی سرکیاں آپ کی devices پر محفوظ ہوں؟ Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967