Luka 12
12
Ntidutinye abantu
1 #
Mat 16:6; Mrk 8:15. Mur’ ico gihe, ishengero ry’abantu ibihumbi vyinshi rikoranira kuri we, bakandagirana, ahēra ku bigishwa biwe, arababarira, ati Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ni wo buryarya. 2#Luk 8:17.Nta catwikiriwe kitazotwikururwa, canke kinyegejwe kitazomenyekana.#Mat 10:26-33. 3Nukw ivyo mwavugiye mu mwiza vyose bizokwumvikanira mu muco, n’ico mwongoreraniye mu mazu haruguru kizovugirwa ku mazu hejuru.
4Kandi ndabgira mwebge abakunzi banje: Ntimugatinye abica umubiri, hanyuma batagira ikindi bazobagira. 5Ariko ndabereka iyo mukwiye gutinya: mutinye Iyiheza kwica umuntu, ikagira ububasha bgo kumukororera muri Gehinomu. Ni koko, ndababgire, abe ari yo mutinya. 6Mbeg’ utunyoni dutanu ntitugurwa amakuta abiri? Ariko kamwe muri two ntigahundukwa imbere y’Imana. 7#Luk 21:18.Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe. Ntimutinye; muruta utunyoni twinshi.
8Kandi ndababgire; Umuntu wese azonyaturira imbere y’abantu, Umwana w’umuntu azomwaturira imbere y’abamarayika b’Imana. 9#Luk 9:26.Arik’ ūnyihakanira imbere y’abantu, azokwihakanirwa imbere y’abamarayika b’Imana. 10#Mat 12:32; Mrk 3:28, 29.Kand’ umuntu wese azodedemba ku Mwana w’umuntu, azobiharirwa; arik’ ūzorogota kuri Mpwemu Yera ntazobiharirwa. 11#Luk 21:14, 15; Mat 10:19, 20.Kandi ni bābajana mu masinagogi bakabashīra abakuru n’abaganza, ntimuze muhagarikire imitima ico mwireguza n’ingene mwiregura, n’ico muvuga. 12Kuko Mpwemu Yera mur’ ako kanya nyene azobategekera ivyo mukwiye kuvuga.
Umutunzi w’igipfu
13Maz’ umuntu wo mw ishengero aramubgira, ati Mwigisha, mbaririra mwene mama tugabure umwandu. 14#Ivyak 7:27.Aramubaza, ati Mbega wa mugabo, ni nde yanshizeho kuba umucamanza wanyu, canke kubagaburira ivyanyu? 15#1 Tim 6:9, 10.Kand’ arababarira, ati Murumva, mwirinde ukwifuza kwose, kuk’ ubugingo bg’umuntu butava mu bihinda vy’ibintu atunze. 16Kand’ abacira umugani, ati Hābaye umuntu w’umutunzi yar’ afise itongo rimera cane. 17Yiyumvira mu mutima wiwe, ati Ndagira nte, ko ntagira aho nimburira imirima yanje? 18Ati Ndabigenza ntya: ndasambura ibigega vyanje, nubake ibindi binini‐binini, abe ari ho nimburira imirima yanje yose n’ibintu vyanje vyose. 19Nzobgira umutima wanje, nti Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitikirana imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe. 20#Heb 9:27.Maz’ Imana iramubgira, iti Wa gipfu we, mur’ iri joro barakwaka ubugingo bgawe: non’ ivyo wohitikiranije bizoba ivya nde? 21#Mat 6:20.Umuntu yishingurira ni kw amera, atar’ umutunzi mu vy’Imana.
Ntitwiganyire
22 # Mat 6:25-33. Abgira abigishwa biwe, ati Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. 23Kukw amagara aruta ivyo kurya, n’umubiri uruta ivyambarwa. 24#Zab 147:9.Ni mwitegereze ibikōna, ingene bitabiba, ntibishwabure, ntibigire ububīko cank’ ikigega, kand’ Imana irabitunga: erega mwebge muruta ibisīga cane. 25Ni nde muri mwebge yoshobozwa n’amaganya kwisumvya uko yareha nk’ukuboko kumwe? 26Nuko ni mutāshobora gukora igito rwose, n’iki gituma mwiganyira ibindi? 27Ni mwitegereze amashurwe, ingen’ akura: ntiyīrirwa aratama, ntajisha impuzu: ariko ndababgire: Na Salomo mu bgiza bgiwe bgose ntiyar’ ashajije nka rimwe mur’ ayo. 28Non’ Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih’ uyu musi, ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab’ ukwizera guke mwe? 29Kandi ntimukītwaririke ivyo murya n’ivyo munywa, ntimukiganyire. 30Kukw ivyo vyose abanyamahanga bo mw isi ari vyo bitwaririka, ariko So arazi ko mukena ivyo. 31Ariko mwitwaririke ubgami bgiwe, ni ho ivyo muzovyongerwa. 32#Luk 22:29; Yes 41:14.Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami. 33#Luk 18:22.Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna:#Mat 6:20, 21. 34kukw ah’ ubutunzi bganyu buri ari ho imitima yanyu izoba.
Tube maso, turorēre Databuja
35 #
Kuv 12:11; 1 Pet 1:13. Mwame mukenyeye, kand’ amatara yanyu yame yaka:#Mat 24:42-51. 36#Mat 25:1-13.namwe muse n’abantu barorereye shebuja, igihe agarukira ava mu bukwe, ngo ni yaza, akaramutsa, bace bamwugururira. 37#Yoh 13:4.Hahirwa abo bashumba, abo shebuja azoza agasanga bari maso: ndababgire ukuri: Azokenyera, abicarike, aze, abagaburire. 38Ni yaza mu gicugu canke mu nkoko, akabasanga artyo, bazoba abahirwe. 39#1 Tes 5:2.Kandi mumenye iki, yukw iyaba nyen’ urugo yar’ asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze kw inzu yiwe yimbga. 40Namwe mwame mwiteguye, kuk’ Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.
41Petero aramubaza, ati Mbega Mugenzi, uwo mugani ni twebge twenyene uwuciriye, canke n’abandi bose? 42#2 Tim 2:15.Umwami Yesu na we aramubaza, ati Ni nde mubgiriza wo kwizigirwa w’ubgenge, shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire ku ngero yabo igihe kigeze? 43Hahirwa uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora artyo. 44#Mat 25:21.Ndababgira ukuri yukw azomuha kugaba ivy’ afise vyose. 45Arik’ uwo mushumba ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye kuza; maz’ agatangura gukubita abashumba n’incoreke, no kurya no kunywa no kuborerwa, 46shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze, no mu gihe atazi, azomucamwo kubiri, amusangize umugabane wiwe n’abatizera. 47#Yak 4:17.Kand’ uwo mushumba yar’ azi ivyo shebuja agomba, ntiyitegure, ntakore ivyo agomba, azokubitwa nyinshi. 48Arik’ ūtar’ abizi, agakora ibikwiye kumukubitisha, azokubitwa nkeya. Uwahawe vyinshi wese azobazwa vyinshi; uwabīkijwe vyinshi ni we bazorushiriza kwaka vyinshi.
Avuga yukw abantu bazotandukana kubgiwe
49Naje guta umuriro mw isi, non’ iyaba war’ umaze gufatwa, mba nkigomba iki kandi? 50#Mat 20:22; 26:38; Yoh 12:27.Ndi n’umubatizo, uwo nkwiye kubatizwa; emwe uko mbabazwa kugeza ah’ uzoherera! 51#Mat 10:34-36.Mbega mwiyumvira ko naje kuzana amahoro mw isi? 52Ndababgire, si ko biri, ariko naje kuzana umucano. Kuk’ uhereye none hazobaho batanu mu nzu imwe batandukanye, batatu na babiri, na babiri na batatu. 53#Mik 7:6.Umwana azotandukana na se, na se n’umwana n’uko; umukobga azotandukana na nyina, na nyina n’umukobga n’uko; inabukwe azotandukana n’umukazana wiwe, n’umukazana na inabukwe n’uko.
Abgira abantu ivyo kugendeza igihe cabo
54 #
Mat 16:2, 3. Kand’ abgira ishengero, at’ Iyo mubonye igicu kivuye i burengerazuba, muca mugira ngw Imvura iraguye; kandi ni ko biba. 55Iyo mubonye umuyaga uturutse i bumanuko mugira ngo Haraba indugumba, kandi ni ko biba. 56Mwa ndyarya mwe, murazi kugendeza isi n’ijuru, n’iki kibabuza kugendeza iki gihe?
57Kandi namwe ubganyu n’iki kibabuza kugenzura ivyo kugororoka? 58#Mat 5:25, 26.Ni wajana n’ūkurega muja ku mushingantahe, mukiri mu nzira ushishikare kwikiranura na we, ngo ntagukwegere ku mucamanza, umucamanza akaguha umusoda, akagushira mw ibohero. 59Ndakubgire, Ntuzohava na gatoya, utishuye n’isenge ry’imperēra.
موجودہ انتخاب:
Luka 12: RUN1967
سرخی
شئیر
کاپی
کیا آپ جاہتے ہیں کہ آپ کی سرکیاں آپ کی devices پر محفوظ ہوں؟ Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967