Itanguriro 12
12
Ihamagarwa rya Aburamu
1 #
Ivyak 7:3; Heb 11:8. Uhoraho abarira Aburamu, ati Va mu gihugu canyu, no mu muryango wanyu, no mu nzu ya so, uje mu gihugu nzokwereka. 2#Ita 18:18; 1 Abam 3:8.Nanje nzoguhindura ubgoko bukomeye, nzoguha umugisha, izina ryawe ndarigire rurangiranwa; nâabandi baze bagire umugisha kubgawe. 3#Ita 18:18; 22:18; 26:4; 27:29; 28:14; Kuv 23:22; Guh 24:9; Zab 72:17; Ivyak 3:25; Gal 3:8.Abazoguhezagira nzobahezagira, kandâ Ć«zokuvuma nzomuvuma: kandi muri wewe ni ho imiryango yose yo mw isi izohÄrwa umugisha.
4Nuko Aburamu aragenda, nkâ ukâ Uhoraho amubariye; Loti ajana na we. Aburamu yarâ amaze imyaka mirongwirindwi nâitanu igihe yava i Harani. 5#Ita 11:31.Aburamu ajana Sarayi umugore wiwe na Loti umuhungwabo, nâitunga ryabo ryose bari batungiye i Harani, bo nâabantu bÄronkeyeyo; bavaho ngo baje mu gihugu câi Kanani; nuko bashika i Kanani nyene. 6#Gus 11:30; Abac 7:1.Aburamu adwÄbÄra ico gihugu, ashika ahantu hitwa i Shekemu, ku giti câumweloni ca More. Ico gihe Abanyakanani ni bo bÄba murâ ico gihugu. 7#Ita 13:15; 17:8; Kuv 33:1; Gus 34:4.Uhoraho yiyereka Aburamu, aramubarira, atâ Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu. Aca ahubaka igicaniro, yubakiye Uhoraho amwiyeretse. 8#Heb 11:9.Arikora avayo, aja ku musozi wo ku ruhande rwâi burasirazuba rwâi Beteli, ahashinga amahema; i Beteli hasigara i burengerazuba bgiwe, i Hayi hakaba i burasirazuba bgiwe: na ho nyene ahubakira Uhoraho igicaniro, yambaza izina ryiwe. 9Nuko Aburamu akomeza kugenda aratÄhÄ«ra, yerekeye i Negebu.#12:9 Negebu nâigihugu co ku ruhande rwâi bumanuko bgâi Kanani.
Aburamu asuhukira muri Egiputa
10Mazâ inzara itera murâ ico gihugu: nuko Aburamu aramanuka, aja muri Egiputa, ngw asuhukireyo, kukw inzara yari nyinshi murâ ico gihugu. 11Ari hafi gushika muri Egiputa, abarira Sarayi umugore wiwe, atâ Umve ndazi kâurâ umugore wâigikundiro: 12#Ita 20:1-18.nukw Abanyegiputa ni bakubona, bazovuga, batâ Uyo nâumugore wiwe, baheze banyice, nawe bakureke. 13Ndakwinginze, uzâ uvuge kâuri mushikanje, kugira ngo ndÄbge neza kubgawe, ubugingo bganje ubukirishe ivyâ uvuze. 14Nuko Aburamu ashitse muri Egiputa, Abanyegiputa babona yukâ uwo mugore ari mwiza cane. 15#Est 2:16.Abamenyekana ba Farawo bamubonye, bamushimira Farawo: nukâ uwo mugore ajanwa kwa Farawo. 16Farawo agirira Aburamu neza kubgâ uwo, aharonkera intama nâ inka nâindogoba zâamapfizi nâabagurano bâabahungu nâabakobga nâindogoba zivyara nâingamiya. 17#Zab 105:14.Uhoraho ateza Farawo ivyago bihambaye, bo nâurugo rwiwe, amuhĆra Sarayi muka Aburamu. 18Maze Farawo ahamagaza Aburamu, aramubaza, atâ Ico wankoreye ico nâiki? kâutÄmbariye kw arâumugore wawe? 19Nâiki catumye uvuga kw ari mushikawe? nanje nkamujana nkamugira umugore wanje: nuko nguyo umugore wawe, mujane wÄ«gÄ«re. 20Farawo abarira abantu kumuherekeza, bamuherekezanya nâumugore wiwe nâivyo yarâ afise vyose.
Kasalukuyang Napili:
Itanguriro 12: RUN1967
Haylayt
Ibahagi
Kopyahin
Gusto mo bang ma-save ang iyong mga hinaylayt sa lahat ng iyong device? Mag-sign up o mag-sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967