Itanguriro 3

3
Ukw icaha caje mw isi
1 # Mat 10:16; Ivyah 12:9; 20:2. Inzoka yarusha ubugunge ibikōko vyose vyo mw ishamba Uhoraho Imana yaremye. Ibaza uwo mugore, iti Mbega n’ivy’ ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’ iri tongo? 2Umugore yishura iyo nzoka, at’ Ivyama ku biti vyo mur’ iri tongo twemererwa kubirya: 3#Ita 2:17.arikw ivyama ku giti kiri hagati mw itongo, ni vy’Imana yatubujije, ngo ntitubiryeko, canke ngo tunabikoreko, kugira ngo twoye gupfa. 4#2 Kor 11:3.Iyo nzoka yishura uwo mugore, iti Haba n’intete ntimuzopfa; 5kukw Imana izi yuk’ umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’ Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.
6 # Hos 6:7; Rom 5:12; 1 Tim 2:14. Uwo mugore abonye ico giti yukw ar’ ikibereye kuribga, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar’ igiti co kwifuzwa kimenyesha ubgenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n’umugabo wiwe bāri kumwe, na we ararya. 7Amaso yabo bompi arihweza, bamenya yuko bagenda amēnya, badandikanya ibibabi vy’imisukoni, bīronkeramw’ uducocerwa. 8#Yob 31:33; Zab 139:1-12; Yer 23:23, 24.Bumva ijwi ry’Uhoraho Imana agendagenda mur’ iryo tongo mu gihe c’akayaga ko ku kagoroba: uwo muntu n’umugore wiwe binyegeza mu biti vyo mur’ iryo tongo, ng’Uhoraho Imana ntababone. 9Uhoraho Imana ahamagara uwo muntu, aramubaza, at’ Uri hehe? 10#Yob 23:15.Aramwishura, ati Numvise ijwi ryawe mw itongo, ndatinya, kuko ndi gusa, ndinyegeza. 11Aramubaza, ati Ni nde yakubariye ko wambaye ubusa? Mbega wariye kuri ca giti nakubujije kuryako? 12#Imig 28:13.Uwo muntu aramwishura, at’ Umugore wampaye ngo tubane, ni we yampaye ku vya ca giti, ndarya. 13Uhoraho Imana abaza uwo mugore, at’ Ico wakoze ico n’igiki? Uwo mugore aramwishura, at’ Inzoka yampenze, ndabirya. 14#Yes 65:25; Mik 7:17.Uhoraho Imana abarira iyo nzoka, ati K’ukoze ivyo, ubaye ikivume mu bitungano vyose no mu bikōko vyose vyo mw ishamba: uzohora ukwega inda hasi, uzorya umukungugu imisi yose y’ukubaho kwawe. 15#Yes 7:14; Mat 1:23, 25; Luk 1:34, 35; Rom 16:20; Gal 4:4; Ivyah 20:1-3.Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri. 16#Yoh 16:21; 1 Kor 11:3; Ef 5:22-24; Tit 2:5.Kand’ abarira uwo mugore, ati Nzogwiza rwose umubabaro wawe ufise inda; uzokwama uvyara abana ubabara; kand’ umugabo wawe uzomuhoranira inyota, na we azokuganza. 17#Ita 5:29; Umus 2:22, 23; Rom 8:20-22.Abarira Adamu#3:17 Adamu risobanurwa, ng’Umuntu. na we, ati Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku giti nari narakubujije, nti Ntuze ukiryeko: uzaniye ivu umuvumo; uzokwama urya ibirivamwo ubiruhiye, imisi yose y’ukubaho kwawe; 18rizohora rikumerera imikere n’ibitovu, arik’ uzotungwa n’ibirimano vyo mu ndimiro; 19#Ita 2:7; Yob 34:15.kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’ urinde usubira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’ umukungugu ni wo uzosubiramwo. 20Uwo muntu yita umugore wiwe Eva,#3:20 Eva risobanurwa ng’Ūfise ubugingo. kukw ari we nyina w’abari n’ubugingo bose. 21Uhoraho Imana aronkera Adamu n’umugore wiwe imyambaro y’insāto, arabambika.
22 # Ita 2:9; 3:5. Uhoraho Imana aravuga, at’ Eh’ uyo muntu ahindutse nk’imwe muri twebge, ku vyo kumenya iciza n’ikibi: none rero yohava atuma ukuboko, akamura no ku giti c’ubugingo, akarya, akazokwamah’ ibihe bidashira. 23Ni co catumye Uhoraho Imana amukūra mur’ iryo tongo ryo muri Edeni, ngw aje kurima ivu yakūwemwo. 24#Ita 2:8; Zab 104:4; Heb 1:7.Nuko yirukana uwo muntu; kandi mu ruhande ruhera i burasirazuba rw’iryo tongo ryo muri Edeni, ahashira Abakerubi,#3:24 Abakerubi n’umuce umwe mu bamarayika. bo n’inkota yaka umuriro, itangatanze impande zose, ngw itangīre inzira ija kuri ca giti c’ubugingo.

Айни замон обунашуда:

Itanguriro 3: RUN1967

Лаҳзаҳои махсус

Паҳн кунед

Нусха

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in