Luka 21

21
Umupfakazi ashikanira Imana
1Yesu akiri mu rusengero, yunamura amaso abona abatunzi bashize amashikanwa yabo mu co bayatorezamwo. 2Yongera abona n’umupfakazi na we ashizemwo ibiceri bibiri. 3Aca avuga ati: “Ndababwire ukuri, uwu mupfakazi w’umukene atanze vyinshi kurusha abandi bose. 4Abandi bose batanze amashikanwa ku musesekara w’ubutunzi bwabo, ariko we, mu bukene bwiwe, atanze ivyomubeshejeho vyose.”
Ibimenyetso vy’ibihe vya nyuma
5Bamwe mu bigishwa batangura gushima ingene urusengero rwari rusharijwe n’amabuye meza cane hamwe n’ibindi vyashikaniwe Imana vyo kurushariza. Maze Yesu arababwira ati: 6“Ku bijanye n’ibi muriko murabona, nagira ndababwire ko ata buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi; yose azosamburirwa hasi.”
7Baca baramubaza bati: “Mwigisha, ivyo bizoshika ryari? Ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ko bigiye gushika?”
8Na we arabishura ati: “Mwiyubare ntihagire umuntu n’umwe abazimiza. Kuko benshi bazoza biyita izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi ngo: ‘Igihe kirashitse.’ Ntimuze mubakurikire. 9Nimwumva intambara n’imigumuko, ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa kubanza gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.”
10Yongera ababwira ati: “Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. 11Hazoba ukunyiganyiga kw’isi gukomeye kandi guteye ubwoba; hazotera amapfa n’ingwara z’ivyaduka mu ntara zitandukanye. Hazoba ibiteye ubwoba n’ibimenyetso bihambaye biva mw’ijuru.
12 Ariko imbere y’uko ivyo bishika, bazobahama, babafate, babatware mu masinagogi no mu mabohero, babarengutse imbere y’abami n’abatware babahora izina ryanje. 13Ako kazoba ari akaryo ko kunshingira intahe. 14Ariko ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzokwireguza, 15kuko nzobaha amajambo n’ubwenge bizotuma abababuranya badashobora kubahaririza canke ngo babahinyuze. 16Mbere n’abavyeyi banyu, abo muvukana, incuti n’abagenzi bazobahinduka, kandi bazokwica bamwe muri mwebwe. 17Abantu bose bazobanka babahora izina ryanje. 18Ariko nta n’agashatsi ko ku mitwe yanyu kazotakara 19Nimwashobora kwihangana muzorokora ubugingo bwanyu.
20 Nimwabona Yerusalemu ikikujwe n’ingabo, muzoce mumenya ko isenyurwa ryayo ryegereje. 21Nuko abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi, abari mu gisagara bakivemwo, kandi abazoba bagiye mu misozi, ntibaze bagaruke mu gisagara. 22Kuko iyo misi izoba ari iy’ukwihora kw’Imana, kugira ngo Ivyanditswe bishike. 23Ese ukuntu iyo minsi izoba ari iy’umubabaro utagira ingene wovugwa ku bagore bibungenze n’abazoba bonsa! Kizoba ari igihe c’umubabaro mwinshi mu gihugu, n’uburake bw’Imana kuri ubu bwoko. 24Benshi muri bo bazokwicishwa inkota, canke batwarwe nk’inyagano mu mahanga yose yo kw’isi. Igisagara ca Yerusalemu kizohonyangwa n’Abanyamahanga kugeza igihe Abanyamahanga bagenewe kirangiye.
25 Hazoba ibimenyetso ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri. Kw’isi na ho, amahanga azogira ubwoba abure uko agira, kubera ukubomborana kw’amazi yo mu biyaga hamwe n’imipfunda. 26Imitima y’abantu izohagarara bishwe n’ubwoba, babonye ibigira bishike kw’isi, kuko ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa. 27Inyuma y’ivyo, umuntu wese azobona Umwana w’Umuntu aje ku gicu, afise ububasha n’ubwiza butangaje. 28Nimwabona ivyo bibaye, muze muhaguruke, mushire ubwoba, ugucungurwa kwanyu kuzoba kwegereje.”
29Nuko Yesu abacira umugani ati: “Nimurabire ku giti c’umusukoni canke ku kindi giti ico ari co cose. 30Iyo bizanye amababi, muca mumenya ko agatasi kari hafi. 31None rero nimwabona ivyo vyose, muzoce mumenya neza ko Ubwami bw’Imana buri hafi.
32 Ndababwire ukuri, abo muri runo rungamwe ntibazopfa bose ivyo vyose bitarashika. 33Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.
34 Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka, 35kuko uko ari ko uzoshika ku bari kw’isi bose. 36Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”
37Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero, ku mugoroba akava mu gisagara akaja kurara ku Musozi wa Elayono, 38kandi abantu benshi bama baza mu gatondo mu rusengero kumwumviriza.

ప్రస్తుతం ఎంపిక చేయబడింది:

Luka 21: BKC

హైలైట్

షేర్ చేయి

కాపీ

None

మీ పరికరాలన్నింటి వ్యాప్తంగా మీ హైలైట్స్ సేవ్ చేయబడాలనుకుంటున్నారా? సైన్ అప్ చేయండి లేదా సైన్ ఇన్ చేయండి