Luka 20
20
Aho ububasha bwa Yesu buva
1Umusi umwe Yesu yariko arigisha abantu mu rusengero, ababwira Ubutumwa Bwiza. Maze abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’Abayuda baza aho ari. 2Baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”
3Arabishura ati: “Reka nanje ndababaze. Nimumbarire: 4Mbega umubatizo wa Yohana wavuye ku Mana yo mw’ijuru canke ku bantu?”
5Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku Mana yo mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’ 6Nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ abantu bose baradutera amabuye kuko baremera ata gukekeranya ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”
7Nuko baramwishura bati: “Ntituzi uwabumuhaye.”
8Yesu na we arabwira ati: “Nanje sindababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva.”
Umugani w’uruzabibu n’abarukoramwo
9Hanyuma Yesu acira umugani abari aho, avuga ati: “Habaye umuntu yarimye uruzabibu, hanyuma aruzeza abarimyi, afata urugendo rwa kure, amarayo igihe kinini. 10Iyimbura rigeze, atuma umukozi wiwe kuri ba barimyi kugira ngo bamuhe igice c’umwimbu w’inzabibu kimwegukira. Ariko ba barimyi bafata uwo mukozi baramukubita, bamurungika iminwe misa. 11Hanyuma arungika uwundi mukozi, na we nyene baramutuka, baramukubita, bamurungika iminwe misa. 12Arungika n’uwa gatatu; we baramukomeretsa, bamuterera inyuma y’uruzabibu.
13 Nyene uruzabibu aribaza ati: ‘Mbega yemwe ngire gute? Reka ndungike umuhungu wanje nkunda cane, kumbure wewe bazomusonera.’
14 Ariko ba barimyi bakimubona baca batangura kuvugana bati: ‘Uwu ni we azoba samuragwa. Reka tumwice kugira ngo twegukire ivyo yorazwe.’ 15Nuko bamukwegera inyuma y’umurima w’uruzabibu bamwicirayo.
None mwibaza ko nyene uruzabibu niyaza azobagira gute? 16Azoza yice abo barimyi, maze urwo ruzabibu aruzeze abandi.”
Abantu bavyumvise, baca bavuga bati: “Ivyo ntibikabe.”
17Yesu aca arabitegereza, arababaza ati: “None aya majambo yo mu Vyanditswe akurikira asobanura iki:
‘Ibuye abubatsi bagaye
ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.’ # 20:17
Zaburi 118:22
18 Umuntu wese azogwa kuri iryo buye azovunagurika, uwo rizogwako rizomusya.”
19Abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’abaherezi barondera ingene bomufata ubwo nyene, kuko bari batahuye ko ari bo ariko aravuga muri uwo mugani, ariko batinya abantu.
Gutanga ikori rya Kayisari
20Nuko batangura kumugenza, bahera abantu bigize intungane ngo bamutegere mu majambo avuga, kugira ngo barabe ko boronka ivyo bamurega ku bategetsi b’Abaroma. 21Ba bantu babaza Yesu bati: “Mwigisha, turazi ko uvuga kandi wigisha ivy’ukuri. Nta ho uhengamira, kandi wigisha inzira y’Imana mu kuri kwose. 22None rero tubwire: biremewe gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemewe?”
23Yesu abonye ubugunge buri muri bo, aca ababwira ati: 24“Nimunyereke igiceri c’idenariyo. Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?”
Barishura bati: “Ni ivya Kayisari.”
25Aca ababwira ati: “Nuko rero, ivya Kayisari mubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana.”
26Ntibabaye bagishobora kumufatira ku vyo avuga ku mugaragaro, ahubwo batangajwe n’inyishu yiwe, baca barahora.
Ivy’abagabo n’abagore inyuma y’izuka
27Maze bamwe mu Basadukayo, ari bo batemera ivy’izuka ry’abapfuye, baza aho Yesu ari baramubaza bati: 28“Mwigisha, Mose yanditse avuga ko umuntu apfuye agasiga umugore atagira abana, uwo bavukana ategerezwa gucura uwo mupfakazi kugira ngo aronkere uruvyaro uwo muhisi. 29Rero, harigeze kuba abavukana indwi. Mukuru muri bo ararongora, ariko apfa atavyaye. 30Uwa kabiri arongora wa mupfakazi, 31n’uwa gatatu bigenda uko, gushika no ku w’indwi bose biba nk’uko, bapfa ata wusize umwana. 32Maze haheze igihe na wa mugore arapfa. 33None ku musi w’izuka ry’abapfuye uwo mugore azoba uwa nde, ko yabaye umugore w’abo indwi bose?”
34Yesu arabishura ati: “Abantu bo muri kino gihe bararongora kandi bararongorwa. 35Ariko abazoba babereye gushika muri ya si izoza no mw’izuka ry’abapfuye ntibazorongora canke ngo barongorwe. 36Vyongeye ntibazoba bagipfa, kuko bazoba bameze nk’abamarayika. Ni abana b’Imana, kuko ari abana b’ukuzuka. 37Ku bijanye n’izuka ry’abapfuye, na Mose yaravyerekanye, aho yandika ivy’igisaka caka kidatemuka, avuga ko Uhoraho ari ‘Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo.’#20:37 Kuvayo 3:6 38Si Imana y’abapfuye, ni Imana y’abazima, kuko kuri yo bose bariho.”
39Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe barishura bati: “Uvuze neza, Mwigisha.” 40Ntibabaye bacubahuka kumubaza ikibazo na kimwe.
Yesu ni mwene nde?
41Yesu aca ababwira ati: “Ni kubera iki muvuga ngo Kristo ni mwene Dawidi? 42Dawidi ubwiwe ni we yivugiye mu gitabu ca Zaburi ati:
‘Uhoraho yabariye Umwami wanje ati:
“Icara i buryo bwanje
43 kugeza abansi bawe bose
ndabashize musi y’ibirenge vyawe.” # 20:43
Zaburi 110:1
’
44 None nimba Dawidi amwita ‘Umwami,’ yoba umwana wiwe gute?”
Mwirinde abigisha b’ivyagezwe
45Yesu abwira abigishwa biwe, abari aho bose bumva, ati: 46“Mwirinde abigisha b’ivyagezwe. Bakunda kugendagenda bambaye amakanzu maremare y’icubahiro, no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu. Bakunda kandi guhabwa ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no mu misi mikuru. 47Banyaga imiryango y’abapfakazi bakabatwara ivyabo, kandi bakabandanya biyerekana nk’abantu beza mu gusenga amasengesho maremare. Ni co gituma bazohanwa kurusha abandi.”
Zvasarudzwa nguva ino
Luka 20: BKC
Sarudza vhesi
Pakurirana nevamwe
Sarudza zvinyorwa izvi
Unoda kuti zviratidziro zvako zvichengetedzwe pamidziyo yako yose? Nyoresa kana kuti pinda
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.