YouVersion
Pictograma căutare

Luka 10

10
Yesu atuma abigishwa mirongwirindwi kwigisha
1 # Mrk 6:7. Mu nyuma y’ivyo, Umwami Yesu atoranya abandi mirongwirindwi, atuma babiri‐babiri, ngo bagende imbere yiwe mu bisagara vyose n’ahantu hose ah’ agira ace.#Mat 10:7-16. 2#Yoh 4:35; Mat 9:37, 38.Arababgira, at’ Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake: nuko ni mwinginge Nyen’ ivyimburwa, arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe. 3Ni mugende; rāba mbatumye muri nk’abana b’intama mu mabingira hagati. 4#Luk 9:3-5; 2 Abam 4:29.Ntimujane umupfuko w’amahera, cank’ isaho, cank’ inkweto: kandi ntihagire n’uwo muramukanya mu nzira. 5Inzu yose muzokwinjiramwo, muze mubanze muvuge, mut’ Amahoro abe mur’ iyi nzu. 6Ni yaba irimw’ umunyamahoro, amahoro yanyu azoba kuri we: ni bitāmera birtyo, azobagarukako. 7#1 Tim 5:18; 1 Kor 9:5-14.Kand’ iyo nzu nyene muze muyigumemwo, murya munywa ivyo babahaye; kuk’ umukozi akwiye ingero yiwe. Ntimugende murarāraguza. 8#1 Kor 10:27.Kand’ igisagara cose mujamwo bakabākīra, muze murye ivyo babahaye, 9mukize abarwaye baho, mubabgire mut’ Ubgami bg’Imana burabēgereye. 10Arikw igisagara cose mujamwo ntibabākīre, muze musohoke muje mu nzira zaco, 11#Ivyak 18:6.muti N’umukungugu wo mu gisagara canyu, ufashe mu birenge vyacu, turawubakunkumuriye: ariko mumenye iki, yuk’ ubgami bg’Imana buri hafi. 12Ndababgire, Kur’ uwo musi uzoza, Sodomu hazogira agahengekezo kurusha nya gisagara.
13 # Mat 11:21-23. Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kukw ibikomeye vyakorewe muri mwebge iyo biba vyarakorewe muri Tiro n’i Sidoni, baba bārihannye kera, bicaye bambaye amagunira, bīsīze umunyota. 14Ariko muri Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekezo ku musi w’amateka kurusha mwebge. 15#Yes 14:13, 15.Nawe, Kaperinawumu, mbeg’ uzoshirwa hejuru, ushike kw ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu.
16 # Mat 10:40; Yoh 5:23; 15:23. Ūbumviye ni jewe aba yumviye; ūbanse, ni jewe aba yanse; ūnyanse, aba yanse uwantumye.
Bamwe mirongwirindwi bagarutse, Yesu ashima Imana
17Nuko bamwe mirongwirindwi bagarukana umunezero, bati Mugenzi, abadayimoni na bo baratwumvira mw izina ryawe. 18#Yoh 12:31; Ivyah 12:8, 9.Arababgira, ati Nabonye Satani, avuye mw ijuru, akoroka nk’umuravyo. 19#Mrk 16:18; Zab 91:13.Ehe mbahaye ububasha bgo gukandagira inzoka na sikorupiyo,#10:19 sikorupiyo ni co kimwe n’akamina: n’agakōko k’ubumara gakomoresha umurizo. n’ubgo kunesha ubushobozi bga wa Mwansi bgose, kandi nta kintu kizogira ico kibagira na gatoya. 20#Kuv 32:32; Flp 4:3; Ivyah 3:5; Mat 7:22.Ariko ntimunezerezwe n’ukw izo mpwemu zibumvira, yamara munezerezwe n’ukw amazina yanyu yanditswe mw ijuru.
21 # Mat 11:25-27. Uwo mwanya anezererwa cane muri Mpwemu Yera, aravuga, ati Ndaguhimbaza Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya. Ego me Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe. 22Vyose nabihawe na Data; kandi nta wuzi Umwana uw’ ari we, atari Data: na Data nta wumuzi uw’ ari we atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira. 23#Mat 13:16, 17.Ahindukirira abigishwa, ababgira biherereye, ati Hahirwa amaso abona ivyo mubona. 24#1 Pet 1:10.Ndababgira yukw abāvugishwa n’Imana benshi n’abami benshi bāgomvye kubona ivyo mubona ntibābibona, no kwumva ivyo mwumva, ntibāvyumva.
Umugani w’Umusamariya w’imbabazi
25 # Luk 18:18-20. Maz’ umwe mu bigisha ivyagezwe ava hasi, aramugeza, ati Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?#Mat 22:35-40; Mrk 12:28-34. 26Na we aramubaza, ati Vyanditswe bite mu vyagezwe, kand’ usoma iki? 27#Gus 6:5; Lew 19:18.Aramwishura, ati Ngo Mukundishe Uhoraho, Imana yanyu, imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose, n’ubgenge bganyu bgose; kandi mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda. 28#Lew 18:5; Mat 19:17.Aramubgira, ati Wishuye neza, gira urtyo, uzogira ubugingo.
29Maz’ uwo agomvye kwiyerekana nk’ūgororotse, abaza Yesu, ati Mbega mugenzanje ni nde? 30Yesu aramwishura, ati Hābaye umuntu yar’ avuye i Yerusalemu, arikw aramanuka aja i Yeriko, agwa mu bambuzi, baramukoba, baramukubita, barīgīra, basiga ashigaje gatoya agahwera. 31Hāriho n’umuherezi amanuka mur’ iyo nzira, amurengukako, amubonye aca i ruhande. 32Kandi n’Umulewi ahashitse agira kuno, amubonye aca i ruhande. 33Maz’ Umusamariya yari mu nzira ashika kuri we, amubonye amutera akagongwe: 34aramwēgēra, amupfuka inguma, amusomōza amavuta ya elayo na vino, amushira ku ndogoba yiwe, amujana mu ndāro y’abahita, aramurwaza. 35Bukeye agoborora idenariyo zibiri, aziha nyen’ indāro, at’ Umurwaze, kand’ ivy’ uzotanga vyose birenze ivyo ni nagaruka nzobikwishura. 36Mur’ abo batatu ugira ngo ni nde yabonetse kw ari mugenzi w’uwaguye mu bambuzi? 37Aramwishura, ati N’uwamugiriye imbabazi. Yesu aramubarira, ati Nawe genda ugire urtyo.
Marita na Mariya
38 # Yoh 11:1; 12:2, 3. Maze bariko baragenda bashika mu mihana: umugore yitwa Marita aramwākīra amushikiza mu nzu yiwe. 39Uwo yar’ afise mwene nyina yitwa Mariya, yicara imbere y’ibirenge vy’Umwami Yesu, yumva ijambo ryiwe. 40Ariko Marita ahagarikira umutima kuzimana vyinshi; aramwēgēra, aramubgira, ati Mugenzi, ntibikubabaje yuko mwene mama yantereranye ibikorwa? Nuko mubarire amfashe. 41Umwami Yesu aramwishura, ati Marita, Marita, urīganyira wigora muri vyinshi: 42#Mat 6:33.arikw ibikwiye rwose ni kimwe: kuko Mariya ahisemw’ umugabane mwiza, atazokwakwa.

Selectat acum:

Luka 10: RUN1967

Evidențiere

Partajează

Copiază

None

Dorești să ai evidențierile salvate pe toate dispozitivele? Înscrie-te sau conectează-te