Itanguriro 14
14
Intambara y’abami
1Mu gihe ca Amurafeli umwami w’i Shinari, na Ariyoki umwami w’i Elasari, na Kedolawoma umwami w’i Elamu, na Tidali umwami w’i Goyimu, 2abo bami bāteye Bera umwami w’i Sodomu na Birusha umwami w’i Gomora, na Shinabu umwami w’i Adima, na Shemeberi umwami w’i Seboyimu, n’umwami w’i Bela (ari ho Sowari). 3#Guh 34:12; Gus 3:17; Yos 3:16.Abo bose bakoranira hamwe mu kiyaya c’i Sidimu (ni ho habaye Ikiyaga c’ Umunyu). 4Bari bamaze imyaka cumi n’ibiri baganzwa na Kedolawoma, maze mu mwaka ugira icumi na gatatu baragarariza. 5#Gus 2:10-12.Nuko mu mwaka ugira icumi na kane Kedolawoma n’abami bīfatanije na we ni kwo kuza, bazingazingira Abarefa muri Ashiteroti‐karunayimu, n’Abasuzi i Hamu, n’Abemi i Shave‐kiriyatayimu, 6n’Abahori babazingazingira i wabo mu mugamba i Seyiri, barabakinagiza babashitsa Eliparani hahereranye n’ubugaragwa. 7Barakevya, bashika Eni‐mishipati (ari h’i Kadeshi), bazingazinga igihugu cose c’Abamaleki, bo n’ Abamori baba i Hasasoni‐tamari. 8Maz’ umwami w’i Sodomu arashikuka, bo n’uw’i Gomora n’uw’i Adima n’uw’i Seboyimu n’uw’i Bela (ari ho Sowari); batondera urugamba mu kiyaya c’i Sidimu; 9barwanya Kedolawoma umwami w’i Elamu, na Tidali umwami w’i Goyimu, na Amurafeli umwami w’i Shinari, na Ariyoki umwami w’i Elasari; abo bami ukw ari bane barwanya batanu. 10#Ita 19:17, 30.Kand’ ico kiyaya c’i Sidimu cari cuzuye ivyobo vyimbgemwo kaburimbi, maz’ ingabo z’abami b’i Sodomu n’i Gomora zirahunga, zimwe zibikorokeramwo, izisigaye zihungira ku musozi muremure. 11Basahura ibintu vyose vy’i Sodomu n’i Gomora, n’ivyo bāzigak’ uburamuko vyose, barīgīra. 12#Ita 12:5; 13:12.Bahitana na Loti umuhungwabo wa Aburamu, yaba i Sodomu, hamwe n’ibintu vyiwe, baraheza barīgīra.
Aburamu akūra Loti mu maboko y’abansi
13Haza umwe mu bahunze, abibarira Aburamu Umuheburayo: yaba i ruhande y’ibiti vy’imyeloni vy’Umwamori yitwa Mamure, mwene wabo wa Eshikoli na Aneri; kand’ abo bari bifatanije na Aburamu. 14#Ita 15:3; 17:12, 13, 27; Umus 2:7.Aburamu yumvise yuk’ uw’ i wabo yafashwe mpiri, ajana abanyarugo biwe bize kurwana, bāvukiye i we, amajana atatu n’icumi n’umunani, barabakurikira, babahambiriza i Dani. 15Aburamu ahenga mw ijoro, abantu biwe abacamw’ ibico, barabatera barabanesha, barabakinagiza gushitsa i Hoba, ahahera i bumoso bg’i Damasiko. 16#Ita 14:11, 12.Agarura ibintu vyose, agarura n’uw’i wabo Loti, n’ibintu vyiwe, n’abagore n’abakobga na bo, n’abandi bantu.
Melekisedeki asanganira Aburamu
17 #
2 Sam 18:18. Atabarutse, avuye kunesha Kedolawoma n’abandi bami bāri kumwe, umwami w’i Sodomu amusanganirira mu kiyaya c’i Shave, (ni co kiyaya c’umwami).
18 #
Zab 110:4; Mrk 5:7; Ivyak 16:17; Heb 7:1, 11. Kandi Melekisedeki umwami w’i Salemu, umuherezi w’Imana Isumba vyose, azana imitsima na vino. 19#Ivyak 17:24; Heb 7:6, 7.Ahezagira Aburamu, at’ Uragahabga umugisha n’Imana Isumba vyose, Nyen’ ijuru n’isi: 20#Heb 7:4.kand’ Imana Isumba vyose iragahezagirwa, yagushize abansi mu maboko! Nuko Aburamu amuha ikigiracumi muri vyose. 21Umwami w’i Sodomu abarira Aburamu, ati Ndekerana abantu, ibintu ubitware. 22#Kuv 6:8; Guh 14:30; Ezk 20:5, 6; Dan 12:7; Ivyah 10:5.Aburamu yishura umwami w’i Sodomu, ati Narahiye Uhoraho mmanitse ukuboko, ni we Mana Isumba vyose, Nyen’ ijuru n’isi, 23#Est 9:15.yuko ntazogira ikintu na kimwe co mu vyawe ntwara, naho koba akanyuzi cank’ akagozi k’inkweto, kugira ngo ntuz’ uvuge, uti Ni jewe natungishije Aburamu. 24#Ita 14:13.Jeho nta co ngomba, atar’ impamba abantu banje bariye, n’abo twatabaranye ubagabanganye imigabane yabo, ni bo Aneri na Eshikoli na Mamure, bo ni bajane imigabane yabo.
Atualmente selecionado:
Itanguriro 14: RUN1967
Destaque
Partilhar
Copiar
Quer salvar os seus destaques em todos os seus dispositivos? Faça o seu registo ou inicie sessão
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967