Itanguriro 1
1
Imana irema ijuru n’isi n’ibirimwo vyose
1 #
Yob 38:4-7; Yes 42:5; 45:18; Yoh 1:3; Kol 1:16; Heb 1:10; 11:3; Ivyah 4:11. Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi. 2#Yer 4:23.Isi yar’ ikir’ i buziba, yarik’ ubusa gusa, kand’ umwiza war’ upfutse idamba: kandi Mpwemu w’Imana yatambatamba hejuru y’amazi. 3#2 Kor 4:6.Imana iravuga, iti Ni habeh’ umuco: umuco ubaho. 4Imana ibona umuco kw ari mwiza: iraheza itandukanya umuco n’umwiza. 5Imana yita umuco umurango, umwiza iwita ijoro. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi wa mbere.
6 #
Yob 37:18; Zab 33:6; Yer 10:12. Imana iravuga, iti Ni habeh’ itāzānure hagati y’amazi, ritandukanye amazi n’ayandi. 7Imana iraritāzānura, itandukanya amazi yo musi y’itāzānure n’ayo hejuru yaryo: biba kuno. 8Maz’ iryo tāzānure Imana iryita Ijuru. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira kabiri.
9 #
Yob 38:8, 10, 11; Zab 33:7; 95:5; Yer 5:22. Imana iravuga, it’ Amazi yo musi y’ijuru n’akoranire hamwe, i musozi na ho ni haboneke: biba kuno. 10Maz’ i musozi Imana ihita Isi, ikoraniro ry’amazi na ryo iryita Ibiyaga: Imana ibona kw ari vyiza. 11#Zab 104:14.Imana iravuga, it’ Isi n’imere ivyatsi, n’ibimera vyose vyama utubuto, n’ibiti vyama ivyamwa vyavyo ukw amoko yavyo ari, birimw’ imbuto zavyo, kw isi nyene: biba kuno. 12Nukw isi imera ivyatsi n’ibimera vyose vyama utubuto ukw amoko yavyo ari, n’ibiti vyama ivyamwa birimw’ imbuto zavyo, ukw amoko yavyo ari: nukw Imana ibona kw ari vyiza. 13Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira gatatu.
14 #
Zab 104:19; Yer 10:2; Yow 2:30, 31; Mat 24:29; Luk 21:25. Imana iravuga, iti Mw itāzānure ry’ijuru ni habeh’ ivyāka vyo gutandukanya umurango n’ijoro; bibēreho kuba ibimenyetso, no kwerekana ibihe, n’imisi n’imyaka: 15kandi bibe ivyāka vyo mw itāzānure ry’ ijuru vyo kwākira isi: biba kuno. 16#Gus 4:19; Zab 136:7-9.Imana irema ivyāka bibiri binini, icaka kinini co kuganza umurango, n’icaka gitoya co kuganza ijoro, bo n’inyenyeri. 17Imana ibishira mw itāzānure ry’ijuru kugira ngo vyākire isi, 18#Yer 31:35.biganze umurango n’ijoro, bitandukanye umuco n’umwiza; Imana ibona kw ari vyiza. 19Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira kane.
20Imana iravuga, iti Mu mazi ni hasegenyuke isegenya ry’ibifise ubugingo, kand’ ibiguruka ni biguruke hejuru y’isi mu kirere c’ijuru. 21#Zab 104:25, 26.Imana irema ibifi binini‐binini, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda, ivyasegenyutse mu mazi, nk’ukw amoko yavyo ari, n’ibiguruka vyose bifise ivyubi, ukw amoko yavyo ari: Imana ibona kw ari vyiza. 22Imana irabihezagira, iti Ni murondoke, mugwire, mwuzure mu mazi yo mu biyaga, n’ ibiguruka ni bigwire mw isi. 23Buragoroba, buraca: uwo n’ umusi ugira gatanu.
24Imana iravuga, it’Isi n’izane ibiri n’ubugingo, nk’ukw amoko yavyo ari, vy’ ibitungano n’ivyikwega hasi n’ibikōko vyo mw isi, nk’ukw amoko yavyo ari: biba kuno. 25Nukw Imana irema ibikōko vyo mw isi, nk’ukw amoko yavyo ari, n’ibitungano, nk’ukw amoko yavyo ari, n’ivyikwega hasi vyose, nk’ukw amoko yavyo ari: Imana ibona kw ari vyiza. 26#Ita 3:22; 5:1; 9:6; 11:7; Zab 8:6-8; Yes 6:8; Yak 3:7, 9.Imana iravuga, iti Tureme umuntu mw ishusho yacu, ase natwe: aganze amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ ibitungano, n’isi yose, n’ivyikwega vyose, bigenda bikwega inda hasi. 27#Mal 2:14, 15; Mat 19:4; Mrk 10:6; 1 Kor 11:7; Ef 4:24; Kol 3:10.Nukw Imana irema umuntu mw ishusho yayo, mw ishusho y’Imana ni ho yamuremye; irema abantu bar’ uburyo bubiri. 28#Ita 9:1, 7; Lew 26:9; 1 Tim 4:3.Maz’ Imana irabahezagira, iti Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi. 29#Yob 36:31; Zab 104:14, 15; 145:15, 16.Imana irababgira, it’Ehe ndabahaye ivyatsi vyose vyama utubuto biri kw isi yose, n’igiti cose cama ivyamwa birimw’ imbuto zavyo: bibabere ivyo kurya vyanyu. 30#Zab 104:27, 28; 147:9.Kand’ ibikōko vyose vyo kw isi, n’ibiguruka mu kirere vyose, n’ivyikwega hasi vyose birimw’ ubugingo, mbihaye ivyatsi bitotahaye vyose, ngo bibe ivyo kurya vyavyo: biba kuno. 31#Zab 104:24; 1 Tim 4:4.Nukw Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira gatandatu.
Nu geselecteerd:
Itanguriro 1: RUN1967
Markering
Deel
Kopiëren
Wil je jouw markerkingen op al je apparaten opslaan? Meld je aan of log in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967