Ivyakozwe 19
19
Pawulo ashika muri Efeso
1Apolo akiri i Korinto, Pawulo afata inzira ica mu gihugu hagati, aragenda ashika muri Efeso, ahasanga abigishwa. 2Arababaza ati: “Mwarakiriye Mpwemu Yera igihe mwizera?”
Baramwishura bati: “Haba na mba. Mbere ntitwari bwumve n’uko Mpwemu Yera abaho.”
3Maze Pawulo arababaza ati: “None mwabatijwe uwuhe mubatizo?”
Baramwishura bati: “Umubatizo wa Yohana.”
4Pawulo arababwira ati: “Umubatizo wa Yohana wari uwo kwihana. Yahamagarira abantu kwizera uwagira aze inyuma yiwe, uwo na we ni Yesu.” 5Bavyumvise, baca babatizwa mw’izina ry’Umwami Yesu. 6Pawulo abarambitseko ibiganza, Mpwemu Yera aca abazako, batangura kuvuga izindi ndimi no kuvugishwa n’Imana. 7Abari aho bari nk’abagabo cumi na babiri.
8Pawulo aca yinjira mw’isinagogi, amara amezi atatu yigisha ashize amanga, aharira n’abantu akabemeza ivy’Ubwami bw’Imana. 9Ariko bamwe bakomantaza imitima banka kwizera, banebagura ku mugaragaro inzira y’Umwami Yesu. Nuko Pawulo aca ava muri iryo sinagogi, agenda ajanye n’abizera, abandanya avuganira mu nyubakwa uwitwa Turano yigishirizamwo. 10Amara imyaka ibiri abikora uko, gushika Abayuda n’Abagiriki bose baba muri Aziya bumvise ijambo ry’Umwami Imana.
11Imana ikoresha Pawulo ibitangaza bidasanzwe, 12gushika aho n’igitambara canke impuzu yakozeko abantu babikoza ku barwaye, bagakira ingwara n’ababoshwe n’impwemu mbi zikabavamwo.
13Maze Abayuda bamwe bigenera kugenda hirya no hino, bagerageza kwirukana impwemu mbi ngo zive mu bantu bakoresheje izina ry’Umwami Yesu. Bavuga bati: “Mw’izina rya Yesu, umwe Pawulo yigisha, ndagutegetse muvemwo!” 14Kandi hari n’abahungu indwi b’Umuyuda yitwa Sikewa, umwe mu baherezi bakuru, bakora nk’uko. 15Umusi umwe impwemu mbi irabishura iti: “Yesu ndamuzi, na Pawulo ndamuzi. None mwebwe muri ba nde?” 16Wa muntu yarimwo impwemu mbi aca abasimbirako, abarusha inkomezi, arabakubita gushika aho bahunga inzu barimwo bari gusa, bavirirana.
17Abayuda n’Abagiriki baba muri Efeso bamenye iyo nkuru, bose batekerwa n’ubwoba, maze Izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru. 18Maze benshi mu bari bizeye baraza, baratura bongera bavugira ku mugaragaro ivyo bakoze. 19Abahora bakora ivy’amareba, bazana ibitabu vyabo babituririra ku mugaragaro. Igiciro c’ivyo bitabu, yari ibiceri vy’ifeza ibihumbi mirongo itanu. 20Maze ijambo ry’Umwami Imana rikwiragira henshi kandi rigira ubushobozi.
21Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.” 22Aca arungika babiri mu bamufasha ibikorwa, ari bo Timoteyo na Erasito, baja i Makedoniya, na we aca amara ikindi gihe gito muri Aziya.
Imigumuko yabereye muri Efeso
23Muri iyo misi nyene haduka imigumuko ivuye ku bijanye n’Inzira y’Umwami Imana. 24Iyo migumuko yadutse ivuye ku mugabo yitwa Demetiriyo yari afise umwuga wo gucura ibintu mw’ifeza, ni na we yakora mw’ifeza utunyabugoro tw’ikigirwamanakazi Arutemi, kandi uwo mwuga wazanira inyungu nini abawukora. 25Nuko akoranya abandi bacuzi bari basangiye umwuga, ababwira ati: “Bagenzi, murazi ko uwu mwuga ari wo udutungishije. 26None murumva ingene wa mugabo Pawulo yemeje abantu, akazimiza benshi muri Efeso, ndetse no muri Aziya yose. Avuga ko imana zikozwe n’abantu atari imana na mba. 27Kandi urudandazwa rwacu si rwo rwonyene ruzota agaciro, ariko n’ingoro y’imanakazi ihambaye Arutemi ntizosubira kwubahwa, ndetse na Arutemi, ari yo manakazi isengwa muri Aziya no kw’isi yose, izoba yambuwe icubahiro c’ubumana bwayo.”
28Bavyumvise barashavura cane, batangura gusemerera bati: “Arutemi, imana y’Abanyefeso, irahambaye!” 29Mu mwanya muto igisagara cose cuzura imigumuko. Abantu bose biruka baja mu kibaza c’ibirori, bagenda barakwega Gayo na Arisitariko, abari bagendanye na Pawulo kuva i Makedoniya. 30Pawulo agomvye guseruka imbere y’ikoraniro, abigishwa baramwankira. 31Na bamwe mu batware b’iyo ntara, bari abagenzi ba Pawulo, bamutumako bamwinginga ngo ntahirahire ngo yinjire muri ico kibanza kiberamwo ibirori.
32Ariko ikoraniro rirazazanirwa kuko bamwe bayogora bavuga ibi, abandi bakayogora bavuga ibindi. Ndetse benshi muri bo ntibari bazi n’igituma bari ngaho. 33Bamwe mw’ikoraniro bumvisha Alegizandere, uwo Abayuda bashize imbere, ivyariko biraba. Nuko na we arabamama kugira ngo asigure ibiriko biraba. 34Babonye ko ari Umuyuda, baca badugiriza urwamo rimwe bamara nk’amasaha abiri bavuga bati: “Arutemi, imana y’Abanyefeso, irahambaye!”
35Umunyamabanga w’igisagara arabahoyahoya, ababwira ati: “Yemwe bantu bo muri Efeso, abantu bose barazi ko mu gisagara ca Efeso ariho hari ingoro ya Arutemi, n’igishusho cayo cakorotse kiva mw’ijuru. 36None rero, ko ivyo atawubihakana, Nimutekane, ntimuhave mukora ivyo mutiyumviriyeko. 37Aba bantu mwabazanye ngaha kandi ata na kimwe bivye mu ngoro canke ngo batuke imana yacu. 38Nimba Demetiriyo n’abandi bacuzi bagenziwe bafise ivyo babagiriza, sentare ziruguruye, kandi n’abacamanza barahari, barabitwarira. 39Hakaba hariho n’ibindi mwipfuza gushikiriza, bizotunganirizwa mw’ikoraniro ribijejwe. 40Erega turashobara kwagirizwa imigumuko kubera ibibaye uno musi. Kandi nta co twokwireguza kuko nta kintu na kimwe gifadika cabitumye.” 41Ahejeje kuvuga ivyo, aca acura iryo koraniro.
လက်ရှိရွေးချယ်ထားမှု
Ivyakozwe 19: BKC
အရောင်မှတ်ချက်
မျှဝေရန်
ကူးယူ

မိမိစက်ကိရိယာအားလုံးတွင် မိမိအရောင်ချယ်သောအရာများကို သိမ်းဆည်းထားလိုပါသလား။ စာရင်းသွင်းပါ (သို့) အကောင့်ဝင်လိုက်ပါ
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.