Ivyakozwe 17
17
Pawulo na Silasi bavuga Ubutumwa i Tesalonike
1Maze Pawulo na Silasi baca muri Amfipoli na Apoloniya, bashika i Tesalonike, ahari isinagogi y’Abayuda. 2Pawulo yinjira mw’isinagogi nk’uko yari asanzwe abigenza. Amara amasabato itatu akurikirana aharira na bo ku Vyanditswe Vyera, 3abasigurira yongera abereka ko Kristo yategerezwa kubabazwa no kuzuka mu bapfuye. Akababwira ati: “Uwu Yesu ndiko ndababwira, ni we Kristo.” 4Bamwe mu Bayuda banyurwa n’izo nyigisho, baca bifatanya na Pawulo na Silasi, co kimwe n’igitigiri kinini c’Abagiriki bubaha Imana, hamwe n’abagore b’abanyacubahiro batari bake.
5Ariko bamwe mu Bayuda bibatera ishari, baca bakoranya abantu b’imburakimazi babakuye mu mabarabara yaho, bagira umugwi munini, hanyuma batangura gutera imigumuko mu gisagara. Nuko binjira mu nzu kwa Yasoni barondera Pawulo na Silasi, kugira ngo babajane imbere y’ikoraniro. 6Bababuze baca bafata Yasoni na bamwe muri bene Data, babajana babakwega imbere y’abacamanza, basemerera bati: “Aba bagabo Pawulo na Silasi bateye imigumuko kw’isi hose, none bashitse na hano mu gisagara cacu. 7Yasoni ni we yabahaye indaro, kandi bariko barenga amategeko ya Kayisari, bavuga ko hariho uwundi mwami yitwa Yesu.” 8Abantu bose n’abatware b’igisagara bavyumvise bagira uruhagarara. 9Maze abatware b’ico gisagara baka Yasoni n’abari kumwe na we ingwati y’amafaranga, hanyuma barabarekura.
Pawulo, Silasi na Timoteyo bashika i Beroya
10Bugorovye, bene Data barungika Pawulo na Silasi i Beroya. Bashitseyo, binjira mw’isinagogi y’Abayuda. 11Abantu b’i Beroya bari bugurutse kurusha ab’i Tesalonike, kuko bakiriye Ubutumwa Bwiza n’ishaka ryinshi, bakama basesangura Ivyanditswe ku musi ku musi, kugira ngo barabe ko ivyo Pawulo abigisha ari ivy’ukuri. 12Nuko benshi mu Bayuda barizera, co kimwe n’abagore n’abagabo b’abanyacubahiro b’Abagiriki.
13Maze Abayuda b’i Tesalonike bumvise ko Pawulo ariko yigisha ijambo ry’Imana i Beroya, baca bajayo, bosha abantu gutera imigumuko. 14Ubwo nyene bene Data baca barungika Pawulo ajana inzira ija ku kiyaga, ariko Silasi na Timoteyo baguma i Beroya. 15Abaherekeje Pawulo bamushikana muri Atenayi, baca basibura i Beroya. Nuko Pawulo abatuma kuri Silasi na Timoteyo ababwira ko boca bamusangayo badatevye.
Ivyabereye muri Atenayi
16Pawulo akibarindiririye muri Atenayi, agira intuntu mu mutima kubera ibigirwamana vyinshi yabonye muri ico gisagara. 17Ivyo vyatumye yama aja mw’isinagogi yaho, agaharira n’Abayuda n’Abagiriki bubaha Imana, kandi imisi yose yama aja mu bibanza abantu bahuriramwo, agahaririraho n’abo ahasanze. 18Maze umugwi w’abanyabwenge bitwa Abepikureyo n’Abasitoyiko, batangura guharira na we. Bamwe barabaza bati: “Mbega ivyo ariko aradedemba ni ibiki?” Abandi bakavuga bati: “Umenga ariko avuga ivy’imana z’inyamahanga.” Ivyo babivuze kuko Pawulo yariko ababwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu n’izuka. 19Nuko bamujana imbere y’abagize inama nkuru y’igisagara ari yo bita Areyopago, bamubwira bati: “Twoshobora kumenya izo nyigisho nshasha uzanye? 20Ivyo uzanye bimeze nk’ivyaduka mu matwi yacu, tugomba kumenya ivyo ari vyo.” 21(Mu bisanzwe abantu bo muri Atenayi n’abanyamahanga bahaba bama bahura ata kindi kibahuje atari ukuvuga n’ukwumviriza inkuri nshasha.)
22Nuko Pawulo ahagarara imbere y’ikoraniro rya Areyopago, avuga ati: “Yemwe bantu bo muri Atenayi, ndabona ko mwubaha cane imana zanyu mu buryo bwose. 23Kuko igihe nariko ndagendagenda ndaba ivyo mukoresha mu gusenga, nabonye n’igicaniro canditsweko ngo:
ic’imana itazwi.
None rero iyo musenga mutazi niyo ngira ndababwire.
24Imana yaremye isi n’ibiyirimwo ni yo Mwami y’ijuru n’isi kandi ntiba mu ngoro zubatswe n’abantu. 25Ntikeneye ko abantu bayifasha nkaho umenga hari ico ibuze, kuko ari yo nyene iha abantu ubuzima no guhumeka, hamwe n’ibindi vyose. 26Mu ruvyaro rw’umuntu umwe yakuyemwo amoko yose iyakwiza kw’isi yose. Ni yo yabashiriyeho igihe bazobaho, ibashingira n’imbibe z’aho bazoba. 27Imana yakoze ivyo kugira ngo abantu bayirondere, kandi kugira ngo kumbure nibagerageza kuyirondera baze bayibone, n’aho itari kure y’umuntu n’umwe muri twebwe. 28Ni kubera yo tubayeho, tukagendagenda, kandi tukagira ubuzima. Nk’uko bamwe mu bahinga banyu babivuze, ‘Turi uruvyaro rwayo.’
29None rero, ko turi uruvyaro rwayo, ntidukwiye kwiyumvira ko Imana imeze nk’igishushanyo gikozwe mu nzahabu, mw’ifeza canke mw’ibuye, mu buhinga n’amaboko vy’abantu. 30Ibihe vy’ubutamenya Imana yaravyihanganiye, ariko ubu ihamagarira abantu aho bari hose kwihana, 31kuko yashinze umusi izocira imanza isi mu bugororotsi, ikoresheje uwo yagenye. Iyo Imana yabigaragaje kuri bose mu kumuzura mu bapfuye.”
32Bumvise ivyo kuzuka kw’abapfuye, bamwe baritwengera, ariko abandi bavuga bati: “Tuzosubira kukwumviriza kuri ivyo ikindi gihe.” 33Nuko Pawulo aca ava muri iryo koraniro. 34Ariko bamwe mu bari aho baca bacika abigishwa ba Pawulo, barizera. Muri abo harimwo Diyonisiyo, umwe mu bagize inama Areyopago, umugore yitwa Damari, hamwe n’abandi.
လက်ရှိရွေးချယ်ထားမှု
Ivyakozwe 17: BKC
အရောင်မှတ်ချက်
မျှဝေရန်
ကူးယူ

မိမိစက်ကိရိယာအားလုံးတွင် မိမိအရောင်ချယ်သောအရာများကို သိမ်းဆည်းထားလိုပါသလား။ စာရင်းသွင်းပါ (သို့) အကောင့်ဝင်လိုက်ပါ
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.