Ivyakozwe 10
10
Koruneliyo abwirwa gutumako Simoni Petero
1I Kayisariya hari umugabo yitwa Koruneliyo, yari umugabisha w’umuce w’ingabo bita Umuce w’Abataliyano. 2We n’umuryango wiwe bari bariyeguriye kwubaha Imana. Yaratanga ivyiwe abifashisha aboro, kandi agasenga cane yamizako. 3Umusi umwe, hari nk’igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, yerekwa abona mu buryo bugarara umumarayika w’Imana yinjiye aho ari, akavuga ati: “Koruneliyo!”
4Koruneliyo na we amuhanga amaso yuzuye ubwoba, aramubaza ati: “Ni iki ga Mwami?”
Wa mumarayika aramwishura ati: “Amasengesho yawe n’ibikorwa vyawe vy’imbazi vyaduze biba nkishikanwa ry’icibutso imbere y’Imana. 5Nuko rero rungika abantu i Yopa, bazane umugabo yitwa Simoni ari we Petero. 6Ari kumwe na Simoni, akora ivyo gutunganya insato, inzu yiwe iri ku nkengera y’ikiyaga.”
7Wa mumarayika baganira amaze kugenda, Koruneliyo aca ahamagara babiri mu bakozi bari kumwe n’umusoda yubaha Imana, yari umwe mu bamugendanira. 8Nuko ababwira ivyabaye vyose aca abatuma i Yopa.
Ivyo Petero yeretswe
9Bukeye, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ba bantu bakiri mu nzira bagira bashike i Yopa, Petero aduga ku gisenge c’inzu gusenga. 10Hanyuma arasonza, ashaka ico arya. Bakiriko barategura infungurwa, amera nk’uwerekwa. 11Abona ijuru ryugurutse, abona ikintu kimeze nk’igitambara kinini cururutswa hasi gifashwe ku mitwe yaco uko ari ine. 12Carimwo ibikoko vy’ubwoko bwose bigendera ku maguru ane, ibikwega inda hasi, hamwe n’ibiguruka mu kirere. 13Maze yumva ijwi rimubwira riti: “Petero we, haguruka, ubage, urye.”
14Petero na we yishura ati: “Oyaye Mwami, ntibikabe! Kuko jewe ntigeze ndya ikintu na kimwe gihumanye.”
15Rya jwi ryongera kumubwira ubwa kabiri riti: “Ico Imana yahumanuye ntukacite igihumanye.”
16Ivyo biba incuro zitatu, ca gitambara gica gisubira kuduzwa mw’ijuru.
17Petero akiriko ariyumvira insobanuro y’ivyo yeretswe, ba bantu bavuye kwa Koruneliyo baba barashitse kuri ya nzu ya Simoni, bahagarara kw’irembo. 18Maze barahamagara babaza ko Simoni yitwa Petero yoba ariho asembereye.
19Petero akiriko ariyumvira kuri bimwe yerekwa, Mpwemu Yera aramubwira ati: “Simoni, hari abantu batatu bariko barakurondera. 20Haguruka wururuke kandi ntutinye kujana na bo kuko ari jewe nabarungitse.”
21Petero arururuka, abwira ba bantu ati: “Ni jewe muriko murarondera. Muzanywe n’iki?”
22Ba bantu barishura bati: “Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire.” 23Nuko Petero aca arabakira ngo barare ngaho.
Petero yigisha mu nzu kwa Koruneliyo
Bukeye Petero ajana na bo, aherekejwe na bamwe bo mu bizera b’i Yopa. 24Ku musi ukurikira barashika i Kayisariya, kandi Koruneliyo yari abiteze, yari yakoranije incuti n’abagenzi biwe. 25Petero ashitse, Koruneliyo aca akubita ibipfukamiro hasi ngo amusenge. 26Ariko Petero aramubwira ati: “Haguruka kuko nanje ndi umuntu nka we.”
27Nuko bagenda baraganira binjira mu nzu, Petero asanga hari isinzi ry’abantu bahakoraniye. 28Aca arababwira ati: “Murazi neza ko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umunyamahanga canke ngo amugendere. Ariko Imana yanyeretse ko ntakwiye gufata umuntu n’umwe nk’uwuhumanye. 29Ni co gituma igihe mwantumako nemeye kuza ntahigimanze. Nagomba rero kubaza icatumye muntumako.”
30Koruneliyo aramwishura ati: “Haciye imisi itatu, nari iwanje ndiko ndasenga, hari nk’igihe c’isaha icenda. Hanyuma mbona umuntu yambaye impuzu zikayangana ahagaze imbere yanje 31ambarira ati: ‘Koruneliyo, Imana yumvise amasengesho yawe, kandi yibutse n’ibikorwa vyawe vy’imbabazi. 32Tumako Simoni bita Petero, ari i Yopa. Asembereye mu nzu kwa Simoni akora ibijanye no gutunganya insato, aba ku nkengera y’ikiyaga.’ 33Ni ko guca ndagutumako ubwo nyene, kandi wagize neza kuza. None rero ubu twese turi hano imbere y’Imana kugira ngo twumve ivyo Imana yagutumye kutubwira vyose.”
34Nuko rero Petero aherako aravuga ati: “Ubu rero ni ho nkimenya vy’ukuri ko Imana idatoranya abantu ku butoni, 35ariko ko mu mahanga yose umuntu wese ayubaha agakora ibigororotse imwemera. 36Murazi ijambo Imana yarungikiye Abisirayeli, ryavuga Inkuru Nziza y’amahoro abonerwa muri Yesu Kristo, ari we Mwami wa bose. 37Murazi ivyabaye i Yudaya hose, uhereye i Galilaya inyuma y’umubatizo Yohana yigisha; 38ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.
39Natwe turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo yakoze vyose mu gihugu c’Abayuda n’i Yerusalemu. Yishwe abambwe ku musaraba, 40ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye ku musi ugira gatatu, ituma asubira kuboneka. 41Ntiyabonywe na bose, kiretse twebwe abo Imana yari yaratoranije nk’ivyabona, twasangiye na we amaze kuzuka mu bapfuye. 42Kandi yadutuma kwigisha abantu no gushinga intahe ko ari we Imana yashiriyeho kuba umucamanza w’abazima n’abapfuye. 43Abavugishwa n’Imana bose baramushingira intahe ko uwumwizeye wese azoharirwa ivyaha mw’izina ryiwe.”
44Petero akiriko aravuga ayo majambo, Mpwemu Yera amanukira ku bumvise ubwo butumwa bose. 45Abizera bari barakebwe bari bazananye na Petero batangazwa cane n’uko ingabire ya Mpwemu Yera yasutswe no ku Banyamahanga na bo, 46kuko babumvise bavuga mu ndimi zitamenyekana, bahimbaza Imana.
Maze Petero aravuga ati: 47“Mbega hari uwobuza aba bantu kubatizwa mu mazi, kandi baronse Mpwemu Yera nk’uko natwe twamuronse?” 48Nuko asaba ko bababatiza mw’Izina rya Yesu Kristo. Baca binginga Petero ngo amarane na bo imisi na mikeya.
လက်ရှိရွေးချယ်ထားမှု
Ivyakozwe 10: BKC
အရောင်မှတ်ချက်
မျှဝေရန်
ကူးယူ

မိမိစက်ကိရိယာအားလုံးတွင် မိမိအရောင်ချယ်သောအရာများကို သိမ်းဆည်းထားလိုပါသလား။ စာရင်းသွင်းပါ (သို့) အကောင့်ဝင်လိုက်ပါ
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.