YouVersion लोगो
सर्च आयकॉन

Matayo 3

3
Yohana Umubatizi yigisha, abatiza
1 # Luk 1:13. Mur’ iyo misi haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bg’i Yudaya,#Mrk 1:1-8; Luk 3:3-18. 2#Mat 4:17.ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi. 3Uyo ni we yavuzwe na Yesaya yavugishwa n’Imana,
at’ Ijwi ry’ūsemererera mu bugaragwa,
Ati Ni mutegure inzira y’Uhoraho,
Mugorore iz’ ibihamo ziwe.#Yes 40:3; Yoh 1:23.
4 # 2 Abam 1:8. Yohana uyo, imyambaro yiwe yar’ iy’ ubgoya bg’ingamiya, yayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero; indya ziwe zar’ inzige n’ubūki bgo mw ishamba. 5Maz’ ab’i Yerusalemu n’ab’i Yudaya bose n’igihugu giherereye kuri Yorodani cose, bava i wabo baza kuri we, 6babatizwa na we mu ruzi Yorodani, bātura ivyaha vyabo.
7 # Mat 12:34; 23:33; Ita 3:15. Abonye benshi bo mu Bafarisayo no mu Basadukayo bazanywe no kugira ngw ababatize, arababaza, ati Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababūriye ngo muhunge uburake buzoza? 8Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana. 9#Rom 2:28, 29; 4:12; Yoh 8:33, 39.Mwoye kwiyumvira mu mitima, muti Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu. 10#Luk 13:6-9; Yoh 15:6.Arikw incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; nuko rer’ igiti cose kitāma ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro. 11#Yoh 1:15, 26, 27, 33; Ivyak 1:5.N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro. 12#Mat 13:30.Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, kand’ azokubūra imbuga yiwe neza, yimburire ingano ziwe mu kigega, maz’ umuguruka awuturire mu muriro utazima.
Kubatizwa kwa Yesu
13 # Mrk 1:9-11; Luk 3:21-22; Yoh 1:31-34. Ico gihe Yesu ava i Galilaya, aja kuri Yorodani aje kuri Yohana, azanywe no kubatizwa na we. 14Ariko Yohana agomba kumwankira, ati Kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: non’ uje kuri jewe? 15Yesu aramwishura, ati Bikunde: kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose. Bun’ aramukundira; 16Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako. 17#Mat 17:5; Zab 2:7; Yes 42:1.Buno rer’ ijwi riva mw ijuru, rit’ Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.

सध्या निवडलेले:

Matayo 3: RUN1967

ठळक

सामायिक करा

कॉपी करा

None

तुमचे हायलाइट तुमच्या सर्व डिव्हाइसेसवर सेव्ह करायचे आहेत? साइन अप किंवा साइन इन