Лого на YouVersion
Икона за пребарување

Yohana 3

3
Yesu na Nikodemu
1Hari umuntu yitwa Nikodemu, yari Umufarisayo akaba n’umwe mu bagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda. 2Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”
3Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri.”
4Nikodemu aramubaza ati: “Mbega umuntu ashaje yoshobora kuvuka ubwa kabiri gute? Yoshobora gusubira mu nda ya nyina, akongera akavuka?”
5Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu. 6Umubiri uvyara umubiri, ariko Mpwemu avyara impwemu. 7Ntutangazwe n’uko ndakubwiye nti: ‘Utegerezwa kuvuka ubwa kabiri.’ 8Umuyaga uhuhutira aho ushaka, wewe ukumva uhuhuta gusa, ariko ntushobora kumenya iyo uzanana canke iyo uja. Uko ni ko bimera no ku wuvyawe na Mpwemu.”
9Nikodemu aramubaza ati: “None ivyo bishoboka bite?”
10Yesu aramwishura ati: “Wewe ko uri umwigisha yubashwe muri Isirayeli, bigenda gute ngo ntutahure ibi? 11Ndakubwire ukuri, twebwe tuvuga ivyo tuzi, kandi dushingira intahe ivyo twabonye, ariko ntimwemera intahe yacu. 12Nimba nababwiye ibintu vyo kw’isi ntimwizere, mwoshobora mute kwizera ndababwiye ivyo mw’ijuru? 13Nta n’umwe arigera aduga mw’ijuru, kiretse Umwana w’Umuntu yamanutse avayo. 14Nk’uko Mose yamanitse inzoka ku giti mu bugaragwa, ni ko n’Umwana w’Umuntu ategerezwa kumanikwa, 15kugira ngo uwumwizera wese aronke ubugingo budashira.
16 Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntaranduke, ariko aronke ubugingo budashira. 17Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo kw’isi gucira urubanza abari kw’isi, ahubwo yamutumye kugira ngo ibakize biciye muri we. 18Uwizeye Umwana w’Imana ntashobora gutsindwa n’urubanza. Ariko uwutamwizera wese aramaze gutsindwa n’urubanza, kuko atizeye izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana. 19Iki ni co kibatsindisha: umuco waje mw’isi, ariko abantu bakunda umwijima kuruta umuco, kuko ibikorwa vyabo ari bibi. 20Umuntu wese akora ibibi yanka umuco, kandi ntiyegera umuco kuko atinya ko ibikorwa vyiwe bibi bija ahabona. 21Ariko umuntu wese akora ivy’ukuri yegera umuco, kugira ngo bigaragare ko ivyo akora abikorera mu kwubaha Imana.”
Yohana yongera gushingira intahe Yesu
22Hanyuma y’ivyo, Yesu ajana n’abigishwa biwe mu ntara ya Yudaya, agumana na bo igihe abatiza. 23Ico gihe Yohana na we yariko arabatiriza ahitwa Ayinoni hafi y’i Salimu, kuko hari amazi menshi, kandi abantu baguma baza kubatizwa. 24(Aho hari imbere yuko Yohana atabwa mw’ibohero.) 25Bamwe mu bigishwa ba Yohana batangura guharira n’uwundi Muyuda umwe ku bijanye n’umugenzo wo kwihumanura. 26Nuko baza aho Yohana ari bamubwira bati: “Rabi, wa muntu yari kumwe na we hakurya y’uruzi Yorodani, umwe washingira intahe, ariko arabatiza kandi abantu bose baja iyo ari.”
27Yohana arabishura ati: “Nta co muntu ashobora kuronka atagihawe kivuye mw’ijuru ku Mana. 28Mwebwe ubwanyu muri ivyabona ko navuze nti: ‘Jewe sindi Kristo, ahubwo natumwe kumutegurira inzira.’ 29Erega umugeni ni uw’umukwe. Ariko umugenzi ahagarikiye umukwe amuhagarara i ruhande akamwumviriza, akanezerwa no kwumva ijwi ryiwe. Uwo ni wo munezero wanje kandi uruzuye. 30Akwiye kurushiriza kuba mukuru, nanje nkarushiriza kuba muto.
31Uwamanutse ava mw’ijuru aruta bose, uwaje ava kw’isi ni uw’isi kandi avuga nk’uw’isi nyene, ariko uwaje ava mw’ijuru aruta bose. 32Uwo ashingira intahe ivyo yabonye n’ivyo yumvise, yamara nta n’umwe yemera intahe yiwe. 33Ariko uwemera intahe yiwe wese aba yemeje ko Imana ivuga ukuri. 34Uwo Imana yatumye avuga amajambo y’Imana, kuko Imana imuha Mpwemu itamupimiye. 35Se arakunda Umwana kandi yamuhaye kuganza vyose. 36Uwizera Umwana afise ubugingo budashira, ariko uwutamwizera ntazoronka ubugingo budashira, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.”

Селектирано:

Yohana 3: BKC

Нагласи

Сподели

Копирај

None

Дали сакаш да ги зачуваш Нагласувањата на сите твои уреди? Пријави се или најави се