YouVersion logotips
Meklēt ikonu

Luka 18

18
Umugani w’umupfakazi n’umucamanza agabitanya
1Yesu aca abacira umugani, kugira ngo abereke ko bakwiye kwama basenga, ntibadendebukirwe. 2Arababwira ati: “Mu gisagara kimwe habaye umucamanza atubaha Imana kandi atasonera n’abantu. 3Kandi muri ico gisagara hari umugore yama aza kumwinginga ati: ‘Ncira urubanza runkiza uwundenganya.’
4 Uwo mucamanza amara igihe atamwumviriza. Ariko arateba aribwira ati: ‘Ni vyo, nsintinya Imana kandi sinsonera n’abantu, 5ariko kubera uwu mupfakazi arangoye cane; ngira ndamutunganirize kugira ngo ntabandanye aza kunduhisha.’ ”
6Umwami Yesu yongerako ati: “Nimwumve ivyo uwo mucamanza agabitanya yavuze. 7Mbega Imana ntizotunganiriza abo yatoranije, bayitakambira ijoro n’umurango? Mbega mwibaza ko izobatevya? 8Ndababwire ukuri, izokwihuta kubatunganiriza. Ariko none, aho Umwana w’Umuntu azogarukira, azosanga ukwizera kw’isi?”
Umugani w’Umufarisayo n’umutozakori
9Yesu yongera acira uwu mugani abishimira ukugororoka kwabo bagakengera abandi, ati: 10“Abantu babiri baduze mu rusengero gusenga, umwe yari Umufarisayo uwundi akaba umutozakori. 11Wa Mufarisayo ahagarara ukwiwe, asenga avuga ati: ‘Mana ndagushima ko ntameze nk’abandi: abasuma, inkozi z’ikibi, abasambanyi, kandi simeze nk’urya mutozakori. 12Nisonzesha kabiri mu ndwi, kandi ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.’
13 Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.’
14 Ndababwire ukuri, uwo mutozakori yatashe yemewe nk’umugororotsi imbere y’Imana, ariko kuri wa Mufarisayo si ko vyagenze. Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”
Yesu ahezagira abana bato
15Umusi umwe abavyeyi bazanye abana babo bato aho Yesu ari kugira ngo abakoreko abahezagire. Ariko abigishwa barabakankamira. 16Ariko Yesu asaba ko babamuzanira, abwira abigishwa biwe ati: “Nimureke abana baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nka bo. 17Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.”
Umutware w’umutunzi
18Umutware umwe aramubaza ati: “Mwigisha mwiza, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”
19Yesu aramwishura ati: “Unyitira iki mwiza? Nta mwiza ahari, kiretse Imana yonyene. 20Urazi ko amabwirizwa avuga ngo: ‘Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma, wubahe so na nyoko?’#18:20 Kuvayo 20:12-16; Gusubiramwo 5:16-20
21Na we yishura ati: “Ayo yose nayakurikije kuva nkiri muto.”
22Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”
23Wa muntu avyumvise arababara cane kuko yari atunze cane. 24Yesu abonye ukuntu ababaye, aca avuga ati: “Biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’Imana. 25Vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana.”
26Abavyumvise baramubaza bati: “None, nimba biri uko, ni nde ashobora gukizwa?”
27Yesu arabishura ati: “Ibidashobokera abantu bishobokera Imana.”
28Maze Petero aramubarira ati: “Twebwe twasize ivyacu vyose turagukurikira!”
29Yesu aramwishura ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu yasize inzu, canke umugore, canke abavukanyi, canke abavyeyi, canke abana kubera Ubwami bw’Imana, 30atazovyishurwa incuro nyinshi muri iki gihe, kandi mu gihe kizoza akazoronka ubugingo budashira.”
Yesu yongera kuvuga ivy’urupfu rwiwe
31Hanyuma Yesu aca yihereranya bamwe cumi na babiri, arababwira ati: “Ehe tugira tuduge i Yerusalemu, aho Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyose ku Mwana w’Umuntu bizomushikirako. 32Azotangwa ahabwe Abanyamahanga, bamucokore, bamutuke, bamucireko amate, 33bamukubite, hanyuma bamwice. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka.”
34Ariko abigishwa ntibigera batahura ikintu na kimwe muri ivyo ababwiye. Insiguro yavyo yari ihishijwe, bituma badatahura ico ashatse kubabwira.
Yesu ahumura impumyi
35Yesu agira ashike i Yeriko, hari impumyi yari yicaye ku nzira isegerereza. 36Yumvise abantu benshi bariko bararengana, ibaza ibiriko biraba. 37Na bo bayibwira bati: “Ni Yesu w’i Nazareti ariko ararengana.”
38Aca arasemerera ati: “Yesu, Mwana wa Dawidi, ngirira impuhwe!”
39Abari imbere ya Yesu baramuzibiza ngo ahore, ariko arushiriza gusemerera ati: “Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!”
40Yesu aca arahagarara, asaba ko bamumuzanira. Amushikiriye, Yesu aramubaza ati: 41“Ushaka ko ndagukorera iki?”
Na we arishura ati: “Mwami, ndashaka guhumuka.”
42Yesu aramubwira ati: “Humuka, ukwizera kwawe kuragukijije.” 43Ako kanya nyene aca arahumuka, akurikira Yesu ashima Imana. Abari aho bose babibonye bashima Imana.

Pašlaik izvēlēts:

Luka 18: BKC

Izceltais

Dalīties

Kopēt

None

Vai vēlies, lai tevis izceltie teksti tiktu saglabāti visās tavās ierīcēs? Reģistrējieties vai pierakstieties