YouVersion logotips
Meklēt ikonu

Luka 15

15
Umugani w’intama yazimiye
1Umusi umwe abatozakori n’abanyavyaha bari bakikije Yesu bamwumviriza. 2Maze Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwidodomba bati: “Uwu mugabo yicarana n’abanyavyaha, agasangira na bo!”
3Yesu aca abacira uwu mugani ati: 4“Hamwe muri mwebwe hoba hari uwufise intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, ntiyosiga izo mirongo icenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyo yazimiye gushika ayitoye? 5Kandi ayitoye yoyiterera ku rutugu anezerewe. 6Ashitse i muhira, yoca ahamagara ababanyi n’abagenzi akababwira ati: ‘Nimuze tunezeranwe kuko natoye intama yanje yari yazimiye.’ 7Ndababwire ukuri, no mw’ijuru haba umunezero mwinshi iyo umunyavyaha umwe yihanye gusumba uwo bagirira abagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye kwihana.
Umugani w’ihera ryatakaye
8 Canke nk’umugore yoba afise ibiceri cumi vy’ifeza, hanyuma kimwe kigatakara, mbega ntiyokwatsa itara, agakubura inzu yose, akakirondera gushika agitoye? 9Kandi agitoye yohamagara ababanyi n’abagenzi bose, akababwira ati: ‘Nimuze tunezeranwe kuko natoye igiceri canje c’ifeza cari catakaye.’ 10Ni ko n’abamarayika b’Imana bagira umunezero iyo umunyavyaha umwe yihanye.”
Umugani w’umwana w’icangazi
11Yesu abandanya ababwira ati: “Habaye umugabo yari afise abahungu babiri. 12Umusi umwe, umuhungu muto aritora abarira se ati: ‘Data, mpa umugabane w’ubutunzi norazwe.’ Nuko se abagaburira ubutunzi bwiwe.
13 Haciye imisi mike wa muhungu muto yegeranya ubutunzi bwiwe, aja mu gihugu ca kure, yononera rya tunga ryiwe mu buhumbu. 14Amaze gusesagura bwa butunzi bwose, haca hatera amapfa muri ico gihugu, maze wa muhungu arakena. 15Nuko aja gushumbira umuntu wo muri ico gihugu, na we amurungika mu mirima yiwe kumuragirira ingurube. 16Uwo muhungu arasonza gushika aho yipfuza ivyokurya vy’ingurube, ariko na vyo nta n’umwe yabimuha.
17 Ariko umusi umwe akenge karagaruka, aribwira ati: ‘Kwa data hari abakozi benshi kandi bararya bagasigaza, ariko jeho inzara igira inyicire hano. 18Ngira mpaguruke nsubire kwa data ndamubwire nti: Data naracumuye ku Mana yo mw’ijuru, ncumura no kuri wewe. 19Sinkibereye kwitwa umwana wawe; ntabara umfate nk’umwe mu bakozi bawe.’ 20Nuko afata akayira aja kwa se.
Akiri kure, se aramubona, afatwa n’ibigumbagumba, ariruka aja kumusanganira, aramugumbira, aramusomagura.
21 Wa muhungu abarira se ati: ‘Data, naracumuye ku Mana yo mw’ijuru, ncumura no kuri wewe. Sinkibereye kwitwa umwana wawe.’
22 Ariko se aca abarira abakozi biwe ati: ‘Nimwihute muzane ikanzu nziza iruta izindi muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke, n’ibirato ku birenge. 23Hanyuma muzane n’impfizi ivyibushe muyibage, turye, tunezerwe, 24kuko umwana wanje yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ Nuko baca batangura kugira umusi mukuru.
25 Igihe ivyo vyaba, umuhungu mukuru yari mu murima. Ariko arataha, yegereye i muhira, yumva abacuraranga n’abatamba. 26Aca ahamagara umwe mu bakozi amubaza ibiriko biraba. 27Aramwishura ati: ‘Wa muhungu muvukana yagarutse, so aca abaga impfizi ivyibushe, kuko yagarutse akiri muzima.’
28 Wa muhungu mukuru aca arashavura, yanka no kwinjira mu nzu. Se aca arasohoka aja kumuhoyahoya, 29ariko uwo muhungu aramwishura ati: ‘Data, raba iyi myaka yose maze ndagukorera, numvira amategeko yawe yose. Ariko ntiwigeze umpa n’impene ikiri nto kugira ngo nezeranwe n’abagenzi banje. 30Ariko raba uwu muhungu wawe yononeye itunga ryose mu bamaraya, aragarutse uca umubagira impfizi ivyibushe!’
31 Se aramubwira ati: ‘Mwana wanje, wewe turamana imisi yose, kandi ivyo mfise vyose ni ivyawe. 32Vyari bikwiye ko tugira umusi mukuru tukanezerwa kuko umuvukanyi wawe yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ ”

Pašlaik izvēlēts:

Luka 15: BKC

Izceltais

Dalīties

Kopēt

None

Vai vēlies, lai tevis izceltie teksti tiktu saglabāti visās tavās ierīcēs? Reģistrējieties vai pierakstieties