Luka 10
10
Yesu arungika abandi mirongo irindwi na babiri
1Ivyo biheze, Umwami Yesu aca arungika abandi mirongo irindwi na babiri, abarungika ari babiri babiri, ngo babe baramwitangira imbere mu bisagara n’ahandi hantu hose yari yimirije kuja. 2Arababarira ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, ariko abimbuzi ni bake. Nimwinginge nyene ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe. 3Nimugende! Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. 4Ntihagire amahera, isakoshi canke ibirato vyo gukuranya mwitwaza; kandi ntimuramutse abantu mu nzira.
5 Igihe cose mwinjiye mu nzu y’umuntu, muzobanze muramutse muti: ‘Amahoro abe kuri iyi nzu.’ 6Nimwasanga abo muri iyo nzu ari abanyamahoro, umuhezagiro wanyu uzoba kuri bo. Atari uko na ho, umuhezagiro wanyu uzobagarukako. 7Muze mugume muri iyo nzu nyene, mufungura kandi munywa ivyo babahaye, kuko umukozi wese abereye impembo yiwe. Ntimuze muve mu nzu muja mu yindi.
8 Nimwinjira mu gisagara bakabakira, muzofungure ivyo muhasanze. 9Mukize abarwaye, mwongere mubabwire muti ‘Ubwami bw’Imana burabegereye.’ 10Ariko nimwinjira mu gisagara ntibabakire, muzoje mu mayira yaho, muvuge muti: 11‘N’umukungugu wo mu gisagara canyu uri ku birenge vyacu turawukunkumuye kugira ngo bibabere icagiriji, ariko mumenye neza ko Ubwami bw’Imana bubegereye.’ 12Ndababwire ukuri, ku musi w’imanza, i Sodomu hazogira agahengekerezo kurusha ico gisagara.
13 Uzobona ibara, yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abaho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota. 14Ariko ku musi w’imanza, i Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekerezo kurusha mwebwe. 15Nawe Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa gushika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i Kuzimu mu kibanza c’abapfuye.
16 Uwubumvira ni jewe aba yumviye, kandi uwubanka ni jewe aba yanse. Uwunyanse na we aba yanse uwantumye.”
17Bamwe mirongo irindwi na babiri bagarutse, baza bafise umunezero mwinshi bavuga bati: “Mwami, n’abadayimoni baratwumvira mw’izina ryawe.”
18Arababwira ati: “Nabonye Satani akoroka nk’umuravyo ava mw’ijuru. 19Ehe ndabahaye ububasha bwose bwo kunesha umwansi: muzohonyora inzoka na sikoropiyo muzimene imitwe, kandi nta na kimwe kizogira ico kibagira. 20Ariko ntimunezerwe n’uko impwemu mbi zibumvira, ahubwo munezerwe n’uko amazina yanyu yanditse mw’ijuru.”
21Muri ako kanya, Yesu yuzura umunezero wa Mpwemu Yera, aca avuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahanga, ukabihishurira abameze nk’abana bato. Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.
22 Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.”
23Maze arahindukira, abwira abigishwa biwe bonyene ati: “Harahiriwe amaso abona ivyo muriko murabona. 24Kuko ndababwira ko abavugishwa n’Imana n’abami benshi bipfuje kubona ivyo muriko murabona ntibabibona, bipfuza no kwumva ivyo muriko murumva, ntibavyumva.”
Umusamariya w’impuhwe
25Umusi umwe, umwigisha w’ivyagezwe yavuye hasi kugira ngo atege Yesu umutego, aramubaza ati: “Mwigisha, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”
26Yesu aramwishura ati: “Ivyagezwe vya Mose bivuga iki? Ubitahura gute?”
27Aramwishura ati: “ ‘Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, ubugingo bwawe bwose, inkomezi zawe zose, ubwenge bwawe bwose’#10:27 Abalewi 19:18; kandi, ‘Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.’#10:27 Gusubiramwo 6:5”
28Yesu aramubwira ati: “Wishuye neza. Genda ubigenze uko, uzobaho ibihe bidashira.”
29Ariko wa muntu agomvye kwisigura, aca abaza Yesu ati: “None mugenzanje ni nde?”
30Mu kumwishura ico kibazo, Yesu amubwira ati: “Habaye umugabo w’Umuyuda yariko aramanuka ava i Yerusalemu aja i Yeriko, hanyuma agwa mu maboko y’abambuzi. Bamwambura ivyo yari afise vyose, baramukubita, bamusiga ari hafi gupfa. 31Maze akirambaraye aho hantu, haca haza umuherezi yari amanukanye iyo nzira nyene. Amubonye, aca kure yiwe ku rundi ruhande rw’inzira, arirenganira. 32Hanyuma haca Umulewi#10:32 Umulewi umukozi wo mu ngoro y’Imana na we nyene aramubona, ariko aca aca kure yiwe ku rundi ruhande rw’inzira, arireganira. 33Ariko mu nyuma haza Umusamariya, ashika aho wa muntu arambaraye. Amubonye, amutera ikigongwe. 34Aca aramwegera, asomoza ibikomere vyiwe umuvinyu, abisiga amavuta ya elayo, hanyuma abipfukisha igitambara. Aca amushira ku ndogoba yiwe, amutwara mu nzu y’ingenzi, abandanya amwitaho. 35Bukeye asokorora idenariyo zibiri azisigarana uwujejwe iyo nzu, amubwira ati: ‘Uwu muntu mumwiteho cane. Ninagaruka nzoriha ayo muzoba mwakoresheje arenga kuri aya.’
36 None muri abo bose, ni nde yabonetse nk’umugenzi w’uwo muntu yaguye mu bambuzi?”
37Wa mwigisha w’ivyagezwe aramwishura ati: “Ni uwo yamugiriye impuhwe.”
Yesu aca aramubwira ati: “Genda nawe ukore uko.”
Marita na Mariya
38Nuko Yesu n’abigishwa biwe babandanije urugendo, bashika mu mihana, ahaba umugore yitwa Marita, na we abaha ikaze iwe. 39Marita yari afise mwene nyina yitwa Mariya. Maze Mariya aragenda yicara imbere y’Umwami Yesu, yumviriza inyigisho ziwe. 40Ariko Marita we yari yatwawe n’ibikorwa vyinshi vyo gutegura inzimano. Nuko abaza Yesu ati: “Mwami, mbega nta co bikubwiye kubona mwene mama yantanye ibikorwa? Mubwire aze amfashe.”
41Ariko Umwami Yesu aramwishura ati: “Marita, Marita, reka guhagarika umutima, wigora muri vyinshi. 42Hari ikintu kimwe gusa gikenewe kuruta ibindi. Mariya yahisemwo ikintu ciza, kandi ntazocakwa.”
Pašlaik izvēlēts:
Luka 10: BKC
Izceltais
Dalīties
Kopēt
Vai vēlies, lai tevis izceltie teksti tiktu saglabāti visās tavās ierīcēs? Reģistrējieties vai pierakstieties
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.