Yohana 17
17
Yesu yisengera
1Yesu ahejeje kuvuga ayo amajambo, arangamiza mw’ijuru asenga ati:
“Data, igihe kirashitse. Nuheshe Umwana wawe icubahiro, kugira ngo na we aguheshe icubahiro. 2Wamuhaye ububasha ku bantu bose kugira ngo ahe ubugingo budashira abo wamuhaye bose. 3Ubu ni bwo bugingo budashira: ko bakumenya wewe, Imana y’ukuri yonyene, na Yesu Kristo, uwo watumye. 4Naguhesheje icubahiro hano kw’isi mu kurangiza igikorwa wampaye. 5None Data numpe ca cubahiro nari mfise ndi kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho.
Yesu asengera abigishwa biwe
6 Narakumenyekanishije ku bo wampaye ubakuye mw’isi. Bari abawe urabampa, kandi bumviye ijambo ryawe. 7Ubu barazi ko ivyo mfise vyose vyavuye iwawe, 8kuko nabahaye amajambo wampaye kandi barayakira. Bamenye badakekeranya ko naje mva iwawe kandi bizeye ko ari wewe wantumye. 9Ndabasengeye; sinsengeye isi, ariko nsengeye abo wampaye, kuko ari abawe. 10Abanje bose ni abawe, kandi abawe bose ni abanje. Kandi icubahiro canje kigaragarira muri bo. 11Jewe ngiye kuva mw’isi, nze aho uri, ariko bo baracari mw’isi. Data Wera, bazigamire mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa, kugira ngo babe umwe nk’uko wewe nanje turi umwe. 12Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa. Narabarinze kandi nta n’umwe muri bo yazimiye kiretse umwe yategerezwa kuranduka kugira ngo Ivyanditswe bishike.
13 Data, ubu ndaje aho uri, ariko mvuze aya majambo nkiri mw’isi kugira ngo bagire umunezero wanje kandi bawugire wuzuye. 14Nabahaye ijambo ryawe, kandi isi yarabanse kuko batakiri abayo, nk’uko nanje ntari uwayo. 15Sindagusavye ngo ubakure mw’isi, ariko ndagusavye ngo ubarinde wa mubi. 16Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uwayo. 17Bezeshe ukuri; ijambo ryawe ni ryo kuri. 18Nk’uko wantumye mw’isi, nanje ndabatumye mw’isi. 19Ku bwabo ndiyeza, kugira ngo na bo bezwe mu kuri.
Yesu asengera abizera bose
20 Sinsengeye aba gusa. Ariko ndasengeye n’abandi bose bazokwizera biciye ku butumwa bw’aba. 21Ndabasengeye ngo bose babe umwe; nk’uko wewe Data uri muri jewe nanje nkaba muri wewe, nibabe umwe muri twebwe, kugira ngo isi yizere ko wantumye. 22Icubahiro wampaye narakibahaye, kugira ngo babe umwe nk’uko twe nawe turi umwe: 23jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, aho ni ho bazoba umwe vy’ukuri, kugira ngo isi imenye ko wantumye kandi ko ubakunda nk’uko unkunda.
24 Data, ndashaka ko abo wampaye babana nanje aho ndi, kugira ngo babone ubwiza bwanje, bumwe wampa, kuko wankunze isi itararemwa.
25 Data ugororotse, naho isi itakuzi, jewe ndakuzi, kandi aba barazi ko ari wewe wantumye. 26Narakumenyekanishije muri bo, kandi nzobandanya ndakumenyekanisha kugira ngo urukundo unkunda rube muri bo kandi nanje mbe muri bo.”
Pašlaik izvēlēts:
Yohana 17: BKC
Izceltais
Dalīties
Kopēt
Vai vēlies, lai tevis izceltie teksti tiktu saglabāti visās tavās ierīcēs? Reģistrējieties vai pierakstieties
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.