YouVersion logotips
Meklēt ikonu

Itanguriro 13

13
Aburamu atandukana na Loti
1 # Ita 12:9. Aburamu aradūga ava muri Egiputa, bo n’umugore wiwe n’ivyiwe vyose, na Loti ajana na we, baja i Negebu. 2#Ita 24:35; Zab 112:3; Imig 10:22.Kandi Aburamu yar’ umutunzi cane w’amasho n’imikuku n’amafeza n’amazahabu. 3Nukw agenda aratāhīra, ava i Negebu arinda ashika i Beteli, ha hantu yashinze ihema ryiwe ubga mbere, hagati y’i Beteli n’i Hayi, 4#Ita 12:8.hamwe hahora igicaniro yubatse ubga mbere: Aburamu yambarizay’ izina ry’Uhoraho. 5Kandi na Loti yagendana na Aburamu na we yar’ afise imikuku n’amasho n’amahema. 6#Ita 36:7.Ico gihugu nticabakwira ngo babangikane, kukw itunga ryabo ryari ryinshi, bituma badashobora kubangikana. 7#Ita 12:6; 26:20.Haba intonganya hagati y’abungere ba Aburamu n’abungere ba Loti; kand’ ico gihe Abanyakanani n’Abaferizi ni bo bāba mur’ ico gihugu. 8#Zab 133:1; Ivyak 7:26; 1 Kor 6:7.Aburamu abarira Loti, ati Ndakwinginze, hoye kuba intonganya hagati yanje nawe, no hagati y’abungere banje n’abawe, kuko tuvukana. 9#Ita 20:15; 34:10; 47:6.Ereg’ igihugu cose kir’ imbere yawe! Ndakwinginze ngo duhāne inta: ni wahitamwo kuja i bumoso nanje ndaja i buryo; ni waja i buryo ndaja i bumoso. 10#Ita 2:8; 19:17, 24, 25, 28; Gus 34:3; Zab 107:34.Loti yunamura amaso, yitegereza ikiyaya cose co kuri Yorodani, abona ko har’ibigera vy’amazi hose. Uhoraho atararandura Sodomu na Gomora, ico kiyaya cari kimeze nka rya tongo ry’ Uhoraho, canke nk’ igihugu ca Egiputa ugiye werekeye i Sowari. 11Nuko Loti ahitamw’ ico kiyaya cose co kuri Yorodani; aragenda aja i burasirazuba, bahāna inta. 12Aburamu aba mu gihugu c’i Kanani, Loti aba mu bisagara vyo muri ca kiyaya, agenda arunguruza amahema arinda ashika i Sodomu. 13#Ita 18:20; Ezk 16:49; 2 Pet 2:7, 8.Kand’ Abanyesodomu bār’ abanyavyaha, bacumura k’Uhoraho birengeje urugero.
Uhoraho yongera gusezeranira Aburamu
14 # Ita 28:14. Loti amaze gutandukana na Aburamu, Uhoraho abarira Aburamu, at’ Unamura amaso yawe, uhēre ah’ uhagaze aho, witegereze i burārūko n’i bumanuko n’i burasirazuba n’i burengerazuba: 15#Ita 12:7; 2 Ngo 20:7; Ivyak 7:5.iki gihugu cose ubonye ni wewe nzogiha, n’uruvyaro rwawe, gushitsa ibihe vyose. 16#Ita 22:17; 28:14; 32:12; Guh 23:10; Heb 11:12.Kandi nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n’umukungugu wo hasi: namb’ umuntu yoshobora guharūra umukungugu wo hasi, n’uruvyaro rwawe na rwo rwoharūrwa. 17Va hasi, ugēndūre iki gihugu iyo kiva kikagera, kukw ari wewe nzogiha. 18#Ita 35:27.Aburamu yunguruza amahema, aragenda, aba i ruhande y’ibiti vya Mamure vyitwa imyeloni, bir’ i Heburoni, ahubakira Uhoraho igicaniro.

Pašlaik izvēlēts:

Itanguriro 13: RUN1967

Izceltais

Dalīties

Kopēt

None

Vai vēlies, lai tevis izceltie teksti tiktu saglabāti visās tavās ierīcēs? Reģistrējieties vai pierakstieties