1
Luka 23:34
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Yesu aravuga, ati Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora. Bagabura impuzu ziwe, barazipfindira.
Salīdzināt
Izpēti Luka 23:34
2
Luka 23:43
Aramwishura, ati Ndakubgire ukuri: Uyu musi urabana nanje muri Paradiso.
Izpēti Luka 23:43
3
Luka 23:42
Kand’ aravuga, at’ Urahava uz’ unyibuke Yesu, ah’ uzozira mu bgami bgawe.
Izpēti Luka 23:42
4
Luka 23:46
Yesu amaze gusemerera n’ijwi rirenga, aravuga, ati Data, mu maboko yawe ni ho nshize ubugingo bganje. Ahejeje kuvuga artyo aracīkāna.
Izpēti Luka 23:46
5
Luka 23:33
Bashitse ahantu hitwa Nyagihanga, bamubambanaho na za nkozi z’ibibi, umwe i buryo bgiwe, uwundi i bumoso.
Izpēti Luka 23:33
6
Luka 23:44-45
Kandi hāri nk’isaha zitandatu, ubgirakabiri bukorana mu gihugu cose, bushitsa mw isaha y’icenda, izuba ryazimanganye; igihuzu gikingiriza ahēra cane h’urusengero gitantamukamwo kubiri.
Izpēti Luka 23:44-45
7
Luka 23:47
Umugabisha w’abasoda ijana abonye ibibaye, ahimbaza Imana, ati N’ukuri uyu muntu yar’ umugororotsi.
Izpēti Luka 23:47
Mājas
Bībele
Plāni
Video