1
Yohana 6:35
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Yesu arababgira, ati Ni jewe mutsima w’ubugingo: ūza kuri jewe ntazosonza na mba, kand’ ūnyizera nta ho azogira inyota na mba.
비교
Yohana 6:35 살펴보기
2
Yohana 6:63
Impwemu ni zo zitera ubugingo, umubiri nta co umaze: amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubugingo.
Yohana 6:63 살펴보기
3
Yohana 6:27
Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w’umuntu azobaha, kukw ari we Imana Data yashizekw ikimenyetso.
Yohana 6:27 살펴보기
4
Yohana 6:40
Kukw iki ari co Data agomba: agomba yuk’ ūbona Umwana wese akamwizera, agira ubugingo budashira, nanje nkazomuzura ku musi w’iherezo.
Yohana 6:40 살펴보기
5
Yohana 6:29
Yesu na we arabishura, at’ Igikorwa c’Imana ngiki: n’uko mwizera uwo yatumye.
Yohana 6:29 살펴보기
6
Yohana 6:37
Ico Data ampa cose kiranshikīra, kand’ uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya.
Yohana 6:37 살펴보기
7
Yohana 6:68
Simoni Petero aramwishura, ati Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubugingo budashira
Yohana 6:68 살펴보기
8
Yohana 6:51
Ni jewe mutsima w’ubugingo wamanutse uvuye mw ijuru; ni hagira ūrya kur’ uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira: kand’ umutsima nzobaha n’umubiri wanje, utangirwa abari mw isi ngo bagire ubugingo.
Yohana 6:51 살펴보기
9
Yohana 6:44
Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye; nanje nzomuzura ku musi w’iherezo.
Yohana 6:44 살펴보기
10
Yohana 6:33
Kuk’ umutsima w’Imana ar’ ūmanuka uva mw ijuru, ugaha abari mw isi ubugingo.
Yohana 6:33 살펴보기
11
Yohana 6:48
Ni jewe mutsima w’ubugingo.
Yohana 6:48 살펴보기
12
Yohana 6:11-12
Maze Yesu yābīra ya mitsima, arayihezagira, ayigaburira abicaye, n’ifi na zo nk’uko bagomba. Bamaze guhāga, abgira abigishwa biwe, ati Ni mutororokanye utumanyagu tw’ imisigazwa, hoye kugira igipfa ubusa.
Yohana 6:11-12 살펴보기
13
Yohana 6:19-20
Bamaze gusōza nka stadiyo mirongwibiri na zitanu canke mirongwitatu, babona Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, arikw arēgēra ubgato, na bo baratinya. Maz’ arababgira, ati Ni jewe, nta co mutinya.
Yohana 6:19-20 살펴보기