Yohana 10
10
Umwungere mwiza
1N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūdaca mw irembo ry’urugo rw’intama, arikw akūririra ahandi, uwo aba ar’ igisuma n’umwambuzi. 2Arik’ ūca mw irembo ni we mwungere w’intama. 3Umuteramyi w’irembo aramwugururira, kand’ intama zumva ijwi ryiwe; ahamagara iziwe ntama mu mazina yazo, akaziturutsa. 4Kand’ iy’ amaze guturutsa iziwe zose, azija imbere, zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe. 5#Yoh 10:27.Arik’ uwo zitazi ntizomukurikira na mba, zomuhunga, kuko zitazi amajwi y’abandi. 6#Yoh 16:25.Yesu abacira uwo mugani, ariko bo ntibatahura ivyo ababgira ivy’ ari vyo.
7 #
Zab 118:20; Yoh 14:6; Mat 7:13, 14. Nuko Yesu yongera kubabgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni jewe rembo ry’intama. 8#Yer 23:1, 2.Abanyītangiye imbere bose bār’ ibisuma n’abambuzi, arikw intama ntizabumviye. 9#Zab 118:20; Yoh 14:6; 1 Kor 3:15.Ni jewe rembo, kand’ ūshika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka icanya. 10Igisuma ntikizanwa n’ikindi, atar’ ukwiba, n’ukwica, n’ugutikiza; nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busāgutse. 11#Zab 23:1; Luk 15:4-7; Yes 40:11; Ezk 34:11-23; 37:24; Yoh 15:13.Ni jewe mwungere mwiza; umwungere mwiza yigura intama ziwe. 12#Mat 10:16; Ivyak 20:29; Tit 1:11; 1 Pet 5:2, 3.Arik’ umucangero, atar’ umwungere bgite, kand’ intama atar’ iziwe, iy’ abonye ibingira rije, ata intama, agahunga: ibingira rikazisahura, rikazishwiragiza. 13Arahunga, kukw ar’ umucangero, atababaye intama. 14#2 Tim 2:19.Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n’izanje ziranzi, 15#Mat 11:27.nk’uko Data anzi, nanje nkamumenya; kandi ndigura intama zanje. 16#Ezk 37:24; 34:23; Yoh 11:52; 1 Pet 2:25; Ef 4:5.Kandi mfise n’izindi ntama zitar’ izo mur’ uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n’umwungere umwe. 17#Flp 2:8, 9.Igituma Data ankunda, n’uko ndekura ubugingo bganje, ngo mpeze nsubire kubgābīra. 18#Yoh 5:26; 19:11.Nta n’umwe abunyaka, kuko mburekura kubganje: mfise ububasha bgo kuburekura, mfise n’ububasha bgo gusubira kubgābīra. Ico ni co cagezwe nahawe na Data.
19 #
Yoh 7:43; 9:16. Abayuda bongera kumupfa kubg’ ayo majambo; 20#Yoh 7:20; 8:48; Mrk 3:21.benshi muri bo bat’ Arimwo dayimoni, kandi yāsaze: mumwumviririza iki? 21Abandi bat’ Ereg’ ayo majambo si nk’ay’ ūhagazweko na dayimoni: mbega dayimoni arashobora guhumūra amaso y’impumyi?
Yesu na Se n’umwe
22Maze haza imisi mikuru yo kwibuka uguhumanurwa kw’ urusengero i Yerusalemu: hāri mu rushana. 23#Ivyak 3:11; 5:12.Yesu agendagenda mu rusengero mw ibaraza rya Salomo. 24#Luk 22:67.Abayuda baramukikiza, baramubaza, bat’ Uzogeza ryari gutera imitima yacu kujuragira? Asangw’ uri Kristo bidufoborere. 25#Yoh 4:26; 5:36; 9:37.Yesu arabishura, ati Narababgiye, ariko ntimwizera: ibikorwa nkora mw izina rya Data, ni vyo binshingira intahe. 26#Yoh 6:64; 8:45.Ariko ntimwizera, kuko mutar’ abo mu ntama zanje. 27#Yoh 8:47; 10:3, 4.Abābaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira, 28#Yoh 5:28; 6:39; 17:12; 18:9.kandi nanje mbaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje. 29Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data. 30Jewe na Data tur’ umwe.
31 #
Yoh 8:59. Bun’ Abayuda bongera gutora amabuye, ngo bayamutere. 32Yesu arababgira, ati Naberetse ibikorwa vyiza vyinshi bivuye kuri Data, ikibanteresha amabuye mur’ ivyo bikorwa n’ikihe? 33#Yoh 5:18; Mat 26:65.Abayuda baramwishura, bati Ntituguterera amabuye kubg’ igikorwa ciza, ariko n’uko warogose; kuko wewe ur’ umuntu ukīgira Imana. 34#Zab 82:6.Yesu arabishura, ati Mbega ntihanditswe mu vyagezwe vyanyu, ngo Navuze nti Mur’ imana? 35#Mat 5:17, 18.None ko yabise imana, bamwe ijambo ry’Imana ryashitseko (kand’ ivyanditswe ntibishobora guhinduka), 36#Yoh 5:17-20.mwebge mubgira mute uwo Data yejeje, akamutuma mw isi, ng’ Urarogose, kuko navuze nti Nd’ Umwana w’Imana? 37Asangwa ntakora ibikorwa vya Data, ntimunyemere; 38ariko ni nabikora, naho jewe mutanyemera, mupfe kwemera ibikorwa, kugira ngo mumenye, mutahure, yuko Data ari muri jewe, nanje nkaba muri Data. 39#Yoh 8:59; Luk 4:30.Nuko bongera kurondera ingene bomufata, abava mu maboko.
40 #
Yoh 1:28. Avayo, yongera kuja hakurya ya Yorodani, ha hantu Yohana yabatiriza ubga mbere, agumayo. 41Benshi baza kuri we; baravuga, bati Yohana nta kimenyetso yakoze, arikw ivyo Yohana yavuze vyose kur’ uyu vyar’ ivy’ ukuri. 42#Yoh 8:30.Kandi benshi bamwizererayo.
ಪ್ರಸ್ತುತ ಆಯ್ಕೆ ಮಾಡಲಾಗಿದೆ:
Yohana 10: RUN1967
Highlight
ಶೇರ್
ಕಾಪಿ
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967