1
Zekariya 9:9
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.
Confronta
Esplora Zekariya 9:9
2
Zekariya 9:10
Muri Efurayimu nzohaca imikogote, n’i Yerusalemu nzohaca amafarasi, kand’ imiheto y’intambara izocibga. Uyo azobgira amahanga ivy’ amahoro, kand’ ubgami bgiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre no kuri rwa Ruzi bushike ku mpera y’isi.
Esplora Zekariya 9:10
3
Zekariya 9:16
Maz’ uwo musi Uhoraho Imana yabo azobakiza nk’umukuku, ni wo bantu biwe; kuko bazoba nk’utubuyenge two ku gitsibo, dukayanganira hejuru y’igihugu ciwe.
Esplora Zekariya 9:16
Home
Bibbia
Piani
Video