1
Mariko 9:23
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Yesu aramwishura, at’ Uvuze uti Namba wobishobora? Erega vyose bishobokera uwizeye.
Confronta
Esplora Mariko 9:23
2
Mariko 9:24
Se w’uwo mwana aca aturika cane, ati Ndizeye, fasha ukutizera kwanje.
Esplora Mariko 9:24
3
Mariko 9:28-29
Yinjiye mu nzu, abigishwa biwe bamubaza biherereye, bati Tweho mbega ko vyatunaniye kuyisenda? Arabishura, ati Ben’ irya ntikūrwamwo n’ikindi atar’ ugusenga no kwisonzesha.
Esplora Mariko 9:28-29
4
Mariko 9:50
Umunyu ni mwiza, arik’ umunyu woshira uburyohe, mwoba mukiwuryohesha iki? Mugire umunyu mu mitima yanyu, kandi mubane amahoro.
Esplora Mariko 9:50
5
Mariko 9:37
at’ Ūzokwākīra umwe mu twana nk’aka mw izina ryanje, azoba anyakiriye; kand’ ūnyakīra, si jewe yākīra, ariko yākīra uwantumye.
Esplora Mariko 9:37
6
Mariko 9:41
Umuntu wese azobaha n’urwato rw’amazi kuko muri mw izina rya Kristo, ndababgire ukuri, ntazobura impēra yiwe.
Esplora Mariko 9:41
7
Mariko 9:42
Kand’ ūzotsitaza n’umwe mur’ abo bato banyizera, iciza n’uko yohambīrirwa urusyo ruremereye kw izosi, agatererwa mu kiyaga.
Esplora Mariko 9:42
8
Mariko 9:47
N’ijisho ryawe ni ryagutsitaza, urinogore; vyokubera vyiza kwinjira mu bgami bg’Imana upfuye ijisho, hāk’ utererwa muri Gehinomu ufise amaso yompi
Esplora Mariko 9:47
Home
Bibbia
Piani
Video