1
Mariko 2:17
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Yesu avyumvise, arababgira, at’ Abakomeye nta co bagombera umuvūzi, atar’ abarwaye. Sinaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.
Confronta
Esplora Mariko 2:17
2
Mariko 2:5
Yesu abonye ukwizera kwabo, abgira ico kimuga, ati Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.
Esplora Mariko 2:5
3
Mariko 2:27
Kand’ arababgira, at’ Isabato yabayeho kubg’ umuntu, arik’ umuntu si we yabayeho kubg’ isabato.
Esplora Mariko 2:27
4
Mariko 2:4
Babuze ingene bamushikīra kubg’ ishengero, basambura inzu hejuru y’ah’ atumbereye; bahejeje kuhatobora, bururukirizamw’ inderuzo, iryamyemw’ ico kimuga.
Esplora Mariko 2:4
5
Mariko 2:10-11
Ariko kugira ngo mumenye k’Umwana w’umuntu afise ububasha mw isi bgo guharira ivyaha — abgira ikimuga, ati Ndakubariye nti Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe.
Esplora Mariko 2:10-11
6
Mariko 2:9
Icoroshe n’ikihe, n’ukubarira ikimuga, nt’ Uhariwe ivyaha vyawe; canke n’ukukibarira, nti Vyuka, wikorere inderuzo yawe, ugende?
Esplora Mariko 2:9
7
Mariko 2:12
Aravyuka, aca yikorera inderuzo, asohoka imbere ya bose: nuko bose barumirwa, bahimbaza Imana, bati Ntitwaribgabone ben’ ibi.
Esplora Mariko 2:12
Home
Bibbia
Piani
Video