1
Matayo 19:26
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Yesu arabītegereza, arababgira, ati Kubg’ abantu ico ntigishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka.
Confronta
Esplora Matayo 19:26
2
Matayo 19:6
Bituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umwe. Nukw ico Imana yamatanije, umuntu ntaz’ akimature.
Esplora Matayo 19:6
3
Matayo 19:4-5
Na we arabishura, ati Nta ho murasoma yuk’ uhereye mbere na mbere Rurema yabaremye bar’ uburyo bubiri, ikavuga, iti Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bompi bakaba umubiri umwe?
Esplora Matayo 19:4-5
4
Matayo 19:14
Yesu arababgira, ati Ni mureke abana bato, ntimubabuze kuza aho ndi, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubg’ abameze bartyo.
Esplora Matayo 19:14
5
Matayo 19:30
Ariko benshi b’imbere bazoba ab’ inyuma, kand’ ab’ inyuma bazoba ab’ imbere.
Esplora Matayo 19:30
6
Matayo 19:29
Umuntu wese yasize urugo canke bene nyina canke bashiki be canke se canke nyina cank’ abana cank’ itongo kubg’ izina ryanje, azobishumbushwa umurengera, kand’ azoragwa ubugingo budashira.
Esplora Matayo 19:29
7
Matayo 19:21
Yesu aramubgira, at’ Asangw’ ugomba kuba agahore, genda ushōre ivyo utunze, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.
Esplora Matayo 19:21
8
Matayo 19:17
Aramubaza, at’ Umbariza iki iciza? Inziza n’Imwe. Arikw asangw’ ugomba kwinjira mu bugingo, witondere ivyagezwe.
Esplora Matayo 19:17
9
Matayo 19:24
Kandi ndababgira yukw icoroshe ar’ ingamiya guca mu zuru ry’urushinge biruta k’umutunzi yinjira mu bgami bg’Imana.
Esplora Matayo 19:24
10
Matayo 19:9
Ariko ndababgire: Umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhōye ubusambanyi, akābīra uwundi, aba asambanye; kand’ uwābīra uwahukanye aba asambanye.
Esplora Matayo 19:9
11
Matayo 19:23
Yesu abgira abigishwa biwe, ati Ndababgire ukuri: Biragoye k’umutunzi yinjira mu bgami bgo mw ijuru.
Esplora Matayo 19:23
Home
Bibbia
Piani
Video