1
Luka 21:36
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.
Lee anya n'etiti ihe abụọ
Nyochaa Luka 21:36
2
Luka 21:34
Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego
Nyochaa Luka 21:34
3
Luka 21:19
Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubugingo bganyu.
Nyochaa Luka 21:19
4
Luka 21:15
kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.
Nyochaa Luka 21:15
5
Luka 21:33
Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.
Nyochaa Luka 21:33
6
Luka 21:25-27
Kandi hazoba ibimenyetso ku zuba no ku kwezi no ku nyenyeri, kandi no mw isi hazoba imibabaro mu mahanga, bazotegekanishwa n’ukubomborana kw’ikiyaga n’imipfunda; kand’ abantu bazogwishwa igihūmura n’ubgoba no kwitega ibigira bibe mw isi; kukw ivy’ inkomezi vyo mw ijuru bizonyiganyizwa. Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu gicu, ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.
Nyochaa Luka 21:25-27
7
Luka 21:17
Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje.
Nyochaa Luka 21:17
8
Luka 21:11
Kand’ isi izonyiganyiga cane henshi, kandi hamwe‐hamwe hazotera amapfa, hatere n’ikīza, habeho n’ibiteye ubgoba n’ibimenyetso bihambaye biva mw ijuru.
Nyochaa Luka 21:11
9
Luka 21:9-10
Kandi ni mwumva intambara n’imivurungano, ntimuze mucike ivutu; kukw ivyo bitazobura kubanza kubaho, arik’ umuhero ntuzoca ushika. Maz’ arababgira, at’ Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami.
Nyochaa Luka 21:9-10
10
Luka 21:25-26
Kandi hazoba ibimenyetso ku zuba no ku kwezi no ku nyenyeri, kandi no mw isi hazoba imibabaro mu mahanga, bazotegekanishwa n’ukubomborana kw’ikiyaga n’imipfunda; kand’ abantu bazogwishwa igihūmura n’ubgoba no kwitega ibigira bibe mw isi; kukw ivy’ inkomezi vyo mw ijuru bizonyiganyizwa.
Nyochaa Luka 21:25-26
11
Luka 21:10
Maz’ arababgira, at’ Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami.
Nyochaa Luka 21:10
12
Luka 21:8
Arababarira ati Mwirinde ntimuzimizwe: kuko benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ndi we; kandi bat’ Igihe kiri hafi: ntimuze mubakurikire.
Nyochaa Luka 21:8