Itanguriro 15

15
Imana yongera gusezeranira Aburamu kw izomuha igihugu c’i Kanani
1 # Ita 26:24; Zab 3:3; 18:2; Luk 1:13, 30; Heb 11:6. Hanyuma y’ivyo, ijambo ry’ Uhoraho riza kuri Aburamu nko mu nzozi, riti Aburamu, nta co utinya: ni jewe nkinzo yawe, uzohabga impēra ikomeye cane.
2Aburamu aramubaza, ati Mwami Uhoraho, uzompa iki, ko ngiye gupfa ata kana nsize, kand’ ūzotorana urugo rwanje akaba ari Eliyezeri Umunyadamasiko? 3#Ita 14:14.Arongera, at’ Erega nta ruvyaro wampaye, kand’ umunyarugo yavukiye i wanje ni we azotora ivyanje. 4#Ita 17:16.Maz’ ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza kuri we, rit’ Uyo si we azotora ivyawe, arik’ ūzova mu kara kawe ni we azobitora. 5#Ita 22:17; Kuv 32:13; Zab 147:4; Rom 4:18; Heb 11:12.Amusohokana hanze, aramubgira, ati Rangamiza, urābe mw ijuru, uharūre inyenyeri, namba woshobora kuziharūra. At’ Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana. 6#Zab 106:31; Rom 4:3, 9, 22; Gal 3:6; Yak 2:23.Yizera Uhoraho, Uhoraho abimuharūrako nk’ ukugororoka. 7#Ita 11:31; 12:1.Aramubarira, ati Ni jewe Uhoraho nagukūye muri Uri i Bukaludaya kugira ngo nze nguhe iki gihugu ucegukire. 8#Abac 6:17; 2 Abam 20:8; Yes 7:11-13; Luk 1:18.Aramubaza, ati Mwami Uhoraho, icommenyesha yuko nzocegukira n’iki? 9Aramwishura, at’ Abīra inka y’ishashi imaze imyaka itatu, n’impene ivyara imaze imyaka itatu, n’impfizi y’intama imaze imyaka itatu nyene, n’intunguru imwe n’icana c’inuma. 10#Lew 1:17; Yer 34:18, 19.Yābīra ivyo vyose, abihimburamwo kubiri‐kubiri, igihimba cose agitumberanya na kigenzi caco: arikw inyoni zo ntiyazihimbagura. 11Ibisīga vy’amērwe ngo bigwe kur’ iyo mivyimba, Aburamu akabigurura.
12 # Ita 2:21. Ku kirengazuba, Aburamu itiro riramuhwikira, asinzira ubutikoma; maz’ ubgoba butewe n’ umwiza w’umuzitanya buramufata. 13#Kuv 1:11, 12; 12:40; Ivyak 7:6.Uhoraho abarira Aburamu, at’ Umenye neza yuk’ uruvyaro rwawe ruzoba inyambukīra mu gihugu kitar’ icabo, kandi bazokorera bene co, na bo bazobagirira nabi imyaka amajana ane; 14#Kuv 6:6; 12:36; Ivyak 7:7.maz’ iryo hanga bazokorera nzoricirakw iteka: arikw amaherezo bazorivamwo, bakūyey’ ubutunzi bginshi. 15#Ita 25:8.Ariko weho uzohamvya ba sogokuruza amahoro, uzohambga wisāziye neza. 16#1 Abam 21:26; Am 2:9; Mat 23:32; 1 Tes 2:16.Kand’ abuzukururuza b’abazojayo ni bo bazogaruka ino: kuko kugabitanya kw’ Abamori kutaruzura.
17Maz’ izuba rirenze, bumaze gukorana, haboneka ikibengebenge c’umuriro gipfūndūka umwotsi n’ urumuri rwaka, bica hagati y’ivyo bihimba. 18#Ita 12:7; 13:15; Kuv 23:31; Gus 1:7; Yos 1:4; Neh 9:8; Yes 27:12.Kur’ uwo musi nyene Uhoraho asezeranira Aburamu isezerano, at’ Uhereye ku ruzi rwo muri Egiputa, ugashitsa ku ruzi runini ari rwo Efurate, uruvyaro rwawe ndaruhaye iki gihugu, 19ari co c’Abanyakeni n’ic’ Abakenizi n’ic’ Abakadimoni, 20n’ic’ Abaheti n’ic’ Abaferizi n’ic’ Abarefa, 21n’ic’ Abamori n’ic’ Abanyakanani n’ic’ Abagirugashi n’ic’ Abayebusi.

Jelenleg kiválasztva:

Itanguriro 15: RUN1967

Kiemelés

Megosztás

Másolás

None

Szeretnéd, hogy a kiemeléseid minden eszközödön megjelenjenek? Regisztrálj vagy jelentkezz be