Itanguriro 6
6
Ukw ingeso zâabantu zononekaye mw isi
1Mazâ abantu batanguye kugwira kw isi, bavyara abakobga, 2abana bâImana bitegereje abakobga bâabantu babona ari beza; barongora muri bo abo bitoranirije bose. 3#Zab 78:39; 1 Pet 3:19, 20.Uhoraho aravuga, ati Mpwemu wanje ntazokwama aranyinyĹŤrana nâumuntu ibihe vyose, kukw arâ uwâ inyama gusa: nuko rerâ imisi yiwe izoba imyaka ijana na mirongwibiri. 4Murâ ico gihe hÄrâibigatanya mw isi, no mu gihe co hanyuma, abana bâImana bamaze kurongora abakobga bâabantu, bakavyarana na bo abana: ni bo ba bahizi ba kera bÄbaye ba rurangiranwa. 5#Ita 8:21; Zab 14:2, 3; 51:5; Imig 6:18; Yer 17:9; Mat 15:19; Rom 3:23.Nukâ Uhoraho abona ibibi vyâabantu ingenâ ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vyâimitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo. 6#1 Sam 15:11; 2 Sam 24:16; Yes 63:10; Ef 4:30.Uhoraho yicuza ico yaremeye abantu mw isi, bimutera intuntu mu mutima. 7Uhoraho aravuga, atâ Abantu naremye nzobamara mw isi, uhereye ku muntu nâigikĹko nâ icikwega nâikiguruka mu kirere: kuko nicujije ico nabiremeye. 8#Ita 19:19; Kuv 33:12.Ariko Nowa we Uhoraho aramushima.
9 #
Ita 5:22. Uru ni rwo ruvyaro rwa Nowa. Nowa yarâ umugororotsi, ntiyagira agasembga mu gihe câurunganwe rwiwe: kandi Nowa yagendana nâ Imana. 10Yavyaye abahungu batatu, Shemu na Hamu na Yafeti. 11Kandâ isi yari yononekaye imbere yâImana, yuzuye umuryano. 12#Zab 14:2, 3.Imana yitegereza isi, ibona ko yononekaye, kukw abari nâumubiri bose bo mw isi bÄri bononye ingeso zabo.
Imana ibgira Nowa kubÄza ubgato
13 #
Ezk 7:2, 3, 6; Am 8:2. Imana ibarira Nowa, iti Ndamaramaje guherengeteza abari nâ umubiri bose, kukw isi yuzuye umuryano kubgabo; nuko nzobarandurana nâisi. 14WibÄzire ubgato mu biti vyitwa goferu, ubucemwâ utwumba, ubuhome ishÄŤshi imbere nâinyuma. 15Uzâ ububÄze urtya: uburebure bgâumurambararo bgâubgo bgato buze bube amatambge amajana atatu yâukuboko uciriye mu nkokora, amakika na yo azâ abe amatambge mirongwitanu, uburebure bgâigihagararo buze bube amatambge mirongwitatu. 16Kandâ ubgo bgato uzâ ubuce amadirisha, azâ asigaze itambge rimwe kuva ku musozo ahahera hejuru; umuryango wâubgo bgato na wo uzâ uwushire mu rubavu rwabgo; kandâ uzâ ugerekeranye utwo twumba gatatu: utwo hasi nâutwo hagati nâutwo hejuru. 17#Ita 7:4; 2 Pet 2:5.Maze nanje nzozana umwuzure wâamazi mw isi, ngo mperengeteze musi yâijuru ibifise umubiri vyose, biri nâubugingo bihumeka; ibiri mw isi vyose bizopfa. 18Ariko nzoshinga isezerano nzogusezeranira: uzokwinjirana murâubgo bgato nâ abana bawe nâumugore nâabakazana bawe. 19Kandi mu bgoko bgose bgâibiri nâubugingo bifise umubiri, uze winjize murâ ubgo bgato bibiriâbibiri, kugira ngo birokokane nawe; ivyo bibe ikigabo nâikigore. 20Mu biguruka, nkâukw amoko yavyo ari, no mu bitungano, nkâ ukw amoko yavyo ari, no mu vyikwega hasi vyose, nkâukw amoko yavyo ari, bibiriâbibiri vyâamoko yose bizoza ahâ uri, ngo birokoke. 21Kandâ uze wijanire mu biribga vyose, ubiziganye, kuko bizoba ivyo kubatunga, mwe nâivyo muri kumwe.
22 #
Kuv 40:16; Heb 11:7. Nuko Nowa abigenza artyo: ukw Imana yamubariye kwose ni ko yakoze.
Chwazi Kounye ya:
Itanguriro 6: RUN1967
Pati Souliye
Pataje
Kopye

Ou vle gen souliye ou yo sere sou tout aparèy ou yo? Enskri oswa konekte
Bibliya Yera Š SociÊtÊ Biblique du Burundi, 1967