Wa mugore abonye ko ico yakoze camenyekanye, aca aza ajugumira, yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwirira imbere ya bose icatumye amukorako, kandi ko yaciye akira ako kanya nyene. Yesu aca aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Igire amahoro.”