1
Yohana 1:12
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabahaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana.
مقایسه
Yohana 1:12 را جستجو کنید
2
Yohana 1:1
Mu ntango ya vyose, Jambo yariho. Uwo Jambo yari kumwe n’Imana, kandi yari Imana.
Yohana 1:1 را جستجو کنید
3
Yohana 1:5
Umuco wakiye mu mwijima, ariko umwijima ntiwashoboye kuwuzimya.
Yohana 1:5 را جستجو کنید
4
Yohana 1:14
Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege, aje ava kuri Data, yuzuye ubuntu n’ukuri.
Yohana 1:14 را جستجو کنید
5
Yohana 1:3-4
Imana ni we yakoresheje mu kurema vyose; mu vyaremwe vyose nta na kimwe Imana yaremye itamukoresheje. Muri we ni ho hari ubugingo, kandi ubwo bugingo bwari umuco w’abantu.
Yohana 1:3-4 را جستجو کنید
6
Yohana 1:29
Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.
Yohana 1:29 را جستجو کنید
7
Yohana 1:10-11
Jambo yari mw’isi kandi isi yaremwe na we, ariko ab’isi ntibamumenye. Yaje mu biwe, ariko abiwe ntibamwakira.
Yohana 1:10-11 را جستجو کنید
8
Yohana 1:9
Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mw’isi.
Yohana 1:9 را جستجو کنید
9
Yohana 1:17
Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.
Yohana 1:17 را جستجو کنید