1
Luka 8:15
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.
Comparar
Explorar Luka 8:15
2
Luka 8:14
Izaguye mu mahwa n’abaryumvise, maze bariko barīgīra umwitwaririko wo mur’ ubu bugingo, bo n’ubutunzi n’ibihimbaro vyo muri bgo, bikabanyoha, ntibame imbuto nziza.
Explorar Luka 8:14
3
Luka 8:13
Abo ku rutare n’aba: iyo bumvise iryo jambo, baryākīrana umunezero, ariko ntibagira imizi, bizera akanya gato, maze mu gihe c’igeragezwa bakarireka.
Explorar Luka 8:13
4
Luka 8:25
Arababaza, ati Mbeg’ ukwizera kwanyu kuri hehe? Baratinya baratangara, barabazanya, bati Mbeg’ uyu n’umuntu ki, kw abarira n’umuyaga n’amazi bikamwumvira?
Explorar Luka 8:25
5
Luka 8:12
Abo i ruhande y’inzira n’abaryumvise, maz’ Umurwanizi yaza, agakūra iryo jambo mu mitima yabo, kugira ngo ntibizere ngo bakizwe.
Explorar Luka 8:12
6
Luka 8:17
Kukw ata canyegejwe kitazozanwa ahabona, cank’ icagizwe ibanga kitazomenyekana kikaja ahabona.
Explorar Luka 8:17
7
Luka 8:47-48
Wa mugore abonye yukw atayoberanye, aza ahinda agashitsi, amwikubita imbere, amubgirira mu maso y’abantu bose icatumye amukorako, n’ukw akize uwo mwanya. Aramubgira, ati Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro.
Explorar Luka 8:47-48
8
Luka 8:24
Baraza, baramukangura, bati Mwigisha, Mwigisha, turapfuye! Ari angura, azibiza ingunza n’ugusūriranya kw’amazi: birahora, haba agahwekere.
Explorar Luka 8:24
Inicio
Biblia
Planes
Videos