1
Luka 10:19
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Ehe mbahaye ububasha bgo gukandagira inzoka na sikorupiyo, n’ubgo kunesha ubushobozi bga wa Mwansi bgose, kandi nta kintu kizogira ico kibagira na gatoya.
Comparar
Explorar Luka 10:19
2
Luka 10:41-42
Umwami Yesu aramwishura, ati Marita, Marita, urīganyira wigora muri vyinshi: arikw ibikwiye rwose ni kimwe: kuko Mariya ahisemw’ umugabane mwiza, atazokwakwa.
Explorar Luka 10:41-42
3
Luka 10:27
Aramwishura, ati Ngo Mukundishe Uhoraho, Imana yanyu, imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose, n’ubgenge bganyu bgose; kandi mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.
Explorar Luka 10:27
4
Luka 10:2
Arababgira, at’ Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake: nuko ni mwinginge Nyen’ ivyimburwa, arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.
Explorar Luka 10:2
5
Luka 10:36-37
Mur’ abo batatu ugira ngo ni nde yabonetse kw ari mugenzi w’uwaguye mu bambuzi? Aramwishura, ati N’uwamugiriye imbabazi. Yesu aramubarira, ati Nawe genda ugire urtyo.
Explorar Luka 10:36-37
6
Luka 10:3
Ni mugende; rāba mbatumye muri nk’abana b’intama mu mabingira hagati.
Explorar Luka 10:3
Inicio
Biblia
Planes
Videos