Logo de YouVersion
Icono de búsqueda

Matayo 5

5
Yesu yigishiriza ku musozi
1Yesu abonye abantu baje ari benshi, aca aduga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwegera, 2aca atangura kubigisha.
Abahirwe abo ari bo
Arababwira ati:
3 “Harahiriwe abumva ko bakenye mu buryo bw’impwemu,
kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
4 Harahiriwe abarira,
kuko ari bo bazohozwa.
5 Harahiriwe abaciye bugufi,
kuko bazoragwa isi.
6 Harahiriwe abafise inzara n’inyota vyo kugororoka,
kuko bazohazwa.
7 Harahiriwe abagira imbabazi,
kuko na bo bazozigirirwa.
8 Harahiriwe abafise imitima itanduye,
kuko bazobona Imana.
9 Harahiriwe abaharanira amahoro,
kuko bazokwitwa abana b’Imana.
10 Harahiriwe abahamwa bahorwa ukugororoka,
kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
11 Namwe muzoba muhiriwe abantu nibabatuka, bakabahama, bakabavugako ibibi vyinshi babampora. 12Muze munezerwe kandi muhimbarwe kuko impera yanyu izoba ari nini mw’ijuru. Uko ni ko bahamye abavugishwa n’Imana babitangiye imbere.
Abizera ni umunyu n’umuco
13 Muri umunyu mu bantu bo mw’isi. Ariko iyo umunyu utakaje uburyohe bwawo, mbega bwowusubiramwo gute? Nta co uba ukimaze atari ugutabwa hanze abantu bakawucako.
14 Muri umuco mu bantu bo mw’isi. Igisagara kiri hejuru ku gasozi, ntigishobora kunyegezwa. 15Ni ko bimeze no kw’itara, nta woridomeka ngo ace aryubikako igiseke. Ahubwo arishira ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abari mu nzu bose. 16Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru.
Yesu yigisha ku vyagezwe
17 Ntimwibaze ko nazanywe no gukuraho ivyagezwe vya Mose n’Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana. Oya sinazanywe no kubikuraho, ahubwo nazanywe no kubishitsa. 18Ndababwire ukuri, igihe cose ijuru n’isi bizoba bikiriho, nta n’akadome na gatoya canke agakwabu ko mu vyagezwe vy’Imana kazovako, kugeza ivyo vyagezwe bishikije intumbero yavyo. 19Ni co gituma umuntu wese atazokurikiza ayo mabwirizwa naho ryoba ritoya ryo muri yo kandi akigisha abandi kutayakurikiza azoba uwa nyuma mu Bwami bw’ijuru. Ariko uwo wese azoyakurikiza akigisha n’abandi kuyakurikiza azoba mukuru mu Bwami bw’ijuru. 20Ndababwire ukuri, ukugororoka kwanyu niyo kutaruta ukw’abigisha b’Ivyanditswe n’ukw’Abafarisayo, ntimuzoruha mwinjira mu Bwami bw’ijuru.
21 Mwarumvise ko ba sogokuruza bari barigishijwe ngo: ‘Ntukice, kandi ko uwica wese azotsindwa n’urubanza’ # 5:21 Kuvayo 20:13 ; 22ariko jeho ndababwira ko umuntu wese ashavurira mwenewabo aba akwiye gucirwa urubanza kandi uwubwiye umuvukanyi ngo: Wa mburabwenge we, aba akwiye guhanwa n’abacamanza. Kandi uwubwiye umuntu ngo: Wa musazi we aba akwiye gutererwa mu muriro wa Gehinomu.
23 Mu gihe rero uriko urashikanira Imana ikimazi ku gicaniro, ukibuka ko hariho ikintu upfa na mugenzawe, 24siga ikimazi cawe ngaho imbere y’igicaniro, ubanze ugende wiyuzuze na mugenzawe hanyuma ugaruke utange ico kimazi.
25 Nihagira umuntu aja kukwagiriza mu bucamanza, wihutire kwiyuzuza na we mukiri mu nzira, kugira ngo ntagushikirize umucamanza hanyuma na we akagutanga ku mukuru w’ibohero, uwo na we akagupfunga. 26Ndakubwire ukuri, ntuzovayo utarishe n’igiceri ca nyuma umuheraniye.
Wopfuma utakaza igihimba kimwe c’umubiri hako ubura ijuru
27 Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: ‘Ntugasambane.’ # 5:27 Kuvayo 20:14 28Ariko jeho ndababwira nti umuntu wese araba umugore akipfuza gusambana na we aba yamaze gukora ico caha mu mutima. 29Ijisho ryawe ry’i buryo niryatuma wipfuza, ukagwa mu caha, urikureyo urite kure yawe, kuko vyokubera vyiza kubura igihimba kimwe c’umubiri wawe hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehinomu. 30Ukuboko kwawe kw’i buryo nikwatuma ucumura, uguce ugute kure yawe, kuko vyokubera vyiza, kubura igihimba kimwe c’umubiri hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehinomu.
Kwahukana ntikwemewe
31 # Gusubiramwo 24:1 Vyaravuzwe mu vyagezwe ngo: ‘Umuntu niyirukana umugore wiwe, azomuha urwandiko rwemeza ko bahukanye.’ 32Ariko jeho ndababwira yuko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba amutumye gusambana kandi ko uwurongoye umugore yahukanye, na we aba asambanye.
Ntukarahire
33 Kandi, mwarumvise ko ba sogokuruza babwiwe ngo: ‘Ntukivuguruze ku vyo warahiye, ariko ushitse ivyo wemereye Uhoraho.’ 34Ariko jeho ndababwiye nti, ntimukarahire na rimwe: ntimukarahire ijuru kuko ari yo ntebe y’Imana; kandi 35ntimukarahire isi kuko ari yo ntebe y’ibirenge vyayo; ntimukarahire Yerusalemu kuko ari co gisagara c’Imana; Umwami asumba bose. 36Kandi ntukarahire umutwe wawe kuko udashobora gutuma n’agashatsi na kamwe kawo kera canke kirabura. 37Muvuge ngo ‘ego’ iyo ari ego canke ‘oya’ iyo ari oya, ibindi vyose wongerako biba bivuye kuri wa mubi.
Ntukihore abakugirira nabi
38 Mwarumvise ko vyavuzwe mu vyagezwe ngo: ‘Ijisho rihorwe irindi, n’iryinyo rihorwe irindi.’ # 5:38 Kuvayo 21:24; Abalewi 24:20; Gusubiramwo 19:21 39Ariko jeho ndababwiye nti: ntimukihore ababagirira nabi. Umuntu niyagukubita ikofe mu musaya w’i buryo, umuhindukirize n’uw’i bubamfu. 40Kandi umuntu niyagomba kukuburanya kugira ngo akunyage ishati yawe, umuhebere n’ikoti na yo. 41Umuntu niyagutegeka kugenda ikilometero n’amaguru umutwaje ibintu, ugende ibilometero bibiri. 42Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, kandi uwugomba ko umugurana ntumwirengagize.
Gukunda abansi
43 Mwarumvise ko vyavuzwe mu vyagezwe ngo: ‘Ukunde mugenzawe ariko wanke umwansi wawe.’ # 5:43 Abalewi 19:18 44Jeho ndababwiye nti: mukunde abansi banyu kandi musengere ababagirira nabi, 45kugira ngo mumere nk’abana ba Data wo mw’ijuru, kuko atuma izuba ryiwe ryakira ababi n’abeza akagwishiriza imvura abagororotse n’abatagororotse. 46Nimwakunda ababakunda gusa, n’iki cotuma muhabwa impera n’Imana? Mbega abatozakori bo si uko babigenza? 47Nimwaramutsa incuti zanyu gusa, ni igiki muzoba murushije abandi? Mbega abatizera Imana bo ntibabigenza batyo? 48Nuko rero, nimube intungane, nk’uko So wo mw’ijuru na we ari intungane!

Actualmente seleccionado:

Matayo 5: BKC

Destacar

Compartir

Copiar

None

¿Quieres tener guardados todos tus destacados en todos tus dispositivos? Regístrate o inicia sesión

YouVersion utiliza cookies para personalizar su experiencia. Al usar nuestro sitio web, acepta nuestro uso de cookies como se describe en nuestra Política de privacidad