Logo de YouVersion
Icono de búsqueda

Matayo 16

16
Basaba ikimenyetso Yesu
1Abafarisayo n’Abasadukayo baza aho Yesu ari bazanywe no kumugeza, bamusaba ngo abereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru cerekana ububasha bwiwe.
2Arabishura ati: “Iyo bugorovye, muravuga muti: ‘Ejo ikirere kizoba ari ciza kuko ijuru ritukurije,’ 3kandi iyo bukeye, muravuga muti: ‘Uno musi ikirere ntikiza kuba ciza kuko ijuru ryiraburaniwe.’ Murazi kugenzura ikirere mukurikije uko ijuru risa, ariko ntimuzi kugenzura ibimenyetso vy’ibihe. 4Abantu ba kino gihe babi kandi b’abasambanyi ni bo basaba ikimenyetso! Ariko nta kindi kimenyetso bazohabwa kiretse ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona.” Maze Yesu aca abasiga ngaho arigira.
Umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo
5Bashitse hakurya y’ikiyaga, abigishwa biwe basanga bibagiye gutwara imikate. 6Yesu arababwira ati: “Mube maso, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.”
7Maze abigishwa bavugana hagati yabo bati: “Ivyo abivuze kubera tutazanye imikate.”
8Yesu amenye ivyo bariko baravugana, arababaza ati: “Mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki muriko muvuga ko mudafise imikate? 9Mbega n’ubu ntimuratahura? Ntimwibuka ya mikate itanu yagaburiwe abantu ibihumbi bitanu, na vya biseke mwegeranya. 10Canke ya mikate indwi yagaburiwe abantu ibihumbi bine, hamwe na vya biseke mwegeranya? 11Ni kuki mudatahura ko ntariko ndababwira ivyerekeye imikate? Nababwiye nti: Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.” 12Maze babona gutahura ko atariko ababwira kwirinda umwambiro w’imikate, ariko ko bakwiye kwirinda inyigisho z’Abafarisayo n’Abasadukayo.
Petero avuga ko Yesu ari Kristo
13Yesu ashitse i Kayisariya mu bwami bwa Filipo, abaza abigishwa biwe ati: “Mbega abantu bavuga ko jewe Umwana w’Umuntu ndi nde?”
14Baramwishura bati: “Bamwe bavuga ngo uri Yohana Umubatizi; abandi ngo uri Eliya, abandi na bo ngo uri Yeremiya canke umwe mu bandi bavugishwa.”
15Aca arababaza ati: “None mweho, muvuga ko ndi nde?”
16Simoni Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”
17Yesu aramwishura ati: “Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye. 18Nanje ndakubwiye ko uri Petero (bisigura ‘urutare’), kandi kuri urwo rutare, nzohubaka ishengero ryanje, kandi ko n’amarembo y’i kuzimu atazorinesha. 19Nzoguha impfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru; ico uzoboha cose kw’isi, kizoba kiboshwe no mw’ijuru, kandi ico uzobohora kw’isi cose, kizoba kibohowe no mw’ijuru.” 20Hanyuma aca yihanikiriza abigishwa biwe ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ko ari we Kristo.
Yesu avuga ivyerekeye urupfu rwiwe
21Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakuru n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.
22Petero aramwihereranya, atangura kumwamira ati: “Mwami, ntibikabe! Ivyo ntibikakubeko!”
23Yesu arahindukira abwira Petero ati: “Mva i ruhande, Satani, herera inyuma yanje! Uri igitsitaza kuri jewe; kuko ibikuraje ishinga si ivy’Imana, ariko ni ivy’abantu.”
24Hanyuma Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Umuntu wese agomba kuba umwigishwa wanje, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe, akankurikira. 25Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwubuheba ku bwanje azoburokora. 26Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe? Canke umuntu yotanga iki kugira ngo acungure ubugingo bwiwe? 27Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.
28 Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze ngaha ntibazopfa batabonye Umwana w’Umuntu aje ari mu bwami bwiwe.”

Actualmente seleccionado:

Matayo 16: BKC

Destacar

Compartir

Copiar

None

¿Quieres tener guardados todos tus destacados en todos tus dispositivos? Regístrate o inicia sesión