Logo de YouVersion
Icono de búsqueda

Matayo 11

11
Gukekeranya kwa Yohana
1Yesu ahejeje gusigurira neza abigishwa biwe cumi na babiri igikorwa abatumye, ava ngaho aja kwigisha no kuvuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vy’i Galilaya.
2Yohana ari mw’ibohero, yumva ivyerekeye ibikorwa vya Kristo, hanyuma amutumako abigishwa biwe kumubaza bati: 3“Mbega woba uri umwe yategerezwa kuza, canke twitege uwundi?”
4Yesu arabishura ati: “Subira inyuma, mugende mubwire Yohana ivyo mwumvise n’ivyo mubonye: 5impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa ubutumwa bwiza. 6Harahiriwe uwudatsitazwa n’ivyanje!”
7Abigishwa ba Yohana bamaze kugenda, Yesu atangura kubwira abantu ivyerekeye Yohana, ati: “Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Irenga rizungagizwa n’umuyaga? 8Nimba atari uko, mwagiyeyo kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Haba na mba! Abambara impuzu z’igiciro kinini bari mu birimba vy’abami. 9None mwagiye kuraba iki? Uwuvugishwa n’Imana? Egome cane, ndababwiye ko mwagiye kuraba uwuruta uwuvugishwa n’Imana. 10Kuko uwo ni we Ivyanditswe bivugako ngo:
‘Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe
igutegurire inzira.’ # 11:10 Malaki 3:1
11 Ndababwire ukuri, mu bantu bose bavyawe n’abagore, nta wigeze kubaho ahambaye kungana Yohana Umubatizi. Ariko, umuntu muto kuruta abandi mu Bwami bw’ijuru arahambaye kumuruta. 12Uhereye igihe Yohana umubatizi yatangura kwigisha kugeza n’ubu, Ubwami bw’ijuru bugenda bugwanigwa kandi abahizi ni bo bwabwinjiramwo. 13Kuko ivyo ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana bose bavuze gushika mu gihe ca Yohana, vyari vyerekeye kino gihe. 14Kandi nimba mushaka kwemera ivyo ndiko ndavuga, ni we Eliya abavugishwa bari baravuze ko azoza. 15Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.
16 Mbega abantu ba kino gihe nobagereranya n’iki? Bameze nk’abana bicaye mu mayirabiri hanyuma bagahamagara abandi bana, bati:
17 ‘Twabavugirije umwironge,
ariko ntimwatamba;
hanyuma tubaririmbira iz’ikigandaro
ntimwarira.’
18 Kuko Yohana yaje atarya kandi atanywa, baca bavuga bati: ‘Arimwo dayimoni.’ 19Umwana w’Umuntu na we aza arya kandi anywa, baca bavuga bati: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’ Ariko icerekana ko ubwenge bugororotse ni ibikorwa vyabwo.”
Ibara rizoba ku bisagara vyanse kwihana
20Maze Yesu aca atangura kuburira ibisagara yakoreyemwo ibitangaza vyinshi kuko abantu baho banse kwihana, avuga ati: 21“Uzobona ibara yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abaho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota.#11:21 bakisiga n’iminyota kwisiga iminyota cari ikimenyetso co kugandara canke kwihana. 22Ni co gituma ndababwiye ko ku musi w’imanza i Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekerezo kurusha mwebwe. 23Na we Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa gushika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i kuzimu mu kibanza c’abapfuye, kuko ibitangaza vyakorewe muri wewe iyo biba vyabereye i Sodomu, haba harazigamwe kugeza n’uwu musi. 24Ni co gituma ndababwiye ko ku musi w’imanza igihugu ca Sodomu kizogira agahengekerezo kurusha mwebwe.”
Data yihishuye muri Mwana
25Uwo mwanya Yesu aravuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahinga, ukabihishurira abameze nk’abana bato. 26Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.
27 Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.
28 Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe n’imitwaro, ndabaruhura. 29Mwakire umutwaro wanje hanyuma munyigireko kuko ndi umugwaneza kandi nicishije bugufi mu mutima, namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu. 30Kuko umutwaro wanje urahwahutse kandi ivyo ndabikoreza ntibiremereye.”

Actualmente seleccionado:

Matayo 11: BKC

Destacar

Compartir

Copiar

None

¿Quieres tener guardados todos tus destacados en todos tus dispositivos? Regístrate o inicia sesión