Itanguriro 9
9
Isezerano Imana yasezeraniye abantu
1 #
Ita 8:17. Maz’ Imana ihezagira Nowa n’ abana biwe, irababarira, iti Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi. 2#Ita 1:26.Ibikōko vyose vyo mw isi n’ibiguruka mu kirere vyose muzobitera ubgoba, bizobatinya; murabihawe, bo n’ibinyagara kw isi vyose, n’amafi yose yo mu kiyaga. 3#Ita 1:29; Gus 12:15; 1 Tim 4:3, 4.Kand’ ibigenda vyose bifise ubugingo bizoba ivyo kurya vyanyu, mbibahaye vyose, nk’uko nabahaye ibimera bitotahaye. 4#Lew 3:17; 7:26; 17:10, 11; Gus 12:16, 23; 1 Sam 14:34; Ivyak 15:20, 29.Ariko ntimukarye inyama zikirimw’ ubugingo bgazo, ni bgo maraso yazo. 5#Kuv 21:28; Guh 35:30, 31.Kand’ amaraso yanyu, ari bgo bugingo bganyu, sinzobura kuyahōra: ar’ igikōko cose, ar’ umuntu, nzoyabihōra: ubugingo bg’umuntu nzobuhōra mugenzi we wese yabikoze. 6#Ita 1:27; Kuv 21:12, 14; Lew 24:17; Guh 35:33; Mat 26:52; Ivyah 13:10.Ūzovisha amaraso y’ umuntu, n’ayiwe azovishwa n’abandi: kuk’ umuntu namuremye mw ishusho yanje, jewe Imana. 7Nuko namwe, ni murondoke, mugwire, muvyarire cane kw isi, muyigwiriremwo.
8Imana ibarira Nowa n’abana biwe, 9#Ita 6:18.iti Rāba jewe ubganje nshinze isezerano mbasezeraniye, mwe n’uruvyaro rwanyu ruzobakomōkako, 10n’ibifise ubugingo vyose biri kumwe namwe, ibiguruka n’ibitungano n’ibikōko vyo kw isi muri kumwe: ek’ ibisohotse mu bgato vyose, ibikōko vyose vyo kw isi. 11#Yes 54:9.Nuko nshinze isezerano mbasezeraniye: ibifise umubiri vyose ntibizosubira kurandurwa n’amazi y’umwuzure ukundi, kandi ntihazobah’ umwuzure wo gutikiza isi ukundi. 12Imana iravuga, it’ Iki ni co kimenyamenya c’isezerano mbasezeraniye, mwe n’ibifise ubugingo vyose muri kumwe, uk’ urunganwe rwanyu ruzogenda rukurikirana gushitsa ibihe vyose. 13#Ezk 1:28; Ivyah 4:3.Nshize umuheto wanje ku gicu, ni wo munywamazi, uzoba ikimenyamenya c’isezerano nsezeraniye isi. 14Nuk’ uko nzozana igicu hejuru y’isi, uwo muheto w’umunywamazi uzobonekera kuri co, 15#Lew 26:42, 45; 1 Abam 8:23; Yes 54:9.nanje nzokwibuka iryo sezerano ryanje nshize hagati yanje namwe bo n’ibiri n’ ubugingo vyose bifise umubiri: kand’ amazi ntazokwongera ukundi kuba umwuzure wo guhonnya ibifise umubiri vyose. 16#Ita 17:7, 19; 2 Sam 23:5.Nuk’ uwo munywamazi ubaye ku gicu, nanje nzowitegereza nibuke iryo sezerano ry’intahava riri hagati yanje n’ibiri n’ubugingo bifise umubiri vyose biri kw isi. 17Imana ibarira Nowa, it’ Ico ni co kimenyamenya c’isezerano nashinze hagati yanje n’ibiri n’umubiri vyose biri kw isi.
Hamu acumura kuri se
18 #
Ita 6:10. Bene Nowa bāsohotse mu bgato ni Shemu na Hamu na Yafeti: Hamu ni we se wa Kanani. 19#Ita 10:1-32.Abo, ukw ari batatu, ni bo Nowa yavyāye: ni bo bākomōtsweko n’ abakwiye isi yose.
20Nowa atangura kurima, atera uruzabibu: 21anywa vino y’izo nzabibu, araborerwa; impuzu zimuvako ari mw ihema ryiwe. 22Hamu, se wa Kanani, abona ubgambure bga se, abibarira bene nyina bompi bari hanze. 23Shemu na Yafeti bābīra umwambaro, bawukika ku bitugu vyabo bompi, bagenza imigongo, bapfuka ubgambure bga se: kand’ amaso yabo, kuko yar’ aroye irya, ntibabona ubgambure bga se. 24#Hab 2:15.Nowa vino imuvuyeko, amenya ivyo umuhungu wiwe muto yamukoreye. 25#Gus 27:16; Yos 9:23; Abac 1:28; 1 Abam 9:20, 21.Aravuga,
ati Kanani abaye ikivume!
Azoba umuja w’abaja kuri bene nyina.
26Kand’ at’ Uhoraho aragahezagirwa, ni yo Mana ya Shemu;
Kanani we n’abe umuja wiwe.
27Imana yāgurire Yafeti,
Abe mu mahema ya Shemu;
Kanani we n’abe umuja wiwe.
28Wa mwuzure uhise, Nowa amara imyaka amajana atatu na mirongwitanu. 29Imisi yose Nowa yamaze yabaye imyaka amajana cenda na mirongwitanu: araheza arapfa.
Valgt i Øjeblikket:
Itanguriro 9: RUN1967
Markering
Del
Kopiér
Vil du have dine markeringer gemt på tværs af alle dine enheder? Tilmeld dig eller log ind
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967