Yohana 16
16
1 #
Yoh 14:29. Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngo ntimuze mutsitazwe. 2#Yoh 9:22; Mat 5:11; 24:9; Luk 6:22.Bazobaca mu masinagogi, kand’ igihe kigiye kuza, ūzobīca wese azogira ngw agiriye Imana ikimazi. 3#Yoh 15:21.Kand’ ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibāmmenye. 4#Luk 22:53; Yoh 17:12.Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngw igihe cavyo ni cashika, muze muvyibuke ko nanje nabibabgiye. Uhereye ubga mbere sinaribgabibabgire, kuko nari nkiri kumwe namwe. 5#Yoh 7:33.None ngira ngende ku wantumye, kandi nta n’umwe muri mwebge arushe ambaza at’ Uja hehe? 6Ariko kuko mbabariye ivyo, umubabaro waciye wuzura mu mitima yanyu.
Igikorwa c’Umwitsa
7 #
Yoh 14:16, 26. Ariko jewe ndababgira ukuri: Ikizogira ico kibamarira, n’uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebge: ariko ni nagenda nzomubarungikira. 8#1 Kor 14:24; Heb 4:12.Uwo ni yaza, azohinyuza ab’ isi, abemeze ivy’ icaha, n’ivy’ ukugororoka, n’ivy’ amateka; 9#Yoh 3:18; Rom 1:18.ivy’ icaha, kuko batānyizeye, 10#Ivyak 5:31; Rom 4:25.ivy’ ukugororoka, kuko nja kwa Data, kandi namwe muzoba mutakimbona, 11#Yoh 12:31; 14:30.ivy’ amateka, kuk’ umwami w’iyi si yaciriwekw iteka.
12 #
1 Kor 3:1. Nari ngifise vyinshi vyo kubabgira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu. 13#Yoh 14:26; 1 Yoh 2:27.Arik’ uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarōngōra abashitse ku kuri kwose, kukw atazovuga ivyo yigeneye, arikw ivy’ azokwumva vyose ni vyo azovuga, kand’ azobamenyesha ibigira bize. 14Uwo azoshimagiza jewe, kukw azokwābīra ku vyanje, akabibamenyesha. 15#Yoh 17:10.Ivyo Data afise vyose n’ivyanje, ni co gitumye mvuga, nti Yābīra ku vyanje, akabibamenyesha.
Umubabaro ukenyuka uzocika umunezero udashira
16 #
Yoh 14:19. Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona. 17Bamwe mu bigishwa biwe barabazanya, bati Mbeg’ ivyo atubgiye n’ibiki ngo Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, ngo Maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona, kandi ngo Kuko nja kwa Data? 18Kandi bat’ Ivyo atubgiye n’ibiki, ngw Igihe gito? Ntitumenye ico avuze ic’ ari co. 19Yesu amenya ko bagomba kumubaza, arababaza, ati Mbega mubazanya ic’ ari co, ko mbabariye nti Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, nti Maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona? 20N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Mweho muzorira muboroge, arikw ab’ isi bo bazonezerwa; mweho muzobabara, arik’ umubabaro wanyu uzocika umunezero. 21#Yes 26:17.Umugore iy’ aramutswe, aja mu mubabaro, kukw igihe ciwe kigeze, arikw iy’ umwana amaze kuvuka ntaba acibuka kugorwa kwiwe, kukw anezerejwe n’uk’ umuntu avutse mw isi. 22#Yes 66:14.Ni ko namwe muri mu mubabaro, ariko nzosubira kubabona, kand’ imitima yanyu izonezerwa, umunezero wanyu nta n’umwe azowubanyaga. 23#Yoh 14:13, 14, 20; 1 Yoh 5:14; Mat 7:7; Mrk 11:24.Kur’ uwo musi nta na kimwe muzombaza. N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw izina ryanje. 24#Yoh 15:11.Kugeza ubu nta co mwasavye mw izina ryanje; musabe muzohabga, ng’umunezero wanyu wuzuzwe.
25 #
Yoh 10:6. Ivyo mbibabgiriye mu migani, arikw igihe kizoza sinzoba ngisubira kuvuganira namwe mu migani, mugabo nzobabgira ivya Data mbifoboye. 26Kur’ uwo musi muzosaba mw izina ryanje, kandi simbabgira ngo nzobasabira Data. 27#Yoh 14:21.Kuko Data na we ubgiwe abakunda, kuko mwankunze kandi mwizeye ko naturutse ku Mana. 28Navuye kwa Data, nza mw isi; ikindi, isi ndiko ndayivamwo, nje kwa Data.
29 #
Yoh 16:25. Abigishwa biwe baravuga, bat’ Ubuho urabifoboye, nta mugani uduciriye. 30#Yoh 2:25.Ubuho tumenye k’uzi vyose, kandi ko kubgawe utarinda ko hogira ūkubaza; ni co gituma twizera ko waturutse ku Mana. 31Yesu arabishura, ati Mbega noneho murizeye? 32#Zek 13:7; Mat 26:31, 45; Mrk 14:27, 50; Yoh 8:29.Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musābagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene, ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje. 33#Yoh 14:27; Rom 5:1; 1 Yoh 5:4.Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.
Právě zvoleno:
Yohana 16: RUN1967
Zvýraznění
Sdílet
Kopírovat
Chceš mít své zvýrazněné verše uložené na všech zařízeních? Zaregistruj se nebo se přihlas
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967