Itanguriro 26
26
Isaka asuhukira i Bufilisitiya
1 #
Ita 12:10; 20:2. Hatera iyindi nzara ya kabiri mur’ ico gihugu, itar’ imwe ya mbere yo mu gihe ca Aburahamu. Isaka aja i Gerari kwa Abimeleki umwami w’Abafilisitiya. 2#Ita 12:1.Uhoraho aramwiyereka, ati Ntumanuke ng’uje muri Egiputa: uz’ ube mu gihugu nzokubarira. 3#Ita 13:15; 22:16-18; 28:15.Ba urasuhukiye mur’ iki gihugu, nanje nzobana nawe, nguhe umugisha; kuko wewe n’ uruvyaro rwawe nzobaha ibi bihugu vyose; kandi nzokomeza indahiro narahiye Aburahamu so; 4#Ita 12:3; 15:5; Kuv 32:13.nzogwiza uruvyaro rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, kand’ uruvyaro rwawe nzoruha ibi bihugu vyose; kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha; 5#Ita 22:18.kuko Aburahamu yanyumviye, agashitsa ivyo namwihanikirije n’ amabgirizwa yanje n’ivyo nashinze n’ivyagezwe vyanje.
6Nuko Isaka aba i Gerari: 7#Ita 12:13; 20:2; 24:16; Imig 29:25.abantu baho bamubaza ivy’ umugore wiwe; arabishura, ati Ni mushikanje; kuko yatinye kuvuga kw ar’umugore wiwe, ngw abantu baho bomwica kubga Rebeka, kuko yari mwiza w’umunyakaranga. 8Amazey’ igihe kirekire, Abimeleki umwami w’Abafilisitiya arungurukira mw idirisha, abona Isaka akinisha Rebeka umugore wiwe. 9Abimeleki ahamagaza Isaka, aramubarira, at’ Erega biraboneka kw ar’ umugore wawe! None n’iki cakuvugishije kw ari mushikawe? Isaka aramwishura, ati N’uko natinye ko bonyica kubgiwe. 10#Ita 20:9.Abimeleki aramwishura, at’ Ico wadukoreye ico n’ iki? Ereg’ umwe mu bantu banje yari kuryamana n’umugore wawe ata co yicura, ukaba uturemētse icaha. 11Abimeleki yihanikiriza abantu biwe bose, at’ Ūzokora kur’ uyu mugabo canke ku mugore wiwe, ntibizobura kumucisha umutwe.
Isaka atera ishari Abafilisitiya
12 #
Ita 26:3; Imig 10:22. Maze Isaka abiba mur’ ico gihugu, mur’ uwo mwaka nyene yimbura ibirenze ivyo yabivye ingero ijana. Uhoraho amuha umugisha. 13Uwo mugabo aba umutunzi, agenda arushiriza, gushitsa aho yabereye umutunzi bihebuje. 14#Umus 4:4.Kandi yar’ afise ibitayega vy’imikuku n’amasho, n’abantu bahinda: atera Abafilisitiya ishari, 15#Ita 21:30.bituma basivya amariba yose, bayuzuza ivu, ayo abantu ba se bari barimvye, mu gihe ca se nyene Aburahamu. 16Maze Abimeleki abarira Isaka, ati Genda utuvemwo, kuk’ uturuta.
17Nuko Isaka avayo, ashinga amahema yiwe mu kibande c’i Gerari, abayo. 18#Ita 21:31.Isaka asibūza ya mariba, amwe bāri bārimvye mu gihe ca se Aburahamu, kukw Abafilisitiya bari bayashibije, Aburahamu amaze gupfa. Ayita amazina nyene se yari yarayise. 19Bukeye abantu ba Isaka bimba mur’ ico kibande, babonamw’ iriba ry’amazi adudubiza. 20#Ita 21:25.Abungere b’i Gerari batonganira ayo mazi n’ abungere ba Isaka, bat’ Aya mazi n’ayacu! Isaka yita iryo riba Eseki,#26:20 Eseki risobanurwa ng’ Ubutāti. kuko bāritātiye. 21Bongera kwimba irindi riba, na ryo bararitonganira: aca aryita Sitina.#26:21 Sitina risobanurwa ng’ Urwanko. 22Avayo arunguruza, yimbisha irindi riba, ryo ntibaritonganira: aca aryita Rehoboti;#26:22 Rehoboti risobanurwa ngw Ahiyaguye. aravuga, ati Noneh’ Uhoraho adushize ahiyaguye, tuzogasāra mu gihugu.
23Avayo aradūga, aja i Beri‐sheba. 24#Ita 15:1; 17:7; 24:12; 28:13, 15; Kuv 3:6.Uhoraho amwiyereka iryo joro, aramubgira, ati Nd’ Imana ya so Aburahamu: ntutinye, kuko ndi kumwe nawe, kandi nzoguha umugisha, ngwize uruvyaro rwawe, kubg’ umusavyi wanje Aburahamu. 25#Ita 12:7; 13:18; Zab 116:17.Yubakay’ igicaniro, yambaza izina ry’ Uhoraho, ashingayo amahema yiwe; na ho nyene abantu ba Isaka bahimba iriba.
26 #
Ita 21:22. Maze Abimeleki ava i Gerari, aja iy’ari, ari kumwe na Ahuzati umumenyekana wiwe na Fikoli umugabisha w’ingabo ziwe. 27#Ita 26:16; Abac 11:7.Isaka arababaza, ati N’iki kibazanye iyo ndi, kandi munyanka, mwaranyirukanye i wanyu? 28#Ita 21:22, 23.Baramwishura, bati Twabonye rwose yuk’ Uhoraho ari kumwe nawe; tuti Hinge tuje gushira indahiro hagati yacu na we, dusezerane isezerano na we; 29#Ita 24:31.kugira ngo nawe ntuz’ utugirire nabi, nk’uko natwe tutakuriye n’urwara, ata co twakugize atar’ ivyiza gusa, kandi tukaba twagusēzeye amahoro. Tubonye k’Uhoraho yaguhaye. 30Nuko Isaka abarondereza amazimano, bararya, baranywa. 31#Ita 21:31.Bakoroka kare, bashirah’ indahiro. Maze Isaka arabasēzera, bavayo bagenda amahoro. 32Kur’ uwo musi abantu ba Isaka baraza, bamubarira ivya rya riba bimvye, bati Turabonye amazi. 33#Ita 21:31.Aryita Shiba: ni co gituma ico gisagara citwa Beri‐sheba na bugingo n’ubu.
34Esau amaze imyaka mirongwine arongora Yuditi mwene Beyeri Umuheti, na Basemati mwene Eloni Umuheti: 35#Ita 27:46; 28:1, 8, 9.batuntuza imitima ya Isaka na Rebeka.
Právě zvoleno:
Itanguriro 26: RUN1967
Zvýraznění
Sdílet
Kopírovat
![None](/_next/image?url=https%3A%2F%2Fimageproxy.youversionapi.com%2F58%2Fhttps%3A%2F%2Fweb-assets.youversion.com%2Fapp-icons%2Fcs.png&w=128&q=75)
Chceš mít své zvýrazněné verše uložené na všech zařízeních? Zaregistruj se nebo se přihlas
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967