Logo YouVersion
Ikona vyhledávání

Itanguriro 10

10
Uruvyaro rwa bene Nowa
1 # 1 Ngo 1:5-7; Ezk 38:1-6. Uru ni rwo ruvyaro rwa bene Nowa, ni bo Shemu na Hamu na Yafeti: bavyaye abana, wa mwuzure uvuyeho.
2Aba Yafeti ni Gomeri na Magogi na Madayi na Yavani na Tubali na Mesheki na Tirasi. 3Aba Gomeri ni Ashikenazi na Rifati na Togaruma. 4Aba Yavani ni Elisha na Tarushishi na Kitimu na Dodanimu. 5Abo ni bo bandurutsweko n’amahanga aba ku kiyaga, umuntu wese nk’uk’ ururimi rwabo rumeze, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amahanga yabo ari.
6 # 1 Ngo 1:8-10. Aba Hamu ni Kushi na Misirayimu na Puti na Kanani. 7Aba Kushi ni Seba na Havila na Sabuta na Rama na Sabuteka; aba Rama ni Sheba na Dedani. 8Kandi Kushi yavyaye na Nimurodi: ni we wa mbere yabaye cihabugabo mw isi. 9Yar’ umuhigi w’agahebuza imbere y’Uhoraho, bituma acibgakw akagani, ngo Ni nka Nimurodi, yar’ umuhīgi w’agahebuza imbere y’Uhoraho. 10Ubgami bgiwe bga mbere bgagarukira i Babeli no muri Ereki no muri Akadi n’i Kalune, mu gihugu c’i Shinari. 11Yāgāmba ico gihugu, ashika muri Ashuri, yubaka i Ninewe n’i Rehobot‐Iru n’i Kala, 12n’i Reseni hari hagati y’i Ninewe n’i Kala (ni co ca gisagara kinini). 13#1 Ngo 1:11-16.Misirayimu yakomōtsweko n’Abaludi n’Abanami n’ Abalehabi n’Abanafutuhi 14n’ Abapatirusi n’Abakasiluhi (ni bo bākomōtsweko n’Abafilisitiya), kandi yakomōtsweko n’Abakafutori.
15Kanani yavyaye imfura yiwe Sidoni, akurikizako Heti: 16kandi Kanani ni we yakomōtsweko n’Abayebusi n’Abamori n’Abagirugashi 17n’Abahiwi n’Abaruki n’Abasini 18n’Abaruvadi n’Abasemari n’Abahamati: hanyuma imiryango y’Abanyakanani igenda irakwira. 19Urugabano rw’Abanyakanani rwahēra i Sidoni, rukagenda rurābana n’i Gerari, rugashika i Gaza: rukagenda rurābana n’i Sodomu n’i Gomora n’i Adima n’i Seboyimu, rukagarukira i Lesha. 20Urwo ni rwo ruvyaro rwa Hamu, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw indimi zabo ziri, nk’ukw ibihugu vyabo biri, nk’ ukw amahanga yabo ari.
21Na Shemu, mukuru wa Yafeti, na we avyara abana; kandi ni we yakomōtsweko n’uruvyaro rwose rwa Eberi. 22#1 Ngo 1:17-25.Aba Shemu ni Elamu na Ashuri na Arupakisadi na Ludi na Aramu. 23Aba Aramu ni Uzi na Huli na Geteri na Mashi. 24Arupakisadi yavyaye Shela; Shela yavyaye Eberi. 25Eberi yavyaye abahungu babiri: umwe yitwa Pelegi,#10:25 Pelegi risobanurwa ngo Kugabanganya. kuko mu gihe ciwe ari ho isi yagabanganirijwe; murumuna we yitwa Yokitani. 26Yokitani yavyaye Alumodadi na Shelefu na Hasarumaweti na Yera 27na Hadoramu na Uzalu na Dikila 28na Obalu na Abimayeli na Sheba 29na Ofiru na Havila na Yobabu; abo bose ni bene Yokitani. 30Igihugu cabo cāhēra i Mesha, kikagenda kirābana n’i Sefaru, gushitsa ku musozi w’i burasirazuba. 31Abo ni bo ruvyaro rwa Shemu, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw indimi zabo ziri, uko bari mu bihugu vyabo, nk’ukw amahanga yabo ari.
32 # Ita 9:19. Iyo ni yo miryango ya bene Nowa, nk’uko yagiye ivyarirana, ukw amahanga yabo ari: kand’ amahanga yabakomōtseko ni yo yakwiye isi yose, wa mwuzure uvuyeho.

Právě zvoleno:

Itanguriro 10: RUN1967

Zvýraznění

Sdílet

Kopírovat

None

Chceš mít své zvýrazněné verše uložené na všech zařízeních? Zaregistruj se nebo se přihlas