Ivyakozwe N’intumwa 2
2
Ukuza kwa Mpwemu Yera
1 #
Lew 23:15-21; Ivyak 1:14. Umusi wa Pentekote ushitse, bose bāri bakoraniye ahantu hamwe; 2#Ivyak 4:31.haza igihinda kivuye mw ijuru giturumbuka, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo. 3#Mat 3:11.Hababonekera ibirimi vyigabanije, nk’ivy’ umuriro; bibajak’ umwe‐umwe. 4#Ivyak 4:31; 10:44-46; 19:6.Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.
5 #
Ivyak 13:26. I Yerusalemu hār’ Abayuda bamyeho, abagabo bubaha Imana, bāri bāravuye mu mahanga yose yo musi y’ijuru. 6Ico gihinda cumvikanye, hakorana abantu benshi, barajorerwa, kuk’ umuntu wese yumvise ururimi rw’i wabo baruvuga. 7Barumirwa bose, baratangara, bati Mbeg’ aba bose bavuga s’Abanyagalilaya? 8Kandi n’iki gitumye twese tubumva bavuga indimi z’i wacu izo twavukanye? 9Tur’ Abapariti, n’Abamedi, n’Abelamiti, n’abamye i Mesopotamiya, n’i Yudaya, n’i Kapadokiya, n’i Ponto, no muri Asiya, 10n’i Furugiya, n’i Pamfiliya, no muri Egiputa, no mu bihugu vy’i Libuwa bihereranye n’i Kureni, n’ab’ i Roma bāgerereye ino, Abayuda, bo n’abātoye idini yabo, 11Abakirete, n’Abarabo, tukabumva bavuga mu ndimi zacu ibitangaza vy’Imana. 12Bose barumirwa barazazanirwa, barabazanya, bat’ Ibi n’ibiki? 13Arikw abandi barabanegura, bati Baborewe igisāma.
Petero abasobanurira ivyabaye, abemeza Yesu
14Ariko Petero ahagararana na bamwe cumi n’umwe, ababariza ijwi rirenga, ati Yemwe Bayuda n’ababa i Yerusalemu mwese, ibi ni mubimenye, kandi ni mwumvirize amajambo yanje. 15Aba ntibaborewe nk’uko mwiyumvira, kuk’ ubu ar’ isaha zitatu z’umusi, 16#Yow 2:28-32.arikw ivyo n’ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yoweli,
17ati Bizoba mu misi y’iherezo, ni kw Imana yagize,
Nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose:
Kand’ abahungu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje,
N’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe,
N’abatāma banyu bazorota inzozi.
18Mbere n’abagurano banje b’abahungu n’abakobga mur’ iyo misi
Nzobasukako Mpwemu wanje, bavugishwe nanje.
19Nzoshira utwumiza hejuru mw ijuru,
N’ibimenyetso hasi kw isi,
Amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi.
20Izuba rizocura umwiza,
N’ukwezi guhinduke amaraso,
Hataraza uwo musi mukuru rurangiranwa w’Uhoraho:
21 #
Rom 10:13. Kand’ umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.
22 #
Yoh 3:2. Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu; 23#Ivyak 4:28; 1 Pet 1:20.uwo muntu amaze gutangwa nk’ukw Imana yabigabiye yikomvomvoye, ibimenye bitaribgabe, mumubambisha amaboko y’abagarariji, muramwica. 24#Ivyak 3:15.Arikw Imana yaramuzuye, ibohōye ibise vy’urupfu, kuko bitāshobotse ko rumugumya. 25Kuko Dawidi yavuze ivy’ uwo,
ati Nabonye Uhoraho imbere yanje imisi yose,
Kukw ar’ i buryo bganje, ngo sinnyiganyige.#Zab 16:8-11.
26Ni co gituma umutima wanje uhimbarwa, ururimi rwanje rukanezerwa,
Kandi n’umubiri wanje uzoba nko mu gikāri, wizigiye ibizoba.
27 #
Ivyak 13:35. Kuk’ utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu,
Kandi ntuzotanga Uwera wawe ngw az’ abore.
28Wammenyesheje inzira z’ubugingo,
Mu nyonga hawe uzohanyuzurisha akanyamuneza.
29 #
Ivyak 13:36; 1 Abam 2:10. Bagabo bene Data, s’ikingora kubabarira mvyeruye ivya sogokuruza mukuru Dawidi, yuko yapfuye, agahambga, n’imva yiwe iri ngaha ino muri twebge na bugingo n’ubu. 30#Zab 89:3, 4; 2 Sam 7:12, 13; Zab 132:11.Nuko, kuko yar’ uwavugishwa n’Imana, akamenya kw Imana yamurahiye indahiro, kw izoshira ku ngoma yiwe uwamutse mu bura bgiwe, 31#Zab 16:10.yavuze ivy’ ukuzuka kwa Kristo abibonye bitaribgabe, yukw atārekewe mu kuzimu, kandi n’umubiri wiwe ata ho wigeze ubora. 32Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo. 33#Ivyak 1:4.Nukw amaze gushirwa hejuru n’ukuboko kw’i buryo kw’Imana, kand’ ashikirijwe na Se isezerano, ari ryo Mpwemu Yera, non’ asutse ico muriko murabona kandi mwumva. 34Kandi Dawidi ntiyadūze mw ijuru, arik’ ubgiwe yaravuze,
at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje,
At’ Icara i buryo bganje,#Zab 110:1.
35Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y’ibirenge vyawe.
36 #
Ivyak 5:31. Nukw abo mu muryango wa Isirayeli bose, ni bamenye badakekeranya yukw Imana yamugize Umwami na Kristo, Yesu umwe mwābamba.
Benshi bahindukirira Imana
37 #
Ivyak 16:30. Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute? 38#Ivyak 3:17-19; Luk 24:47.Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera. 39#Yow 2:32; Yes 57:19.Kukw isezerano ar’ iryanyu kand’ ar’ iry’ abana banyu, n’abari kure bose, abazohamagarwa bose n’Umwami Imana yacu. 40#Gus 32:5; Flp 2:15.Kand’ ashingisha intahe ayandi majambo menshi, arabahanūra, ati Ni mwikize ab’ iki gihe kigoramye. 41#Ivyak 4:4; 5:14.Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu. 42#Ivyak 20:7.Bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga.
Ingen’ Abakristo ba mbere bāsangira ivyabo
43Umuntu wese aterwa n’ubgoba: kand’ utwumiza n’ibimenyetso vyinshi vyakorwa n’intumwa. 44#Ivyak 4:32.Abizeye bose bāba hamwe, basangira ivyabo vyose: 45amatongo yabo n’ibintu vyabo bārabigura, bakabibagabanganya bose, nk’uk’ umuntu wese akennye. 46#Ivyak 2:42.Kand’ imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, kand’ i wabo bāmanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira akarohe, 47#Ivyak 4:4; 5:14; 11:21; 14:1.bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.
Právě zvoleno:
Ivyakozwe N’intumwa 2: RUN1967
Zvýraznění
Sdílet
Kopírovat

Chceš mít své zvýrazněné verše uložené na všech zařízeních? Zaregistruj se nebo se přihlas
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967