1
Itanguriro 25:23
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Uhoraho aramwishura, at’ Inda yawe irimw’ amahanga abiri, Amoko abiri azokwitandukanya uhereye bakiva mu bura bgawe: Ubgoko bumwe buzorusha ubundi inkomezi, Kandi Bukuru azoshumbira Butoyi.
Porovnat
Zkoumat Itanguriro 25:23
2
Itanguriro 25:30
Esau abarira Yakobo, ati Mpa se utwo ntamira kur’ ivyo bitukura, ku bitukura utetse, kuko numva ncitse intege. Ni co catumye yitwa Edomu.
Zkoumat Itanguriro 25:30
3
Itanguriro 25:21
Isaka atakambira Uhoraho kubg’ umugore wiwe, kukw atāvyara: Uhoraho yumva gutakamba kwiwe, Rebeka umugore wiwe asama inda.
Zkoumat Itanguriro 25:21
4
Itanguriro 25:32-33
Esau aramwishura, ati Rāba ngira mpfe! non’ ivyo kuba samuragwa bizommarira iki? Yakobo aramwishura, ati Banza undahire. Aramurahira, agura na Yakobo ivyo kuba samuragwa kwiwe.
Zkoumat Itanguriro 25:32-33
5
Itanguriro 25:26
Hakurikira Butoyi, afashe igitsintsiri ca Esau; bamwita Yakobo; kandi Isaka yar’amaze imyaka mirongwitandatu, igihe bāvuka.
Zkoumat Itanguriro 25:26
6
Itanguriro 25:28
Kandi Isaka yakunda Esau, kuko yama arya ku nyama yahīgūkanye; Rebeka we yakunda Yakobo.
Zkoumat Itanguriro 25:28
Domů
Bible
Plány
Videa