Itanguriro 16

16
Aburamu na Sarayi barondera ivyara kuri Hagari
1Sarayi muka Aburamu ntiyari yaravyaye, kandi yar’ afise incoreke y’Umunyegiputakazi yitwa Hagari. 2#Ita 30:3.Sarayi abarira Aburamu, ati Rāba, Uhoraho yanyimye ivyara; enda vyara ku ncoreke yanje: kumbure nzoronkera akana kuri we. Nuko Aburamu yumvira Sarayi. 3Aburamu amaze imyaka cumi mu gihugu c’i Kanani, Sarayi umugore wiwe yābīra Hagari Umunyegiputakazi incoreke yiwe, amuha Aburamu umugabo wiwe. 4#1 Sam 1:6, 7.Nukw arārira Hagari, asama inda: maz’ abonye kw asamye inda, bimutera gukēngēra inabuja. 5#Ita 31:53; 1 Sam 24:12.Sarayi abarira Aburamu, at’ Aka gakēngērwe nkēngerewe kazoba ku mutwe wawe! Ko nashize incoreke yanje mu gikiriza cawe, maz’ ibonye kw ifise inda ica irankēngēra! Uhoraho n’aducire urubanza twe nawe! 6Aburamu yishura Sarayi, at’ Ereg’ incoreke yawe ni wewe uyigaba ukayiganza: n’umugire uk’ugomba kwose. Nuko Sarayi amukoresha agatuzo, araruha aramuhunga.
Hagari yangaye, umumarayika atumwa kumugarura
7Umumarayika asanga ageze i ruhande y’isōko y’amazi mu bugaragwa, ni yo sōko iherereye ku nzira ija i Shura. 8Aramubaza, ati Hagari, ncoreke ya Sarayi, uva he ukaja he? Aramwishura, ati Mpunze mabuja Sarayi. 9Umumarayika w’Uhoraho aramubgira, ati Subira kwa nyokobuja, uce bugufi musi yiwe. 10#Ita 17:20; 25:12-16.Umumarayika w’Uhoraho atakw aramubgira, ati Nzosegenyura cane uruvyaro rwawe, bitume rutoharūrika kubgo kuba isinzi. 11#Ita 29:32.Umumarayika w’Uhoraho arongera aramubgira, ati Rāba ufise inda, uzovyara umuhungu, kand’ uz’ umwite Ishimayeli,#16:11 Ishimayeli risobanurwa ngw Imana irumva. kuk’ Uhoraho yumvise kubabazwa kwawe. 12#Ita 25:18; Yob 39:5-8.Mu bandi bantu azomera nk’indogoba y’inyeshamba, azohanga abantu bose, na we ahangwe na bose; azopfa aho yishingiye amahema yo gusita bene wabo bose. 13Uhoraho avuganye na we, Hagari amwita izina, at’ Ur’ Indavyi; ati Mbeg’ aha hantu koko ndahaboneye Iyimbona? 14Ni co catumye iryo riba ryitwa Iriba ry’i Lahayi‐royi;#16:14 Lahayi‐royi risobanurwa ngw Iry’ Iriho yama imbona. riri hagati y’i Kadeshi n’i Beredi. 15#Ita 16:11.Hagari avyarana na Aburamu umwana w’ umuhungu: Aburamu yita umwana wiwe yavyaranye na Hagari Ishimayeli. 16Aburamu yar’ amaze imyaka mirongumunani n’ itandatu igihe Hagari yavyarana na we Ishimayeli.

دیاریکراوەکانی ئێستا:

Itanguriro 16: RUN1967

بەرچاوکردن

هاوبەشی بکە

لەبەرگرتنەوە

None

دەتەوێت هایلایتەکانت بپارێزرێت لەناو ئامێرەکانتدا> ? داخڵ ببە