YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 4

4
Ivya Kayini na Abeli
1Kand’ uwo mugabo abana na Eva umugore wiwe; nukw asama inda, avyara Kayini, aravuga, ati Ndonse umuhungu kubg’ Uhoraho. 2Asubizako, avyara murumuna we Abeli. Abeli aba umwungere w’intama, Kayini aba umurimyi. 3#Kuv 23:19; Lew 2:12.Igihe kiragera, Kayini azana ishikanwa ku vyeze mu ndimiro, ngw abishikanire Uhoraho. 4#Kuv 13:12; 34:19, 20; Guh 18:17; Heb 11:4.Abeli na we azana ku ntungwa z’uburiza zo mu mukuku wiwe, no ku binure vyazo. Uhoraho yākīrira Abeli ishikanwa ryiwe, 5#Imig 21:27.ariko ntiyākīrira Kayini ishikanwa ryiwe. Maze Kayini araraka cane, mu maso hiwe harijirwa. 6Uhoraho abaza Kayini, ati N’iki kikurakije, kandi n’iki gitumye wijiriwe mu maso? 7#Umus 8:12, 13; Yes 3:10, 11.Ni wakora neza ntuzokwemerwa? ariko n’utākora neza, icaha kibunze ku rugi: kandi ni wewe cifuza, arik’ ukwiye kukinesha. 8#Mat 23:35; 1 Yoh 3:12; Yud 1:11.Nuko Kayini abarira Abeli murumuna we, ati Ngo dusohoke tuje mu gahinga.#4:8 Ayo majambo yo gusohoka ngo baje mu gahinga aboneka mu Kigiriki gusa, ariko si mu Giheburayo. Maze bari mu gahinga, Kayini agurukira kuri Abeli murumuna we, aramwica.
9 # Yoh 8:44. Uhoraho abaza Kayini, ati Abeli murumunawe ari hehe? Aramwishura, ati Ndabizi? Nar’ umwungere wa murumunanje? 10#Heb 12:24.Na we aramubaza, at’ Ico wakoze ico n’igiki? Ijwi ry’amaraso ya murumunawe ririko rirantakambirira kw isi. 11#Guh 35:33; Gus 27:24.Uhereye none ubaye ikivume, ugerewe kuyerēra kure y’aho hantu hasamitse akanwa kaho kwākīra amaraso ya murumunawe ukuboko kwawe kwavishije. 12Kuva ubu ni warima isi ntizogira ico ikumerera; uzogenda urāraguza, ur’ inyererezi mw isi. 13Kayini abgira Uhoraho, at’ Igihano umpaye kirenze ico nokwihanganira. 14#Ita 9:6; 2 Abam 24:20; Zab 51:11.Rāba, uyu musi unyirukanye kw isi, nshiburiwe kure yo mu nyonga hawe; nzogenda ndāraguza, nd’ inyererezi mw isi, kand’ ūzombona wese azonyica. 15#Ezk 9:4, 6.Uhoraho aramwishura, ati Ni co gituma uwokwica Kayini azobihanirwa kurenza we ibihetangabo ndwi. Uhoraho ashira ikimenyetso kuri Kayini, kugira ng’ ūzomubona ntamwice.
16 # 2 Abam 13:23; Yer 23:39. Nuko Kayini ava imbere y’Uhoraho, aba mu gihugu c’i Nodi, ku ruhande rwa Edeni ahahera i burasirazuba. 17Maze Kayini abana n’umugore wiwe, asama inda, avyara Henoki, yubaka igisagara, acita Henoki, acitiranije n’ umwana wiwe. 18Henoki avyara Iradi: Iradi avyara Mehuyayeli: Mehuyayeli avyara Metushayeli: Metushayeli avyara Lameki. 19Lameki yābīra abagore babiri: umwe yitwa Ada uwundi Zila. 20Ada avyara Yabalu, ni we sekuruza w’abungere b’inka bagenda baba mu mahema. 21Murumuna we yitwa Yubalu, ni we sekuruza w’abavuzi b’inanga n’imyironge. 22Zila na we avyara Tubali‐Kayini, umucuzi w’ikintu cose c’ubugi kiva mu miringa no mu vyuma. Mushiki wa Tubali‐Kayini ni Nayama. 23Lameki abarira abagore biwe,
at’ Ewe Ada na Zila, ni munyumve,
Bagore ba Lameki, ni mwumvirize amajambo yanje!
Kuko nishe umugabo ndamwihōye uruguma ankomerekeje,
N’umusore ndamwihōye igipfupfuri.
24Asangwa uwokwishe Kayini yobihaniwe ibihetangabo ndwi,
N’ukuri uwokwica Lameki yobihanirwa ibihetangabo mirongwirindwi n’indwi!
25Adamu yongera kubana n’ umugore wiwe, avyara umuhungu, amwita Seti, ati Kukw Imana inshumbushije urundi ruvyaro mu gishingo ca Abeli, kuko Kayini yamwishe. 26#1 Abam 18:24; Zab 116:17; Zef 3:9.Seti na we arahava avyara umuhungu, amwita Enoshi: ico gihe abantu ni ho batanguriye kwambaza izina ry’Uhoraho.

Currently Selected:

Itanguriro 4: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in