YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 15

15
Ibihumanya n’ibidahumanya
1Hanyuma Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bava i Yerusalemu baja iyo Yesu ari, baramubaza bati: 2“Ni kuki abigishwa bawe batubahiriza imigenzo ya ba sogokuruza? Ntibakaraba imbere yo gufungura!”
3Yesu arabishura ati: “None mwebwe ni kuki mutubahiriza ibwirizwa ry’Imana mwitwaje imigenzo yanyu? 4Kuko Imana yavuze iti: ‘Wubahe so na nyoko,’#15:4 Kuvayo 20:12; Gusubiramwo 5:16 yongerako iti: ‘Umuntu wese azovuma se canke nyina aze yicwe.’#15:4 Kuvayo 21:17; Abalewi 20:9 5Ariko mweho muvuga ko iyo umuntu avuze kw’ivyo yari gufashisha se canke nyina ari inyegu y’Imana 6ataba agikwiye kubibafashisha. Uko ni ko muhindura ijambo ry’Imana ubusa kubera imigenzo yanyu. 7Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze ukuri igihe yabavugishwako ati:
8 ‘Aba bantu banyubahisha iminwa yabo,
ariko imitima yabo iri kure yanje.
9 Ukunsenga kwabo ntikugira ikimazi;
inyigisho zabo ni amabwirizwa abantu bishingiye.’ # 15:9 Yesaya 29:13
10Yesu aca ahamagara isinzi ry’abantu bari ngaho, arababwira ati: “Nimwumvirize kandi mutahure: 11Icinjira mu kanwa k’umuntu, si co kimuhumanya. Ariko ikiva mu kanwa kiwe, ni co kimuhumanya.”
12Hanyuma abigishwa biwe baza aho ari, baramubaza bati: “Mbega urazi ko Abafarisayo bababaye bumvise ivyo uhejeje kuvuga?”
13Yesu arabishura ati: “Igiterwa cose Data wo mw’ijuru atateye kizorandurwa. 14Nimubihoze; ni impumyi zirongora izindi! Kandi iyo impumyi irongoye iyindi, zompi zigwa mu kinogo.”
15Petero aramubwira ati: “Dusigurire uwo mugani.”
16Yesu arababaza ati: “Namwe ntimurashobora gutahura? 17Ntimuzi ko ikintu cose cinjira mu kanwa kija mu nda hanyuma kigasohoka? 18Ariko igisohoka mu kanwa k’umuntu kiba kivuye mu mutima, kandi ni co kimuhumanya. 19Kuko mu mutima ari ho hava ivyiyumviro bibi: ubwicanyi, ubusambanyi, ivy’isoni nke, ubusuma, kubeshera abandi no kuvuga abandi nabi. 20Ivyo ni vyo vyanduza umuntu. Ariko kurya udakaravye, ntibishobora kwanduza umuntu.”
Ukwizera kw’Umunyakananikazi
21Yesu avuye ngaho, aja mu ntara ya Tiro na Sidoni. 22Umunyakananikazi wo muri iyo ntara, aza aho ari atakamba ati: “Mwami, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi! Umukobwa wanje aboshwe n’umudayimoni kandi aramubabaje cane!”
23Ariko Yesu ntiyamwishura n’ijambo na rimwe. Abigishwa biwe baraza baramwinginga bati: “Mwirukane kuko aguma avugiriza induru inyuma yacu.”
24Nuko Yesu abwira wa mugore ati: “Natumwe ku ntama zazimiye za Isirayeli gusa.”
25Wa mugore aca araza apfukama imbere yiwe, aramubwira ati: “Mwami, ntabara!”
26Yesu aramwishura ati: “Si vyiza gufata umukate w’abana ukawuterera imbwa.”
27Na we aramwishura ati: “Ni vyo, Mwami, ariko n’imbwa na zo ziremerewe kurya utuvunguka dukoroka tuva ku meza za ba shebuja.”
28Yesu aca aramubwira: “Mupfasoni, ufise ukwizera gukomeye! Ivyo usavye urabihawe.” Maze ako kanya nyene, umukobwa wiwe aca arakira.
Yesu ahaza abantu ibihumbi bine
29Nuko Yesu ava ngaho, agendagenda ku nkengera y’ikiyaga Galilaya. Hanyuma aduga umusozi, yicaraho. 30Maze abantu isinzi baza aho ari, bazanye abacumbagira, impumyi, ibimuga, ibiragi n’abandi barwayi benshi. Babashira imbere yiwe, na we arabakiza. 31Abantu baratangara cane babonye ibiragi bivuga, abacumbagira bagenda neza, ibimuga bimuguruka, n’impumyi zihumuka. Maze bahimbaza Imana ya Isirayeli.
32Yesu ahamagara abigishwa biwe arababwira ati: “Aba bantu banteye ikigongwe. Tumaranye imisi itatu none raba nta vyokurya basigaranye. Ninabarungika bashonje, bahava bagwira isari mu nzira.”
33Abigishwa biwe baramubaza bati: “None twokura hehe ivyokurya bikwiye abantu bangana gutya muri kano gahinga?”
34Yesu arababaza ati: “Mufise imikate ingahe?”
Nabo baramwishura bati: “Dufise imikate indwi hamwe n’udufi dukeya.”
35Aca abwira abantu ngo bicare hasi. 36Hanyuma afata ya mikate indwi na twa dufi, abishimira Imana, arabimanyagura, hanyuma abiha abigishwa biwe na bo babigaburira ba bantu. 37Bose bararya barahaga, hanyuma abigishwa begeranya ibiseke indwi vyuzuye utumanyu twasigaye. 38Abafunguye uwo musi bari ibihumbi bine, udashizemwo abagore n’abana. 39Yesu amaze gusezera abantu, afata ubwato, aja mu ntara ya Magadani.

Currently Selected:

Matayo 15: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in