YouVersion Logo
Search Icon

Luka 9

9
Yesu arungika bamwe cumi na babiri
1Umusi umwe Yesu yakoranije bamwe cumi na babiri, abaha ububasha bwo kwirukana abadayimoni no gukiza ingwara, 2aca abarungika kwigisha ivy’Ubwami bw’Imana no gukiza abarwaye. 3Arababarira ati: “Ntihagire ikintu na kimwe mujana ku rugendo, yaba inkoni, umufuko, ivyokurya, amahera, canke impuzu yo gukuranya. 4Aho bazobakira, muzogume muri iyo nzu nyene gushika muvuye muri ico gisagara. 5Aho batazobakira, muzokunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kugira ngo bizobabere icagiriji.” 6Nuko baca bafata inzira, baca mu mihana itandukanye, bavuga Ubutumwa Bwiza, bakiza n’abarwaye aho baca hose.
7Herode Antipa avyumvise arazazanirwa, kuko hariho abavuga ngo Yohana Umubatizi yazutse mu bapfuye, 8abandi bakavuga ngo Eliya yabiyeretse, abandi na bo bakibaza ngo ni umwe mu bavugishwa n’Imana ba kera yazutse mu bapfuye. 9Ariko Herode aravuga ati: “Ko Yohana ari jewe namuciye umutwe, uwo we numva ni nde?” Ni ko guca arondera ingene yomubona.
Yesu ahaza abantu ibihumbi bitanu
10Intumwa zigarutse ziganira Yesu ivyo zakoze. Yesu aca ajana na zo baja ahiherereye, aharabana n’igisagara citwa Betesayida, 11ariko abantu barabimenya, baca baramukurikira. Yesu arabakira, aca atangura kubabwira ivy’Ubwami bw’Imana, akiza n’abari bagwaye.
12Bugorovye, bamwe cumi na babiri baza aho Yesu ari bamubwira bati: “Erega rungika aba bantu baje mu bisagara no mu mihana kurondera ivyokurya n’indaro, kuko turi mu gahinga.”
13Arabishura ati: “Nimubagaburire mwebwe nyene.”
Na bo baramubwira bati: “Erega dufise imikate itanu n’ifi zibiri gusa. None ushaka ko tuja gusuma ibikwiye isinzi ry’abantu nk’iri.” 14(Ico gihe hari nk’abagabo ibihumbi bitanu.)
Ariko Yesu abarira abigishwa biwe ati: “Nimubicarike mu migwi ya batanu batanu.” 15Nuko abantu bose baricara. 16Aca afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma arabimanyagura, abihereza abigishwa ngo bagaburire abantu. 17Bose bararya kandi barahaga. Hanyuma Abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vyuzuye utumanyu twasigaye.
Petero yatura ko Yesu ari Kristo
18Umusi umwe Yesu yariko arasenga yiherereye, ari kumwe n’abigishwa biwe. Arababaza ati: “Mbega abantu bavuga ko ndi nde?”
19Baramwishura bati: “Bamwe bavuga ngo uri Yohana Umubatizi, abandi ngo uri Eliya, ariko hari n’abavuga ko uri umwe mu bavugishwa n’Imana ba kera yazutse.”
20Aca arababaza ati: “None mweho muvuga ko ndi nde?”
Petero aramwishura ati: “Uri Kristo yaje ava ku Mana.”
Yesu avuga ku vy’urupfu rwiwe
21Yesu aca arabihaniza ashimitse ngo ntihagire uwo babibwira 22Aca ababwira ati: “Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi, akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe. Kandi azokwicwa hanyuma azuke ku musi ugira gatatu.”
23Yongera kubabwirira bose hamwe ati: “Uwugomba kunkurikira, ni yihebe, yikorere umusaraba wiwe ku musi ku musi, ankurikire. 24Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwubuheba ku bwanje azobukiza. 25Vyomarira iki umuntu kuronka ubutunzi bw’isi bwose ariko akabura ubugingo canke akabwonona? 26Umuntu wese azogira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje, Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera niyagaruka ari mu bwiza bwiwe, mu bwa Data no mu bw’abamarayika biwe bera.
27 Ndababwire ukuri, bamwe mu bo turi kumwe hano ntibazopfa batabonye Ubwami bw’Imana.”
Ugukayangana kwa Yesu
28Haheze nk’imisi umunani Yesu ababwiye ivyo, ahitana Petero, Yohana na Yakobo, baduga ku musozi gusenga. 29Akiriko arasenga, mu maso hiwe hahinduka ukundi, impuzu ziwe zirakayangana, zica ibibatsi. 30Ubwo nyene haboneka abantu babiri: Mose na Eliya, 31bari mu bwiza bw’Imana, batangura kuganira na Yesu, bavugana ingene yari agiye kurangiza igikorwa ciwe mu gupfira i Yerusalemu. 32Petero na bagenziwe bari basinziriye cane; bikanguye babona ubwiza bwa Yesu, na ba bagabo bari bahagararanye na we. 33Mose na Eliya bakiriko baratandukana na Yesu, Petero aramubarira ati: “Mwigisha, bitubereye vyiza kuba hano. Reka tuhashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya.” (Ariko Petero ntiyari azi ivyo ariko aravuga.)
34Akiriko aravuga, igicu kiraza kirabapfuka. Abo bigishwa bagira ubwoba bwinshi igicu kibatwikiriye. 35Maze humvikana ijwi muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje natoranije. Nimumwumvirize!” 36Iryo jwi rihejeje kwumvikana, basanga Yesu asigaye ari wenyene. Ba bigishwa baca barahora, muri iyo misi ntibabwira umuntu n’umwe ivyo babonye.
Yesu akiza umuhungu aboshwe n’impwemu mbi
37Bukeye, bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, abantu isinzi baza gusanganira Yesu. 38Umwe muri abo bantu arasemerera ati: “Ndakwinginze untabarire umuhungu wanje, kuko ndamufise ari umwe. 39Impwemu mbi imufashe, aca atangura gukoma induru, hanyuma ikamujegeza, agaca abimba ifuro mu kanwa. Iramubabaza cane kandi imurekura bigoranye. 40Ninginze abigishwa bawe ngo bayirukane ariko vyabananiye.”
41Yesu aravuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari ndabihanganira? Zana uwo muhungu wawe hano.”
42Bariko baramuzana, ya dayimoni imukubita hasi iramujegeza. Ariko Yesu akankamira iyo mpwemu ihumanye, akiza uwo muhungu, amusubiza se. 43Abari ngaho bose batangazwa cane n’ububasha bukomeye bw’Imana.
Yesu avuga ku vy’urupfu rwiwe ubugira kabiri
Bagitangajwe n’ivyo yari ahejeje gukora, Yesu abwira abigishwa biwe ati: 44“Nimunyumvirize neza kandi mushire umutima ku vyo ngira ndababwire: Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu.” 45Ariko bo ntibatahura ico ababwiye. Insiguro y’ayo majambo yari ihishijwe, bituma batayimenya, kandi batinya no kugira ico babimubazako.
46Maze haduka impari hagati mu bigishwa bashaka kumenya umukuru muri bo. 47Yesu amenye ivyo bariko bariyumvira mu mitima, aca ahamagara umwana mutoya amuhagarika i ruhande yiwe. 48Arababarira ati: “Uwakira umwana muto nk’uwu mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye; kandi uwunyakiriye wese aba yakiriye uwantumye. Uwa nyuma muri mwebwe ni we mukuru muri mwese.”
49Yohana aramubwira ati: “Mwigisha, twabonye umuntu yirukana abadayimoni mw’izina ryawe, duca turamubuza kuko atari kumwe natwe.”
50Yesu aramwishura ati: “Ntimukamubuze, kuko uwutabagwanya aba ari ku ruhande rwanyu.”
Ab’i Samariya banka kwakira Yesu
51Igihe ciwe co kuduzwa mw’ijuru cegereje, Yesu afata ingingo yo kuja i Yerusalemu. 52Aca arungika abamwitangira imbere, baja mu mihana y’i Samariya kugira ngo bamutegurire aho azoshikira. 53Ariko abantu baho banka kumwakira kuko yari ahaciye aja i Yerusalemu. 54Abigishwa biwe Yohana na Yakobo babibonye, babaza Yesu bati: “Mwami, duhamagare umuriro ukoroke uvuye mw’ijuru ubatongore?” 55Yesu aca arahindukira, arabakankamira [ati: “Ntimuzi impwemu ibakoresha iyo ari yo! Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no guhonya abantu, ahubwo yazanywe no kubakiza.”]#9:55 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo. 56Nuko baca baja mu yindi mihana.
Gukurikira Yesu
57Bari mu nzira bagenda, umuntu umwe araza abarira Yesu ati: “Nditeguye kugukurikira aho uja hose.”
58Yesu aramwishura ati: “Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya.”
59Yesu aca abarira uwundi muntu ati: “Nkurikira.”
Ariko wa muntu aramwishura ati: “Mwami, ndeka mbanze ngende mpambe data.”
60Yesu aramubwira ati: “Reka abapfuye bahambe abapfuye babo, ariko wewe genda uvuge ivy’Ubwami bw’Imana.”
61Hanyuma uwundi na we araza avuga ati: “Mwami, ndagukurikira, ariko reka mbanze ngende nsezere umuryango wanje.”
62Yesu aramwishura ati: “Nta muntu araba inyuma ariko ararimisha inka aba abereye Ubwami bw’Imana.”

Currently Selected:

Luka 9: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in