Luka 22
22
Yuda agurisha Yesu
1Umusi Mukuru w’Imikate Itarimwo Umwambiro, ari wo musi wa Pasika wegereje, 2abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe barondera akaryo ko kwica Yesu, ariko batinya abantu. 3Nuko Satani yinjira muri Yuda Isikariyote, umwe muri bamwe cumi na babiri, 4na we aca aja kwumvikana n’abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’abarinzi b’urusengero ingene yobashikiriza Yesu. 5Na bo baranezerwa cane, baca bamwemerera amahera. 6Yuda na we aravyemera, aca atangura kurondera akaryo keza ko kumubashikiriza ata bantu benshi bahari.
Bategura ivyokurya vya Pasika
7Maze Umusi Mukuru w’Imikate Itarimwo Umwambiro urashika, kandi kuri uwo musi bategerezwa gutanga ikimazi c’umwagazi w’intama wa Pasika. 8Yesu abarira Petero na Yohana ati: “Nimugende mudutegurire ivyokurya vya Pasika.”
9Baramubaza bati: “Ni hehe ugomba ko tubitegurira?”
10Arabishura ati: “Mucinjira mu gisagara, muraja guhura n’umuntu yikoreye umubindi w’amazi. Muce mumukurikira gushika mu nzu aja kwinjiramwo, 11hanyuma mubwire nyene urugo muti: ‘Umwigisha arashaka kumenya: Icumba aja gusangiriramwo ivya Pasika n’abigishwa biwe kiri he?’ 12Na we araja kubereka icumba kinini co hejuru, kirimwo ibikenewe vyose. Aho abe ari ho mubitegurira.”
13Nuko baragenda basanga bimeze nk’uko yabibabwiye, maze bategura ivyokurya vya Pasika.
14Isaha ishitse, Yesu n’intumwa ziwe baca baricara, barafungura. 15Yesu arababwira ati: “Nari naripfuje cane gusangira namwe iyi Pasika imbere y’uko mbabazwa. 16Kuko ndabamenyesheje ko ntazosubira kurya iyindi, kugeza insiguro yayo ishikijwe mu Bwami bw’Imana.”
17Nuko afata igikombe, agishimira Imana, ababwira ati: “Nimwakire munywe mwese. 18Kuko ndababwire, sinzosubira kunywa ku muvinyu w’imizabibu, gushika aho Ubwami bw’Imana buzozira.”
19Aca afata n’umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awubahereza avuga ati: “Iki ni ikimenyetso c’umubiri wanje watanzwe ku bwanyu; muzohore mubikora mu kunyibuka.”
20Bahejeje gufungura, agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: “Iki gikombe ni isezerano#22:20 isezerano hagati y’Imana n’abantu bayo rishasha rivuye mu maraso yanje, asesetse ku bwanyu. 21Kandi ehe raba uwugira angurishe twicaranye hano dusangira. 22Umwana w’Umuntu azopfa nk’uko vyanditswe, ariko aragowe uwo muntu amugurishije.” 23Baca batangura kubazanya hagati muri bo uwokwubahuka gukora ivyo.
24Maze haduka impari hagati yabo, bagomba kumenya umukuru muri bo. 25Yesu arababwira ati: “Abami b’Abanyamahanga babatwaza umukazo, kandi ababafiseko ububasha bose bashaka kwitwa abagiraneza. 26Ariko ntimukabe nka bo. Ahubwo uwibaza ko ari mukuru muri mwebwe namere nka mutoya muri mwebwe, kandi umukuru amere nk’umukozi wanyu. 27Mbega hagati y’uwuri ku meza afungura n’umukozi amutegurira imfungurwa ni nde mukuru? Mbega si uwicaye ku meza? Ariko jewe ndi hano muri mwebwe nk’uwubakorera. 28Mwebwe mwagumanye nanje mu bihe vyo kugeragezwa kwanje. 29Nanje ndabahaye Ubwami, nk’uko Data yabumpaye nanje, 30kugira ngo muze murire mwongere munywere ku meza yanje mu Bwami bwanje, kandi muze mwicare ku ntebe z’icubahiro mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.
31 Simoni, Simoni, umviriza! Satani yabasavye kugira ngo abagosore nk’uwugosora ingano. 32Ariko, wewe nagusengeye kugira ngo ntutakaze ukwizera, kandi niwamara kwihana ukangarukako uze ukomeze bene So.”
33Petero aramwishura ati: “Mwami, nditeguye kujana nawe no gushika mw’ibohero, mbere no gupfana na we.”
34Yesu aramubwira ati: “Petero, ndakubwire ukuri, isake itarabika uzoba umaze kunyihakana gatatu kose uvuga ko utanzi.”
35Yesu aca arababaza ati: “Igihe nabarungika ata saho, ata mufuko canke ibirato, hari ico mwakenye?”
Baramwishura bati: “Nta na kimwe.”
36Aca arababwira ati: “Ubu rero uwufise amahera mu mufuko nayibangikanye, uwufise isakoshi ayitore, kandi n’uwudafise inkota agurishe umutamana wiwe ayigure. 37Ndababwire, iri jambo ryavugishijwe kuri jewe ngo: ‘Yafashwe nk’umwe mu bagarariji,’#22:37 Yesaya 53:12 ritegerezwa gushika. Ni ukuri, ivyanditswe kuri jewe bigira bishike.”
38Abigishwa biwe baramubwira bati: “Mwami, ehe turafise inkota zibiri.”
Arabishura ati: “Izo ziramaze.”
Yesu asengera ku Musozi wa Elayono
39Hanyuma Yesu aca ajana n’abigishwa biwe ku Musozi wa Elayono nk’uko yari asanzwe abigenza. 40Bashitseho, Yesu arababwira ati: “Nimusenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa.” 41Aca yigira kure gato nk’aho umuntu yotera ibuye, arapfukama arasenga ati: 42“Data, ubigomvye, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.” 43Maze umumarayika aramwiyereka avuye mw’ijuru, amwongera inkomezi. 44Nuko arasenga cane, yuzuye umubabaro mwinshi, icuya ciwe gicika nk’amama y’amaraso atonyangira hasi.
45Yunamutse ahejeje gusenga, asubira aho ba bigishwa biwe bari bari, asanga barasinziriye, baremerewe n’umubabaro. 46Arababaza ati: “Ni kuki musinziriye? Nimuvyuke, musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa.”
Bafata Yesu
47Yesu akiriko aravuga, haca haza isinzi ry’abantu, barongowe na Yuda, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri. Nuko yegera Yesu, aramusoma. 48Yesu aramubwira ati: “Yuda, ugurishije Umwana w’Umuntu mu kumusoma?”
49Abigishwa ba Yesu babonye ibigira bibe baramubaza bati: “Mwami, tubivune na za nkota?” 50Umwe muri bo aca akubita inkota umukozi w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi kw’i buryo.
51Yesu aca arasemerera ati: “Geza aho, biramaze!” Yesu aca akora kuri kwa gutwi, aramukiza.
52Yesu aca abwira abaherezi bakuru, abarinzi b’urusengero n’abatware bari baje kumufata, ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri? 53Imisi yose namana namwe mu rusengero, ntimwigeze mumfata. Ariko noneho igihe canyu ni iki; umwijima ugira uganze.”
Petero yihakana Yesu
54Nuko baramufata bamutwara mu rugo rw’umuherezi mukuru. Petero na we arabakurikira agendera kure inyuma yabo. 55Ariko bamaze gushika mu rugo bagacana umuriro bakicara, Petero na we yaciye yicarana na bo. 56Maze incoreke imwe iramubona ariko arota. Iramwihweza, ica ivuga iti: “Uwu mugabo yari kumwe na Yesu.”
57Ariko arabihakana, abwira uwo mugore ati: “Haba na mba, sindanamuzi!”
58Haciye akanya, uwundi muntu aramubona, avuga ati: “Na wewe uri umwe muri bo.”
Petero yishura uwo muntu ati: “Eka sindi kumwe na bo.”
59Haciye nk’isaha, uwundi muntu arabishimangira ati: “Ni ivy’ukuri uwu yari kumwe na Yesu, kuko ava i Galilaya.”
60Petero yishura uwo muntu ati: “Sinzi n’ivyo uriko uravuga.” Akiriko aravuga, isake ica irabika. 61Umwami Yesu aca arahindukira, araba Petero mu maso. Petero na we aca yibuka ya majambo Yesu yari yamubwiye ati: “Uno musi nyene, isake itarabika, uza kuba umaze kunyihakana gatatu.” 62Petero aca asohoka hanze, araturikisha ararira.
Abarinzi b’urusengero bacokora Yesu
63Maze abagabo bari bamurinze batangura kumucokora no kumukubita. 64Bamupfunga igitambara mu maso, bamubwira bati: “Vugishwa! Ni nde agukubise?” 65Bongera bamubwira n’ayandi majambo menshi yo kumutuka.
Yesu ajanwa kwa Pilato no kwa Herode
66Bukeye, inama nkuru y’abatwara ubwo bwoko irakorana, irimwo abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe, maze Yesu ajanwa imbere yabo. 67Baramubaza bati: “Tubwire! Uri Kristo?”
Yesu arabishura ati: “Naho nobibabwira ntimwovyemera, 68kandi nobabaza ikibazo ntimwonyishura. 69Ariko kuva ubu Umwana w’Umuntu agiye kwicara i buryo bw’Imana y’ububasha.”
70Bose baramubaza bati: “Ugomvye kuvuga rero ko uri Umwana w’Imana?”
Na we arishura ati: “Muvuze ukuri, ndi we.”
71Baca bavuga bati: “None hari ibindi vyabona dukeneye? Ntituvyiyumviye bimwiviriye mu kanwa?”
Currently Selected:
Luka 22: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.