YouVersion Logo
Search Icon

Luka 14

14
Yesu akiza umuntu kw’Isabato
1Umusi umwe, hari kw’Isabato, Yesu aja kuzimanwa mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarisayo, kandi abari ngaho bose bari bamuhanze amaso, bamugenza. 2Imbere yiwe hari umugabo arwaye ingwara yo kuvyimba umubiri. 3Yesu abaza Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe ati: “Mbega biremewe gukiza umuntu ku musi w’Isabato?” 4Ariko ntibagira ico bamwishura. Maze Yesu aca amukorako, aramukiza, aramurungika arigira.
5Aca ababaza ati: “Ni nde muri mwebwe yoba afise umwana akagwa mu kinogo ntamukureyo, canke inka yiwe ikagwayo ntayikureyo, ngo ni uko ari ku musi w’Isabato?” 6Na ho nyene ntibashobora kuronka ico bamwishura.
7Yesu abonye ukuntu abatumire bahitamwo ivyicaro vy’imbere, aca abacira umugani ati: 8“Nibagutumira mu bukwe, ntuze uhitemwo icicaro c’imbere, kuko bishoboka ko hari uwugusumvya icubahiro yatumiwe. 9Muri ico gihe, nyene urubanza azoza akubwire ati: ‘Mubise yicare.’ Maze uzogenda uramaramara kwicara mu kibanza c’inyuma ya bose. 10Ariko nibagutumira, uze uhitemwo icicaro c’inyuma kugira ngo nyene urubanza abe ari we aza akubwire ati: ‘Mugenzi, kaze mu cicaro c’imbere.’ Ico gihe uzoba utewe iteka imbere y’abandi batumire bose. 11Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”
12Yesu aca abarira uwamutumiye ati: “Niwategura umusi mukuru, ntuze utumire abagenzi, abavukanyi, incuti, canke ababanyi batunze. Kuko na bo bazogutumira, maze impera yawe ibe iyo. 13Ahubwo niwategura umusi mukuru, uze utumire abakene, ibimuga, abacumbagira n’impumyi. 14Aho ni ho uzohezagirwa. Naho badashobora kubikwishura, Imana izobiguhembera mw’izuka ry’abagororotsi.”
Umugani w’abatumiwe ku musi mukuru
15Umwe mu bari ngaho ahejeje kwumva ayo majambo, aca abarira Yesu ati: “Harahiriwe uwuzofungura ku mazimano yo mu Bwami bw’Imana.”
16Yesu aramwishura ati: “Habaye umuntu yateguye umusi mukuru, atumira abantu benshi. 17Igihe co kuzimana kigeze, atuma umukozi wiwe kubwira abatumire ati: ‘Nimuze, vyose vyatunganye.’
18 Ariko bose baca batangura kwerekana ibibafatiriye bituma batoza. Uwa mbere ati: ‘Unyihanganire, mpejeje kugura itongo, ngira nje kuriraba.’
19 Uwundi na we ati: ‘Ndakwingize umbabarire, naguze inka cumi zirima, ngiye gusuzuma ko zikora neza.’
20 Uwundi na we ati: ‘Sinshobora kuza kuko narongoye.’
21 Wa mukozi aragaruka abwira shebuja ingene vyagenze. Maze na we arashavura cane, aca amubwira ati: ‘Genda mu mabarabara no mu mayira yo mu gisagara, uzane abakene, abacumbagira, impumyi, hamwe n’ibimuga.’
22 Ahejeje kubikora, wa mukozi abwira shebuja ati: ‘Databuja, ivyo wantumye nabikoze, ariko haracasigaye ibibanza bigaragara.’
23 Shebuja aramubarira ati: ‘Genda mu mayira y’inyuma y’igisagara no mu mirombero, ugobere abantu baze kugira ngo inzu yanje yuzure. 24Ndababwire ukuri, nta n’umwe mu bo nari natumiye ubwa mbere aja no kwumviriza ku mazimano yanje.’ ”
Ikiguzi co gukurikira Yesu
25Yesu ari mu nzira agenda, hari isinzi ry’abantu bari bamukurikiye. Maze Yesu, arahindukira ababwira ati: 26“Uwugomba kunkurikira ariko ntiyanke se, canke nyina, canke umugore wiwe, canke abana, canke abo bavukana, ndetse n’ubuzima bwiwe na bwo, ntashobora kuba umwigishwa wanje. 27Kandi uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
28 Ni nde muri mwebwe agomvye kwubaka igorofa, atobanza kwicara ngo aharure neza ko afise ivyo kuyuzuza? 29Kuko niyamara kwubaka umushinge hanyuma ntashobore kuyuzuza, abazoyibona bose bazomutwenga, 30bivugire bati: ‘Uwu muntu yatanguye kwubaka inzu ntiyashobora kuyuzuza.’
31 Canke, mbega umwami afise abasoda ibihumbi cumi atewe n’uwundi mwami afise abasoda ibihumbi mirongo ibiri, ntiyobanza kwicara akaraba neza ko yoshobora kugwanya uwo mwami amuteye? 32Abonye ko atoshobora kumugwanya, aca arungika intumwa ku wumuteye akiri kure, kugira ngo babaze ivyotuma babana amahoro. 33Nuko rero, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivyiwe vyose, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
34 Umunyu ni ngirakamaro. Ariko iyo umaze gutakaza uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? 35Nta co uba ukimarira ivu canke umwavu wo muri nyabarega; haba hasigaye kuwuta hanze.
Uwufise amatwi yo kwumva niyumve!”

Currently Selected:

Luka 14: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in